IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Abazotanga amanota muri Isanganiro Awards bamenyekanye

Abazotanga amanota muri Isanganiro Awards bamenyekanye

mercredi 1er Ndamukiza 2015

Mu minsi mike isigaye kugira hamenyekane umuririmvyi w’umwaka atorwa mw’ihiganwa Isanganiro Awards, amazina y’abagize umurwi utanga amanota yamenyekanye.

JPEG - 154.2 ko
Abamaze gutwara Isanganiro Awards: I bubamfu: Rally Joe, Yoya Jamal, Mkombozi na N John

Ku ncuro ya gatanu y’ihiganwa Isanganiro Awards (5eme Edition), umurwi utanga amanota ugizwe na Musenyeri Justin Baransananikiye, Bruno Simbavimbere (Member), Bouddie, Evode Ntahonankwa, na Jeremie.
Mu mwaka w’2014, uwo murwi wari ugizwe na Bruno Simbavimbere (Member), Bashir, Burikukiye Prosper (BAHAGA), Leonard Niyomwungere, Bouddie na Jeremie.

Abo bagize umurwi w’uno mwaka w’2015 baramaze gutanga amanota ku ndirimbo 20 zasigaye mw’ihiganwa. Bitegekanijwe ko indirimbo 10 zizotorwamwo urwa mbere zizosomwa mu kiganiro co ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 03 Ndamukiza kuva igihe c’isaha icumi (16h) ku nsamirizi Isanganiro. Igenekerezo rya nyuma ry’ihiganwa ntiriramenyekana ariko ni mu mpera za Ndamukiza 2015.

Tubibutse ko indirimbo 20 ziri mw’ihiganwa ry’uno mwaka 2015 (5eme Edition) ari :

1. Ukuri n’ijambo Juvenal NDAYISENGA

2. Intahe Christian NIMBONA

3. Uburundi ni igihugu s’ikibuga Big Zoe

4. Urwaruka turashoboye Yves KAMI

5. Burundi Spok’s Man

6. Twubake igihugu Gerard NZOYISABA

7. Burundi yetu Emy Emelance

8. Iyataba wewe John BAMBONEYEHO

9. Africa Ashley

10. Akana GN EQ

11. Devide and empera big zoe ft GN

12. Hora Landry

13. Fasha abatishoye Parfait

14. Uburundi bwacu Natacha

15. Ntawuhora Ku ngoma Prophet’s Voice

16. Shikama Christian NIMBONA

17. Kanura Pm & Emery

18. Hafi yanje Yves Kolly

19. Ubwami bwawe burarangiye Leonard NIYOMWUNGERE

20. Amahoro Mt Number one


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.