IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bukwiye gushiraho amategeko akingira abaharanira agateka ka zina (...)

Uburundi bukwiye gushiraho amategeko akingira abaharanira agateka ka zina muntu

mercredi 10 Kigarama 2014

Abitanga mu guharanira agateka kazinamuntu (défenseurs des droits de l’homme) barakwiye gukingingwa mu bikorwa bakora, nk’uko biri mu masezerano y’abitanga mu guharanira agateka ka zina muntu yateweko umukono n’urwego rwa ONU kw’igenekerezo 9 Kigarama 1998.

Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 10 Kigarama, Uburundi n’amakungu barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gukingira agateka kazinamuntu, ukanahurirana n’umunsi urwego mpuzamakungu rwa ONU rwatera igikumu ko masezerano yubahiriza agateka ka zina muntu. Uwo munsi ukaba uhimbazwa kuri uwu wa gatatu, ku civugo "Agateka ka zinamuntu mu minsi 365"

Nk’uko bishikirizwa na Furera Emmanuel Ntakarutimana, umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gukingira agateka ka zina muntu (CNIDH), umuntu wese arakwiye kwumva ko afise uruhara rukomeye mu kwubahiriza no gukingira abitanga mu gukingira agateka ka zina muntu (les défenseurs des droits de l’homme), ivyo yabishikirije mu kiganiro yatunganije ku bamenyeshamakuru, kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 9 Kigarama 2014.

Umukuru w’umurwi CNIDH, Furera Emmanuel Ntakarutimana ahamagarira abategetsi batandukanye gufasha mu kwubahiriza agateka ka zina muntu, na cane cane muri kino gihe Uburundi buriko bwitegurira amatora, kugira ntibizokwege akarambaraye mu gihugu.

Furera Emmanuel Ntakarutimana yagarutse ku bihe bitandukanye abagwanira agateka ka zina muntu bacamwo, aho bitanga mu gukingira abacinyizwa no mu kuvugira hejuru ibitagenda neza mu gihugu, ariko bagasigara barategwa ubwoba canke bagahohotegwa kubera ibikorwa vyabo. Ni muri iyo ntumbero umugwi CNIDH, ufadikanije n’ibiro bikuru bijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi hamwe n’ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu biyemeje kuzobandanya basaba ishirwaho ry’igisata gikingira abo bitanga kugira bakore bidegemvya, umutima uri mu nda badatinya ko bohava basinzikarizwa ubuzima bivuye ku bikorwa bakora.

Mukamenya ko uwuserukira ibiro bikuru bijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi (Office du Haut Commissaire aux Droits de l’homme au Burundi), Benjamin Morreau hamwe n’umukuru w’amashirahamwe ya Afrika yitaho agateka ka zina muntu, Hassan Shire, bari bitavye ico kiganiro, aho bose bahamagariye abarundi n’amakungu kubandanya bashigikira igikorwa c’abaharanira kwubahiriza agateka ka zina muntu.


Alida Sabiteka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.