Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Amatati yavutse ku ruzi rwa Nile
 Amatati yavutse ku ruzi rwa Nile
 Amatati yavutse ku ruzi rwa Nile
				
				vendredi 14 Ruheshi 2013
Inama nshingamateka y’igihugu ca Etiyopiya yahinduye amasezerano yashizweko umukono mu gihe ico gihugu kitari bwikukire, ayo masezerano akaba yaha ibihugu vya Misiri na Sudani uburenganzira bwo gukoresha amazi menshi y’uruzi rwa Nile.
Leta ya Etiyopiya ivuga ko ayo masezerano atagihuye n’igihe tugezemwo.
Iki cemezo cashavuje rwose Misiri yari imaze iminsi ibabajwe n’imigambi ya Etiyopiya yo kwubaka urugomero rushasha. Abategetsi b’i Cayiro bavuga ko uwo mugambi uzogabanya amazi ya Nile yinjira mu gihugu cya Misiri ndetse hari abanyapolitiki bo mu Misiri batanze iciyumviro co gusenyura urwo rugomero.
Umushikiranganji wo gufashanya n’ibindi bihugu wa Misiri aritezwe i Addis Abbeba kuvugana n’abategetsi ba Etiyopiya kuri ico kibazo.
Aristide Nizigire
