IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe abiri yagarukiye ku baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya (...)

Amashirahamwe abiri yagarukiye ku baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura

vendredi 21 Ruhuhuma 2014

Ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) riri kumwe na sendika y’abadandaza SYGECO (Syndicat Général des Commerçants ) batanze ingurane ingana n’imiriyoni cumi n’ibihumbi amajana atanu z’amafaranga y’amarundi (10500000 Frs Bu), ku badandaza 26 bakenye kurusha abandi, mu baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura.

Abadandaza 26 baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura bagizwe n’abagore, abagabo, kuri uno munsi wa gatanu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma baronkejwe ingurane ingana n’imiriyoni cumi n’ibihumbi amajana atanu z’amafaranga y’amarundi. Iyo ngurane ikaba yatanzwe n’ishirahamwe FOCODE ifadikanije na sendika y’abadandaza SYGECO. Pacifique Ninihazwe arongoye ishirahamwe FOCODE amenyesha ko yateye akamo kugira ababishoboye bose bagarukire ku baburiye ibintu vyabo mw’isoko nkuru, ako kamo kakaba kitabwe ubwa mbere n’abarundi baba mu gihugu ca Suède. Muri FOCODE bakaba bashimye gucisha iyo mfashanyo muri SYGECO, kuko ariryo shirahamwe riserukira abadandaza mu Burundi. Pacifique Ninihazwe akaba yasavye abo badandaza ko bokoresha neza cane iyo ngurane, kugira n’abandi baze baronke. Bamwe mu baronse iyo mfashanyo bashimiye cane ayo mashirahamwe yabagarukiyeko.

PNG - 857.1 ko
Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE, rimwe muri ayo mashirahamwe abiri yagarukiye kuri abo banyagihugu bahuye n’ivyago

Tharcisse Hakizimana hamwe na Mukashaka Béatrice, bari mubaronse iyo ngurane, baremeza ko kuva isoko nkuru ya Bujumbura isha ata muntu n’umwe yari bwiyumvire kubagarukirako, bakavuga ko iyo isoko yari gusha bari baramaze gushinga ico kigega co gufashanya ca SYGECO, imfashanyo ntiziba zaragiye amazimayongo canke zigaca ahatariho.

Amafaranga agera ku miriyoni zine n’ibihumbi amajana umunani z’amarundi (4800.000 Frs Bu) akaba ariyo yatanzwe n’abarundi baba mu gihugu ca Suède, ayandi imiriyoni zitanu n’ibihumbi amajana indwi z’amarundi (5700000 Frs Bu) akaba yatanzwe na sendika SYGECO. Ayo yatanzwe na SYGECO akaba yavuye muri kigega abadandaza bashizeho kugira baze barafashanya ubwabo (fonds de solidarité mutuelle), aho umudadandaza wese atanga ku kwezi amafaranga ibihumbi mirongo ibiri vy’amarundi (20000 Frs Bu). Icumi na batandatu muri abo badandaza baronse umwe umwe ingurane y’ibihumbi amajana atanu vy’amarundi (500000 Frs Bu), umunani nabo baronka ingurane y’ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu y’amarundi (250000 Frs Bu). Iyo ngurane bose bazoheza kuyisubiza mu myaka ibiri (amezi 24).


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.