IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe azocungera amatora y’2015 yipfuza gukorera hamwe

Amashirahamwe azocungera amatora y’2015 yipfuza gukorera hamwe

jeudi 27 Ruhuhuma 2014

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yipfuza kuzokorera hamwe mu bikorwa vyo gukurikiranira hamwe amatora yo mu mwaka w’2015, kugira bazoshobore guhuriza ku cegeranyo kimwe inyuma y’amatora, ari navyo bizotuma ata migambwe isubira kumenyesha ko amatora yibwe.

Iyo amatora yegereje, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike aragira uruhara rukomeye mu myiteguro, ari naco gituma vyari bikwiye ko ayo mashirahamwe aja hamwe kugira yumvikane ku vyokorwa n’abobikora. Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) amenyesha ko inama batunganije, bari kumwe n’urunani COSOME (Coalition de la Societé Civile pour le Monitoring des Elections), ari iyo kurabira hamwe ingene amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yakurikiranye amatora yo mu mwaka w’2010, utunenge twibonekeje, hamwe n’icokorwa mu ntumbero yo kwitegurira hakiri kare ayo mu mwaka w’2015.

JPEG - 741.2 ko
Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE

Pacifique Nininahazwe amenyesha ko n’aho amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike yagize uruhara mu matora yo mu mwaka w’2010, urwo ruhara rwaragize aho rugarukira, kuko hageze aho imigambwe yikura muri ayo matora, mu gushikiriza ko yibwe. Ayo mashirahamwe ntiyashoboye kwerekana namba ivyo vyavuzwe n’iyo migambwe vyarivyo canke bitarivyo. Umurwi CENI utegura amatora wari ufise ibiharuro, amashirahamwe yakurikiranye ayo matora nayo akagira ibindi. Mu gihe abarorerezi bo muri ayo mashirahamwe barenga ibihumbi umunani, ariko ntibashobore gukwira igihugu cose, Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE amenyesha ko bipfuza gukorera hamwe mu matora yo mu mwaka w’2015, bitunganye ku buryo mu biro vy’amatora mu gihugu cose hazoba hari abarorerezi bo muri ayo mashirahamwe, ivyo navyo bikazofasha mu kwemeza ibiharuro bizoba vyatanzwe n’umurwi utegura amatora mu Burundi CENI (Commission Nationale Electorale Indépendante).

Mw’ishirahamwe FOCODE bamenyesha ko ibigiye kurangurwa muri kino kiringo ari uguhimiriza abanyagihugu kuja kwiyandikisha kugira bashobore kuzoroshwa amakarata karangamuntu, hamwe n’ukubigisha ibijanye n’amatora.

JPEG - 34.4 ko
Iyo nama yari yatunganijwe n’ishirahamwe FOCODE riri kumwe n’urunani COSOME

Egide Nduwimana

Messages

  • muburundi amatora ntazogenda neza hakirumunta edouard nduwimana ajejwe gucagagura imigabwe naho mwoyagarikira gute.bayivye muzokora iki?konubindege yarizanyamarata yamatora ikiri hejur yikirere cazambia.hakiriryoterabwob rikorerwabatavuga rumwenalet

  • Amatora azoba meza cane,kurya kwa2010,uwuzotogwa abarundi turamuzi,ntakumwihendako.wewe SIVYUBU ntujuragirike,amatora azoba neza cane.

  • Twebwe tutagira aho twegamiye dusavye ko umurundi wese w’umutima yokora ashira imbere ineza y’gihugu. Birateye isoni iyo twisamburirako. Rero ku bemera sabe kugira Uhoraho aje imbere abarondera ineza y’igihugu, atambame imbere y’abarondera ikibi nka ya nkingi yahagarara imbere ya faraoni n’ingabo ziwe, agahugu kacu dukunda kogorore, kabeho nk’ibindi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.