IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe adashigikiye ukwitoza kwa Petero Nkurunziza yandikiye Ban Ki (...)

Amashirahamwe adashigikiye ukwitoza kwa Petero Nkurunziza yandikiye Ban Ki Moon

jeudi 16 Ndamukiza 2015, par Egide N

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ari mw’isekeza ry’uguhagarika ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko umutekano muke urangwa mu gihugu muri iyi minsi y’ukwitegurira amatora, ariwo watumye ayo mashirahamwe yandikira urwego rwa ONU rujejwe umutekano, hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kugira basabe ko amakungu yotobara.

Vital Nshimirimana, umukuru w’urunani FORSC, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko ayo mashirahamwe yandikiye urwego rwa ONU rujejwe umutekano, hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, atangazwa n’ingene igisirikare kirungikwa kugarukana amahoro n’umutekano mu bindi bihugu, ariko kikananirwa n’ukwaka ibirwanisho Imbonerakure ku mitumba yo mu Burundi.
Kubwa Vital Nshimirimana, abasirikare namba bitabananiye boba badashaka kubikora, akavuga ko muri ayo mashirahamwe badashobora kwemera kurindira ko inganda zitikira, abatabara baze amazi yarenze inkombe.

JPEG - 15.9 ko
Vital Nshimirimana, umukuru w’urunani FORSC

Nk’uko vyashikirijwe na Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH, nawe nyene yari mu kiganiro c’ayo mashirahamwe ari mw’isekeza ry’uguhagarika ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, bamusavye kudahirahira yitoza namba adakeneye kwugurura umucanwa. Petero Karaveri Mbonimpa ati : "Umunsi azovuga ko yitoje, niwo munsi tuzoca twihereza amabarabara, dukazohamagara n’abantu badukurikire."
Ayo mashirahamwe amenyesha ko Uburundi buri ku manga, ari naco gituma urwego rwa ONU rujejwe umutekano rutegerezwa gukorana n’izindi nzego mpuzamakungu, kugira bakinge ibibi vyose vyokwaduka.

Tubamenyeshe ko mw’ikete ayo mashirahamwe yandikiye urwego rwa ONU rujejwe umutekano, hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yerekanye ko hageze ko amakungu atabara, n’ingene urwaruka rw’imbonerakure rugisibije mu Burundi inzego za gisirikare n’igiporisi zirorera. Ayo mashirahamwe agasaba ko hofatwa ingingo zikomeye zo gutabara abarundi mu gihe biboneka cane ko umutekano wabo ugiye kubangamirwa cane n’Imbonerakure za CNDD FDD.
Nk’uko bivugwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE, rimwe muri ayo mashirahamwe agize urunani rwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, basaba inama nkuru y’umutekano gutanguza n’ingoga ico bita "responsabilité à protéger". Muri iyo ntumbero, ayo mashirahamwe asaba ko hofatwa ingingo zibiri bita Résolution. Iya mbere yoba ico gutegeka igisirikare c’Uburundi kwaka vuba bwango ibirwanisho vyose biri mu minwe y’Imbonerakure, gutegeka ironderwa n’ifatwa ry’abarongoye imbonerakure, gutegeka igisirikare c’Uburundi kwaka ibirwanisho umuntu wese canke umurwi wose ubifise utabifitiye uruhusha.

Mu ngingo (Résolution) ya kabiri, ayo mashirahamwe asaba ko horungikwa ingabo za ONU mu Burundi kugira bakinge hakiri kare ko hakorwa ivyaha vy’agahomerabunwa, ihonywa ry’abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi canke ihonyabwoko.

Ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yandikiye urwego rwa ONU rujejwe umutekano, hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ni FORSC, Fontaine ISOKO, Ligue ITEKA, SPPDF, APRODH, ACAT Burundi, FOCODE, PARCEM, AREDDHO, RCP, Sendicat STEB, OAG, AJMA, RUHUKA BANA, MM, AJCB, CHOUIFE, AMINA, AREVIE, Biraturaba, AAN, ACOPEC, ATV, CB.CPI.


Egide Nduwimana

Messages

  • nimureke kwitwenga kimuna abarundi musogaye mumufata nkabus itwarabantu canke tax iyomuyikeneye muyikayishirizahigeze nawe musigaye mumwandikira ntimwibazeko kimuna ariwe azomaringorane zabarundi ahubwo arabatwenga musigaye mumeze nkabana uzawumvango ndakurega muratwengeje

  • nimureke kwitwenga kimuna abarundi musogaye mumufata nkabus itwarabantu canke tax iyomuyikeneye muyikatishirizahigeze nawe musigaye mumwandikira ntimwibazeko kimuna ariwe azomaringorane zabarundi ahubwo arabatwenga musigaye mumeze nkabana uzawumvango ndakurega muratwengeje

  • nimureke kwitamuvyagisoda mbonimpa murashitse mukabona abosoda mubakuyehanze nivyahuha birahuhutse ndaziko mutazoryakabiri bakubona kandi mwebwe ntategeko mufise ryogukuringabo hanze avyomukinavyonse ntimukune kugisoda kina portiqwe yanyuneza vyabananiye mureke kiregana nkinzoya ubuturabonako arimwe muriko mushaka gutigihugu mimanga muvugivyiwanyu ninyungu ziwanyu kandubu abanyagihugu turatahura iryobarabara murijane jendumushoferi mwaraduhenze tuvuzamahini baciye cumi umwanaraburara nanacumi wampaye abokwasinduhije barapfunzwe nubuntibaravayo muvugirahomuri turabisavye ivyibiringo nimubivugane ukundi

  • Bigenda gute ngo aya mashirahamwe yooose adaharanira ivyicaro vya poritike uko ari 25 yandike kandi asinye ikete nk’iri ata hantu na hamwe bavuzemwo ikibazo c’impunzi z’abarundi ziheruka guhungira mu Rwanda kubera imbonerakure ??? Nta n’uwasavye ko zotahukanwa mu Burundi le plus rapidement possible. Oya kabisa abarundi turikunda, kandi ico nico kizotuma tudatera imbere haba muri demokarasi, haba mw’iterambere canke mubijanye n’agateka ka zina muntu. Ndumiwe pe!

  • Murakoze neza cane hakagira ikiba hama Onu ntitabare twebwe canke jew nkumurundi nzokwitwarira iyo kuko mumaze kuyiburira koo tudashobora kurore canke kurindira bibe nka Genocide yo rwanda murakoze imana ibahezagire.

  • HAAA ! IVYO BAMUBWIYE NI VYO KUKO IGIHUGU KIGEZE AHATEMBA.NTIBODUTABASA GA YEMWE !!

  • Jewe sinkunda kugira aho mpengamiye. Mugabo abateye umukono kuri ico candiko Bakwiye kuza barabanza gusoma neza kuko boshobora gusanga bakanyanze ibwirizwa nshigiro. Mu bantu bahawe urwo rwete kugira babimenyeshwe mu gihugu hagati , banditse ngo:

    Mr le Deuxième président de la république du burundi!?

    Nukuvuga iki? Igihugu gitwarwa n’abagabo babiri?

    Bari bakwiye kubanza gusaba uwacanditse, canke secretariat igakosora bagaca basinya. Mbere twese washaka tugasinya. Tureke gutwara n’ibisho bisho rero dukora ibintu gihuti huti.

  • kwandika nivyiza ariko namwe vahasi mwigwanire onu mwibagiye ko yama iza ibiyagara vyayagaye ivyo nivyo murindiriye murindira kandi nkuruziza atariko ararindira ? haguruka tangamahera namwe murondre ibigwanisho niyawatsa tuwumuzimirize ko mushaka mwibaza ko muzomugwanya numunwa gusa barundi barundikazi ndabasavye ntihagire umuntu asubira kumpfa yishwe kubera ubwoba bwabatekeye izobonerakure ziwe ntanumusi umwe wokuzigwanya kura ubwoba bishe namwe ica bava amaraso nabone bashaka tubane base tubankire natwe komera

  • @Kibwa ca Ntare
    - Son Excellence Monsieur le deuxieme President de la Republique du Burundi -

    Aho rero wibaza ko abavyanditse batabikoze babibona, ni wewe ufise un probleme, canke nyene ni wewe woba ugwaye amaso k’umugani w’umu artiste araho.

  • Nashaka gukebura aba bagabo bandikiye UN Security Council na Ban Ki-Moon. Mwibuke neza ko ONU ifata uburundi nk’inkihugu cikukiye; ibibazo vyose uburundi bufise bitegerezwa gukemurwa n’abarundi bo nyene. Uwo mwanya mukoresha mwandika amakete adakenewe, mwari mukwiye kuwukoresha munywanisha bene gihugu, mubatumira kwitaba amatora yimirije, kandi ko boyitaba imitima iri mu nda, mu mutekano ku neza y’uburundi n’abarundi bose.

  • mukore neza mudafite ubwoba nkuru nasohora AMASUKA twebwe tuzasohora AMASASU tubatabare. MU7 yavuzeko ubu dufite imbaraga zihagije zo kwirwanaho. petero rero uti subiza amerwe mw’isaho kuko umugambi wa KAYIBANDA na HABYARIMANA avuyeho utawurangije

  • @turugwane
    Sha ubwo wewe uri umututsi,nimba uri we uri muri bamwe bo muri nord micombero atashira mu gitigir!Wewe ntubona ko ivyurugamba uvuga ko atawukwishura kubera abatutsi ivyo vy’ibigwanisho uvuga babihejeje kera wewe sinzi iyo waruri,nibo barara baterubwoba ba batutsi bo mu kirundo ngo bahunge,bakavyitirira imbonerakure,ewe uri umututsi winyuma kweli,ibigwanisho barujuje mu mazu ni wewe usigaye!!!!kumbura ugnde uronder gwawe!!

  • Vyukuri mwibagira ningoga mukunda buyoya yabamaze ivyo muvuga ibigwanisho urya yarashe umukozi wiwe mugihosha nimbonerakure?Muhisha ugwenge amashirahamwe nimwe muriko mwigisha ubwicanyi abanyagihugu muragabe pe ntituzobihanganira nagato.

  • Ayo mashirahamwe aho kurondera ingene abiri muri Africa yepfo bavayo muvuga ibigwanisho ni mwe mubifise mu kavyegeka kumbonerakure abarundi ntiduhendwe niyo mihimbiri yamenyeye kunyaga ngo na mashirahamwe abarundi turabateye ivyatsi turabiyamirije igihe Buyoya yica abantu nta mashirahamwe yabavugira yarahari kwatanijambo ryishirahamwe ryavugwa amarempentanya iwanyu apana mugihugu muhejeje guteranya muri kunywa inzoga mukavuga yamuhe ngo twabateranije asha ntibadushoboue mwanguha ntantambwe muzoduterana pe.

  • nasaba abarundi bose kotwosengera igihugu cacu kubiriko biraba kuko imana yarashavuye cane kuko kare twayisenga5 kumunsi ubu tukaba tuyisenga1gusa kuko icotwahora tuyisaba yakiduhaye tuca tuyihu mugongo twirukira ifranga ninda nayo turayibagira nitutikebuka tukayisaba imbabazi irasubira kudutwara ivyo yariyaduhaye dusubire kwiruka

  • mbonimpa murijane mwenyene muzico muhiga twebwe twarahimvye igwano ukotwase ubwambere nikotuzokwanka tearitavye akamo kamahoni nimudusubizaryamahera baduciye mwigumiye muhira rabanabanyeshure bakamazemwo imisi nine uwuzohwera uzobabara?ushitsahukeneye uzovugati turahijeje abaruguyemwo abapfakazi uzobahiki nintsno tuzosiga ahubwovyiza jamubanyagihugu mwigishe ntitumutore niyonziranziza irashe nayahandi murijanekweri hamazegufatwabeshi kuva mutanguje ayomasekeza twemeye kubicisha mumatora

  • ndasavye ikinyamakuru igihe nicabatahocegamiye vyukuri gishirahabona izongingo zomwobwirizwashingiro mukirundi tuzisimere kuko twebwe muratubaza tukishura nivyo tutazi hanyuma twibonere ukuri ndabibasavye shimitse dukeneye izongigo batumvikanako muzidudhirireko ukozanditse muvugemuti ingingo yuku ivuga guku gushika kuziterompari zise murakoze muzobamutabaye abenegihugu kurushhabandi

  • Vital,tugire Imana,turase Abarundi,humura Yesu,nimuzima Ntute Abantu Mumanga,ubu Antu Baratahura,impanuro,.Akira Aborongoye Ayomashirahamwe Uvuze,muje Mwibarabara,wibuke FARAO,

  • @kagabo
    yewe uracavuga,ngo bafashe abo muri afrique du sud!Raba benshi abaribo,n’imyungu ya rwa ruyuzi,bazi kwonona aho bari nayo kugira ico bikura jamais,bakongera bagakunda no kurya ivyo batabiriye akuya,bo babwira abantu ngo baje mu mabarabara ngo bapfe,urwo rupfu ko ari rwiza ko bo batoja imbere!Burya ndagutere inkuru,bizeye ko twebwe abahutu tuja imbere dupfe bace bajja ku maradiyo ngo nta macakubiri akiri i burundi ngo nabapfuye ni abahutu,mwe ntimubonako bariko bakora ibishoboka vyose ngo bazogende bihaya ngo amacakubiri twarayakuye,ibidasaba amahera ni aba mbere,nk’ivyo vyo muri afrique du sud bose ni cwe!!!Tu parles,Vitali,sinibaza ko n’umugore wiwe aronka aka ration gakwiye,ba ba mineurs nabo yirigwa yonona,ce pervers sinumva ingene abandanya ngo ni représentant w’abandi!Ubwo abavyeyi bafise abakobwa barabizi ashurashuza ubwana bugifise amata ku matama aduhendesha uduhera tutanafadika,ngo bokwikura amahera!!!!

  • VITAL,RABA MUGWENGEZO AGIRA YIJIRE IMPIMBA,EJO UZINDUKE KUKARANGURA,NAWE,REKA GUKOKEZA ABARUNDI,AMAKUNGU AZOKWIGARAMA,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.