IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amwe mu mategeko agenga ubudandaji azirwa n’inama nshingamateka y’Ubuseruko (...)

Amwe mu mategeko agenga ubudandaji azirwa n’inama nshingamateka y’Ubuseruko bw’Afrika

lundi 16 Ntwarante 2015, par Paterne

Amwe mu mategeko agenga ubudandaji niyo ari mu yazokwigwa n’inama nshingamateka yo muri Afrika y’Ubuseruko, nk’uko bivugwa n’umukuru w’iyo nama nshingamateka.

Amategeko rero azokwirwa hakaba hari iryo gukuraho inzitizi zigeramiye ubudandaji mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, itegeko ryorohereza ubudandaji ku mipaka hamwe n’itegeko rigenga ihiganwa mu budandaji muri Afrika y’Ubuseruko. Umukuru w’iyo nama y’abashingamateka b’Afrika y’Ubuseruko, akaba yavuze ko iyo nama yari imaze iminsi ikora nabi kubera hari habaye tumwe mu tugorane tw’uwari abarongoye, ariko akavuga ko ubu bimeze neza, iyo nama iriko irakora neza, bose batekanye.

Ku bijanye n’amatora mu Burundi asa n’ayahagaritse umutima abatari bake, umushingamateka Daniel Fred Kidega akaba asaba abarundi gutekana bagategura neza amatora, mbere inama nshingamateka ya Afrika y’Ubuseruko ikaba itegekanya kuzorungika intumwa zizoza gukurikirana ayo matora. Umukuru w’iyo nama nshingamateka kandi akaba yavuze ko urwaruka muri iki gihugu rugera ku bice 65 kw’ijana, akarusaba kwigenza neza, rukazokwirinda abahanuzi babi.

Umushingamateka Daniel Fred Kidega amenyesha kandi ko yipfuriza amatora meza Uburundi, amatora atekanye, ataho yegamiye, azobera ku mugaragaro mu mahoro n’umutekano.

Tukabamenyesha ko abo bashingamateka bazomara indwi zibiri, mu bikorwa bizugururwa icese n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete asanzwe arongoye inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, aho azoba ari kumwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza kuri uwu wa kabiri.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.