IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igikorwa ca Said Djinnit kiranegurwa n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya (...)

Igikorwa ca Said Djinnit kiranegurwa n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike

mercredi 10 Ruheshi 2015

Amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike amenyesha ko adashima uko Said Djinnit,intumnwa idasanzwe ya ONU mu karere k’ibiyaga binini ariko ararongora ibiganiro bihuza abarundi.

Nk’uko vyashikirijwe na Petero Kraveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH kw’iradiyo y’abongereza BBC,intumwa idasanzwe ya ONU Said Djinnit mu bikorwa vyayo irerekana ko ihengamiye ku ruhande rwa Reta.

Petero Karaveri Mbonimpa,yabivuze yishimikije ko mu gihe bari mu biganiro,Said Djinnit akorera cane ku bishikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu,aserukira Reta muri ivyo biganiro.

Ku bwa Petero Karaveri Mbonimpa,Said Djinnit yarashikirije icegeranyo c’ibiganiro mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko kandi ico cegeranyo batacumvikanyeko,mbere n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike akaba atitavye iyo nama.

Ivyo vyose bikerekana ko Said Djinnit yumviye Reta y’Uburundi,mu gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yasavye ko icegeranyo coja ahabona inyuma y’inama yabereye I Dar-Es-Salaam.

Ku bijanye no kumenya igituma amashirahamwe avuga ko adaharanira ivyicaro vya politike ari mu ba mbere biyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,Petero Karaveri Mbonimpa yavuze ko bobo bashaka kuvugira abanyagihugu,ntibazohave basanga bariko batwarwa nk’abaja mu kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Abanyagihuguntavyotwamutumye

  • ewe mbonimpa harageze ahoamakungu abatwenga nonemwebwe mugomba ivyiyumviro vyanyu abarivyo akorerako inamayidaresarama ngontacavuyemwo none niyontumwa kandi idasanzwe ngoirahengamye!

  • iyo umuntu ugomba guhuza abantu aterezwa uwudahengamye

  • umuhuza yumvikanwe ko n’impande zose niwe yarakenewe kugira haboneke umuti w’ico kibazo.

  • Mbonimpa ndamutahura kuko uwo ashobora kuba yarakoze amahano mugihugu mubihe bibi igihugu caciyemwo ,mbega uwo ntiyabanye na Ntayani mbega suw’IKARUNGURA turakuzi rero reka kuvuga ngo muvugir’abantu,mbega muzovugira abo muriko muraturira? Erega mwene wanyu ubu numusazi kuberivyo mwakoze.

  • Abarundi barazi amayeri menshi.
    Vyari bisanzwe bizwi ko bazoguma bigenza nk’ umwana ahiye mu kwaha kugira
    bikunde bahunge amatora. Barazi ko ata majwi bafise.
    E mama ngo NKURUNZIZA, UMUHUZA, CENI, IMBONERAKURE, AMARADIYO, IBIGWANISHO, ABAHUNZE ......sinzi n’ aho twobikwiza.
    Amakungu azotinda abona ko aba bantu ari aba comédiens bariko bakina NINDE!!

  • ariko gawambwawe wovuga kuharanira agateka kazinamuntu gute kandi wirigwa urabaturirira mwibarabara? abandi mwirigwa murabakwegera mwibarabara. ubunaho mugeze muri politike, muvuga ngo ntimuharanira ivya politike. mwananiwe nimugende. aba dd dufise igisoda kudukurako ntimugeza.

  • @ minani evariste ariko ngirango iburundi ntamwere abayo

  • wewe wiyita kuri ahubwo uri kinyoma caminuje mwe na minani evaliste. rindira nkurunziza mwama muhayagiza kuko abakingiye kumabi namaroregwa mwirigwa murakora jew ndabarahiye mukagenda mudakomeye amashi uwomushingantahe mponimpa ngo abavugire umusi iyodayimoni yanyu izoba atajambo igifise muzongaye nambamutazoba mwiyahuye bamwubaha abantu bumutima ukunda abantu nuburundi.

  • Mutamo Irambire,ukuri Kuravugwa.

  • Mbonimpa ari gusaza nabi. Njye mperuka avugira aba Putschistes. Sinzi impamvu ahubwo yidegembya. Wagira ngo hari icyo apfana n’ingunzu

  • Munegura ,mushima,ntaco muzohindura,je sinumva ingene duta umwanya tbumviriza,ntimushaka amatora ariko mwitegure kumaramara,on ne laissera personne kudusubiza inyuma!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.