IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amazina y’abarungikiwe inama nkenguzamateka yemejwe yose

Amazina y’abarungikiwe inama nkenguzamateka yemejwe yose

mercredi 9 Gitugutu 2013

Amazina y’abagenwe kuzoserukira Uburundi mu makungu yemejwe yose uko ari indwi yari yarungikiwe inama nkenguzamateka y’Uburundi. Mu koraniro ryayo ryo ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa kabiri, impari nyinshi zagarutse ku kwubahiriza ibitigiri bisabwa n’ibwirizwa shingiro haba mu moko yabo, canke ibitsina.

Abakenguzamateka bararonse, muri iryo koraniro, akaryo nk’uko bisanzwe ko kwumviriza imyidondoro y’abo bagenwe, yatanzwe n’umushikiranganji Laurent Kavakure ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu. Yarijejeje ko bagerageje kwubahiriza ibitigiri bisabwa vy’amoko n’ibitsina, kandi bagerageje kurondera ababifitiye ubushobozi. Ico ciyumviro ntiyagihurijeko n’umukenguzamateka Edouard Surwumwe atangazwa n’ingene abagenwa mu mabanga akomeye y’igihugu bama bava mu ntara za zindi nyene, nk’uko umenga abize bari hamwe gusa. N’aho umushikiranganji Laurent Kavakure yagerageje gusigura ko intara zose zifatwa co kimwe, abakenguzamateka bafashe amajambo baguma bagaruka kuri ico kibazo nyene, ari naho umukenguzamateka Emmanuel Nkengurutse ahubwo yibutsa ko uruhara rwabo atari kwemeza n’uguhakana gusa nk’uko bimenyerewe, ahubwo harimwo n’ukwubahiriza ivyanditse mu bwirizwa shingiro ko amako yose n’ibitsina vyose vyoserukirwa ku bitigiri bisanzwe bizwi.

JPEG - 40.7 ko
Edouard Surwumwe

Mu gihe uwuserukira igihugu mu makungu aba ajejwe guharanira inyungu z’igihugu ciwe aho ari, abakenguzamateka ntibashimye kubona hari abamara imyaka n’iyindi mu buserukizi, ariko ntihagire ikintu kiboneka Uburundi buhungukira. Umukenguzamateka Domitien Ndayizeye, yahoze ari umukuru w’igihugu yasavye umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu gukurikiranira hafi ibikorwa n’ubuserukizi bw’Uburundi mu makungu, mu gucungera inyungu z’igihugu.

JPEG - 41.1 ko
Domitien Ndayizeye

Amazina yose uko yarungikiwe abakenguzamateka yahavuye yemezwa, akaba agizwe n’abagiye guserukira Uburundi mu makungu indwi, abakenyezi batatu (umututsi umwe : Karerwa Juliette n’abahutu babiri : Ntamagiro Else Nizigama na Nahimana Vestine) hamwe n’abagabo bane (umututsi umwe : Ciza Louis n’abahutu batatu : Ntukamazina Alexis, Omar Désiré, Ndabashinze Ernest)

Abakenguzamateka baremeje kandi izina rya Pascal Ngendakuriyo yagenwe n’umukuru w’igihugu kugira asubirire mu kibanza Jean Anastase Hicuburundi mu nama nkuru y’ubutungane. Nk’uko vyamenyeshejwe na Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’ubutungane, uwo Jean Anastase Hicuburundi asubiriwe na Pascal Ngendakuriyo yashinzwe ayandi mabanga muri CENI (Commission Electorale Nationale Indépendante), umurwi utegura amatora.

JPEG - 33.2 ko
Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu
JPEG - 37.3 ko
Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’ubutungane

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.