IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatohoza ataho yegamiye niyo azokwerekana icaturiye isoko nkuru

Amatohoza ataho yegamiye niyo azokwerekana icaturiye isoko nkuru

mardi 28 Nzero 2014

Mu gihe umwaka wose waraye urangiye isoko nkuru ya Bujumbura ihiye n’ivyari birimwo vyose, amashirahamwe yiyemeje kurwanya ubuzima buzimvye asaba Reta y’Uburundi gutunganya amatohoza ataho yegamiye ku catumye isoko nkuru ya Bujumbura iterwa n’umuriro wasubije inyuma ubutunzi bw’igihugu n’ubw’abanyagihugu bahadandariza.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike aharurwa mu majana atanu, mw’itangazo yasohoye ku munsi w’ejo aho umwaka wari urumanye isoko nkuru ya Bujumbura ihiye, yasubiriye gushira ahabona amakenga afise kuvyavuye mu cegeranyo kivuga ko isoko nkuru ya Bujumbura yaturiwe n’impanuka. Amakenga ahanini afatiye ku majambo yakurikiye, aho abategetsi bo muri Reta y’Uburundi bashikirije imvugo zidahumuriza, nk’umushikiranganji Edouard Nduwimana, mu kumenyesha imbere y’inama nshingamateka ko isoko nkuru ya Bujumbura yahiye ku bugombe bw’Imana, kugira hubakwe iyindi ya kijambere, ari naco gituma ayo mashirahamwe yasubiriye gusaba ko amatohoza yigenga kandi ashika yokorwa, ukuri kukamenyekana ku catumye abarundi batubika umukanda.

Mu nyuma y’isoko nkuru ya Bujumbura, ayandi masoko yo mu gihugu yarahiye, bikaboneka ko adakingiwe neza nk’uko vyategerezwa. Ayo mashirahamwe yiyemeje kurwanya ubuzima buzimvye asaba Reta gufata mu minwe ikibazo c’amasoko yama asha ku munsi w’Imana mw’ijoro, Reta yongere ifate ingingo zikwiye zijanye n’ukurinda impanuka z’imiriro mu bibanza bihuriramwo abantu benshi.

Umunsi isoko nkuru ya Bujumbura isha, kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2013, abategetsi bashoboye kuhashika bari bemeye kuzogarukira abanyagihugu bahuye n’ivyago. Reta yaremeye kandi kwubaka isoko y’imfatakibanza ahahora ikibuga ca COTEBU. Icatangaje abadandaza bakiri mw’ibarabara gushika n’ubu, n’uko imvugo itajanye n’ingiro. Ikiringo c’amezi atatu nico cari cahawe abo badandaza kugira basubire ku mirimo, none umwaka waraye urangiye ibikorwa vy’ukwubaka iyo soko y’imfatakibanza bitarahera. Ikibazo gisigara kigoye gutorera inyishu n’ukumenya icatumye iyo soko y’imfatakibanza idashobora kwuzura. Mbega ni uburyo bwabaye buke? Imfashanya abarundi n’amakungu batanze zoba zidakwiye? N’aho vyoshika ntizibe zikwiye, izabonetse zoba zarashoboye gukoreshwa ico zari zigenewe ku mugaragaro? Mbega ko igihugu ca Egypte cari caremeye kuzokwubakira Uburundi iyindi soko, hoba habuze iki? Ivyo bibazo vyose ntibirashobora gutorerwa inyishu zitomoye n’abo vyega. N’aho hakiri ico gipfungu, mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu baremeza mu gutanga ayandi mezi atatu kugira iyo soko y’imfatakibanza izobe yatanguye gukorerwamwo.
Melchior Simbaruhije, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu amenyesha ko ibikorwa vya nyuma vy’ukwubaka uruzitiro rw’iyo soko biriko birakorwa.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.