IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amnesty International yagiriza abajejwe umutekano mu Burundi gukoresha (...)

Amnesty International yagiriza abajejwe umutekano mu Burundi gukoresha inguvu zirenze

jeudi 23 Mukakaro 2015, par Jean De Dieu

Amnesty International iragiriza inzego z’umutekano mu Burundi ko zakoresheje inguvu zirengeje mu guhana abari mu myiyerekano yiyamiriza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yitoza kurongora Uburundi ku kiringo ca gatatu.

Nkuko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe Amnesty international inyuma y’ubushakashatsi bwakozwe mu kwezi kwa Rusama na Ruheshi,abategetsi b’Uburundi ntibashwiragije gusa abari mu myiyerekano,ariko barabahanye kandi bariko bashikiriza ivyiyumviro vyabo vya politike.
Kubwa Amnesty international,inzego z’umutekano zakoresheje inguvu zirenze bagereranije n’izo abari mu myiyerekano bari bafise,mbere hamwe bakica ababa bariko barahunga.

Amnesty international,imenyesha ko yemeza ko inzego z’umutekano bafashe abari mu myiyerekano nk’abari mu migumuko,ivyatumye ibintu biba bibi gusumba mu gihugu.

Ishirahamwe Amnesty international rimenyesha ariko ko, hari bamwe mu batavuga rumwe na Reta bakoze ibikorwa bibangamira agateka ka zina muntu ,nko kwica umunywanyi w’umugambwe uri ku butegetsi.


IGIHE

Messages

  • YEMWE KUVUGA MWAVUGA ARIKORERO NTAWUZIKO BAZOBUMVIRA KUKO NTIBAHANURWA AMASHIRAMWE,YAMARASEMERERA NAMAKUNGU,YARASEMEREYE BIBIVYUBUSA. SIMENYAKO NAMWE BAZOBUVMISA.KUKO UMENGABARIYE INTUMVA ARIKO IMANA IZOBABAZA,IVYOBAKOZE.

  • ibazenamwe nkoguteragrenade Abaporisi kubateramabuy ivyovyose birica Hatavuzwe guturira umuntabona imodokari Akandi Atarizankurunziza Ahubwo barihangany Nayahandiho barikubahurunganyabose Ahuawo barigukorera kubabatumye bongeraboherereza batabajimber! Apfuyebos bakwiyekujakugahangakabo!.

  • Vyukuri uri Haringwarudubi Kabutura nturi haringanji
    Ivyo uvuze bisa nawe pe

  • emma
    amnesty entele nasional ntawogushavurira kuko wewe ukorera kubihuha uhabwa nabagwanya reta, ariko umenyeko abagize imyiyerekano baturiye imbonerakure imwe mugabo izapfuye zishwe mubundi buryo ntaco mwazivuzeko, vyumvikaneko mwebwe mukorera kubihuha!

  • WWE HARINGAJI WEW NTAGO UZOREKA KURIMA NIBA URIMA GUMA KUCUKORA KWICA NTACIZA KIRIMO KUKO NAWE VYOGUSHIKIRA UGAPFA TWOBA DUHOMVYO SENGIMANA GUSA TURONKE AMAHOR

  • Nyamitwe We Ashinyaguriza Ababuze Ko Ababo Bahitanywe N, Amasasu Yiyerereza. Ukamenga Na Se Yahitanywe Na Balles Perdues. Ufise Umuhanuzi Nk, Uyo, Wotwara Neza Gute?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.