IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > APRODH : Uburundi bushobora kuzofatirwa ibihano vy’ukutubahiriza amategeko (...)

APRODH : Uburundi bushobora kuzofatirwa ibihano vy’ukutubahiriza amategeko agenga intambara

samedi 3 Nzero 2015

Mw’ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe bamenyesha ko Uburundi bushobora kuzofatirwa ibihano kuko amategeko agenga intambara ariko arahonyangwa mu ntambara ziriko zihuza abasirikare b’abarundi hamwe n’abarwanyi bivugwa ko baje bava muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Mu Rwesero muri komine Murwi, intara ya Cibitoke, kuva kuri munsi wa kabiri igenekerezo rya 30 Kigarama 2015, hariko habera intambara zihuza abarwanyi bataramenyekana, ariko bivugwa ko baje bava muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo binjira mu Burundi, ariko igisirikare c’Uburundi kirabazibira. Abo barwanyi bakaba baciye bashwiragira mu misozi ya Nyamabuye, Mugimbi na Mahanzi, abasirikare b’Uburundi baca batangura kubakurikirana, bari kumwe n’abahoze ku rugamba hamwe n’urwaruka bivugwa ko yoba ari Imbonerakure za CNDD FDD bahawe inkoho. Ubutegetsi ntaco burashima gushikiriza kuri abo barwanyi, amamuko yabo, hamwe n’igitigiri c’abamaze gufatwa bagaca bicwa.

Muri izo ntambara ziriko zihuza abasirikare b’abarundi hamwe n’abo barwanyi bazananye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo kuva kuri uwa kabiri w’indwi twaraye dusozereye, abarwanyi bafatwa, canke abishikana baca bicwa.
Mw’ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe bamenyesha ko Reta y’Uburundi ishobora kuzofatirwa ibihano kuko iriko irayahonyanga amategako agenga intambara abuza kwica umurwanyi yishikanye canke yafashwe. Nk’uko bishikirizwa na Petero Karaveri Mbonimpa, Uburundi bushobora kandi gukurikiranwa kuko buriko bukoresha abanyagihugu atari abasirikare (Milices) mu ntambara, ivyo akabivuga yisunze ko hari abahoze ku rugamba hamwe n’urundi rwaruka ruriko rufashanya n’igisirikare muri izo ntambara.

JPEG - 24.7 ko
Petero Karaveri Mbonimpa, arongoye ishirahamwe APRODH

Mu gihe mu bategetsi batandukanye yaba abatwara Uburundi, mu gisirikare n’igiporisi harangwa agacerere kadasanzwe, mw’ishirahamwe APRODH bashikiriza ko bitangaje kubona indwi yose igira ihere, mu gisirikare no muri Reta y’Uburundi ataco barashikiriza kuvyerekeye abo bagwanyi, ivyo bigakorwa mu gihe n’abafashwe canke abishikanye botanze amakuru baca bagandagurwa.


Egide Nduwimana

Messages

  • Aprodehashi nabasangeyo avuge ivyo yiboneye canke navuge KO zrabiwe. Mbe n’intambara ya née n’uburundi? Ni iya mbonimpa? Nabivuge hanyuma uburundi bumenye uwariwe ariko arwana hanyuma amategeko akurikizwe

  • sinzi ko twandika kugirango tumenyekane canke ko twandika kugira dutange ivyiyumviro vyofasha abandi mugutorera inyishu ibibazo bihari.Wakoze kuba utashizeko izina ryawe ariko reka nkwite KIBURAZINA,niba hari abafatigwa muntabara canke bakishikana ubwabo sinzi ko umuti ari uguca bitswa,none niba baca bitswa tuzomenya abaribo gute?Reka kuvuga ko Mbonompa yobasangayo akabona kugira ico avuze canke ngo uvuge ngo Mbonimpa avuge kwariwe yabatumye,igihambaye nuko twagomvye kuba tumaze kumenya abaribo nu uwabatumye.Niba bafatwa canke bishikana bagaca bitswa ukuri nuku: nibabandi LETA YA NKURUNZIZA yari yararungitse muri CONGO bagarutse muca bavyaye none NKURUNZIZA akaba yagize ubwoba ko bozohava bamumenera agatabi.Nimba mbeshe LETA y’U Burundi ibuzwa niki kugira ico imenyesha abarundi n’amakungu?sinzi ko amategeko azokurikizwa aruko hamenyekanye abarwana abaribo?KIBURAZINA komeza wemere iryo nguhaye kuko nabakwibarutse ataryo baguhaye ariko ngusabe wandike nkuwuzi ubwenge,reka kwandika ivyubujuju.Tuzobandanya kuba ba niryo kugeza ryari?Abavugira canke abahagarariye amashirahamwe aharanira agateka kazina muntu ndabona atakosa bari gukora kuko bari kuvugira abarundi muri rusange.

  • Jewe mbona umengo agomba kuvugira abagwanyi,nareke bivugire bitari uko inko niyo icira urubanza iyindi,nagomba mbaze,none iyo umusoda afashwe mpiri ninyeshamba nazo zifatwa nayahe mategeko mpuza makungu igihe zimwishe?

  • Wamutama we Mbonimpa, wotubarira amazina 2 canke 3 yabantu bishikanye bakacabicwa? niyaba atabowovuga ivyobintuvyokugereranya ngo kohaje abantu gutera bagakubitwa impaga ukacuvyitako bishikanye birakeneweko ukurikiranywa ukabisiguraneza ivyuvuze, ndakubwizukuri ko tugukunda ariko iyukomeje kwambikibara inzego zigihugu cacu ntahubutandukaniye nabansi bu Burundi, ndashak wibukeko ivyuvuze ntahobitandukaniye naya photo baguha yabapfiriye muntambara za Congo ukacuzakuyerekana uvugako arabarundi barikobarashirira Congo ukemeza ko ariwewe wigiriye Congo ukavyipfotorera nikaramu abazungu baguhaye. Urasubiriye kandi!!!???
    Harihibintu bikwiyegutohozwa neza abantubaraza gutera bajebameze nkabatagira ahobavuye canke uwabatumye ariko ukagiraguti ukabunumuntu yinyegeje muyandimabanga ngoyoguharanira abanyamakosha bose iyobavabakagere akabavugira yivuyinyuma mbese akacavugango hako abanyamakosha bokomeza kubuzwa gushika kucobashaka ikigihugu nicokizofuma gifatirwa ibihano namakungu mbere akabandanya yerekanako icogihugu cubahuka kwivuna abasi ko gikwiye gushirwa imbereyubutungane! Ndababwirako mwinosi yakinogihe umuntateye igihugu akumvako igihe ahasize ubuzima ko icogihugu cozoca gifatirwa ibihano bocabaza aribeshi nkabiyahuzi kugira bahasige ubuzima hanyuma igihugu gifatirwe ibihano. Mbese kombona hariho abantu babatama bashaje kuruta Mbonimpa ariko bakoresha ubwengebwabo neza uwomutama Mbonimpa nibiki arwaye? Ahorero amahera arakundwa abarungitse abobarwanyi bashobora kubabaramupfumbatishije amafranga ngomugihe bataragera kwivuga ngwazobe arakoresha amabanga ashinzwe yoguharanira abanyamakosha kugira akomeze kubarahagarariye nokuvugira abaje guhungabanya umutekano!?

  • Naho woba utazi ubwenge canke ukaba uri umu militant wumugambwe wogira aho ugeza mukuvuga,na mutama Nyabenda Pascal siwe ariko aravugamajambo nkayo!ivyo birabahiteka?ntabwo Mbonimpa canke Forsc bahaye bavugira aba rebelles,enda basha reka gutumunwa muvuge make!mbe Nkurunziza iyo aca yicwa ca gihe tuba duhay dutwagwa na nde?ako karimi kanyu niko kazobica,vuge make basha ntaco mwabonye,mugabo vyose bizojahabona,muzomaramara nuko muzoba mwapfuye!!mugabo nimwikebuke vrema!

  • Iyumenya,nawe uri kuburazina.cibitoke ntihangarwaurababwire bazinjirireaandi.rekababice ikivyimba kimeneke.uwabatumye reka turebeko bimubabaza.uburundi bwatewe burivuna muburyo bwose.in any way,so shut up mother fuckers.basoda namwe banyagihugu ahubwo baturire nimivyimba yabo ibe umunyota.

  • Ndatangaye cane!!! ahumuntu wumurundi kandi yiyitako arimubaharanira agateka kazinamuntu ahoguseruka yiyamiriza abobantu bashatse gutoneka abarundi mukubibutsa ivyotwasezereye akazavugagusa ngo kuberiki abateye batakirwaneza mugihugu cu Burundi ngobirashoboka uburundi bugafatirwa ibihano!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
    Hariho umuririmvyi yaririmvye avugango Satani ntiyigendera ngwigira icigenderako ntiyabeshe nukuri!!! Mbegumutamaraho ngoni’ Pierre Claver Mbonimpa!!! nubwo muburundi umuntuyemerewe kuvuga ivyashaka, umuntavuzengo ndaje ndungike abantu boguhungabanya umutekano kandi akabikora akanavyerekana mukubashigikira,ushoboye kumubona ukamushikira womuhamagaza ukamubwira uti uriyemeje koko?

  • ahaaaan...mutama we?kukaba nkako imvugo yaew yamye iteye amakenga,twarabona kuva kera ko hari ico uzi kubagwanyi baro kongo...kumbe babaye ari gwanyu...condoleances attristees waraye ubuze nubu ukiriko...kwari ugusamaza amakungu.uyo uba uwundi ukaduga buhayira kubafubana iteka.mbe ko bafuye nk’ubuhojojo...bohambwa bagahera?uwukirota intambara nkawe....aracagandara kuko abarundi bashaka amahoro ni benshi kandi mu bahinyuwe n,abarundi isinzi murimwo.ko wari wisaziye rekera politike abakiri bato...tekereza urindire urwakarago...

  • Ntanukuvugako yiyamirije abobateye? Ntanuguhoza inzego zumutekano zu Burundi zahatakarije umu sirikare wigihugu yishwe nizonkozizibibi!? Wewe ababajwe nuko abateye bahasize agatwe gusa!? Mbega umutama Mbonimpa gito!!!

  • USA na Europe hamwe n’abarwanyi ba gihemu batera muri LYBIE, KADHAFI umukuru wigihugu bamufashe akanura baca baramwica, kurikirana ibiriko biraberayo.none bamushize hehe??? Ko utarashengeza ababikoze ? kubera aribo baguha amafranga yo kuvuga ayamuhe. kanga bango baza na masasi te.

  • MBEGA MPONIMPA MWOBA MUSANGIYE UMUGAMBI NABO BAGESERA KO MBONA UTAVUGIRA ABATEWE? MBEGA HAMWE HOZA ABAGESERA BAGATERA IWAWE URIKUMWE N’UMURYANGO WAWE UBONA KO BOCA BAMBIKWA IZERA?MUGIHE WOBA URIKO URARWANIRA UMURYANGO WAWE.CANKE WEMANGE IMBERE Y’ABARUNDI N’AMAKUNGU KO ARI WEWE UBARONGOYE MAZE TUGUSHIGIKIRE MUTAMA MAZE ABARUNDI TUMENYE AKO KANYEGERI KIYEMEJE KU NZOVU TURAGUTAKAMBIYE MUTAMA UTUVUNIRE AKAGOHE MWOBA MUKOZE

  • Cyrille uvuzevyo abo baburivyo bandika hagusoma ivyanditswe nabafise ivyiyumviro birashe bagasimbira kuruyo mutama wabandi mbonimpa ahubwo jewe mbona aribo bakwiye gukurikiranwa bo bashigikiye ivyo abo ba dd bariko baragira.bahimbunda imbonerakure ngo zize zitwice.abo bagwanyi bafashwe nibarengutswe hanyuma tumenye bashebuja..niyo mpamvu abanyafrica bigoye kuzoterimbere abazungu indwara bayi korera umuti bakanamenya icayizanye..killing is not solution before justice handing over.

  • MBEGA MUTAMA MBONIMPA,MBEGA ABO BITWA KO BABASHIGIKIYE MU BIJANYE N’IVYIYUBAHIRIZWA VY’AGATEKA KA ZINA MUNTU,KO BATAVUGA KU VYEREKEYE IYICWA RYA KADAFI,SADAM,HAVYARIMANA,NTARYAMIRA NA NDADAYE HAMWE N’ABANDI BENSHI CAANE BAZIRA IMIGAMBI IGAYITSE YATEGUWE NABO BAGUFASHA WEWE HAMWE NABO MUSANGIYE IMIGAMBI IGAYITSE YO GUTEZ’URUBWA IGIHUGU CACU UBURUNDI KUBERA AMARONKO MUZIGA MURAYO MASHIRAHAMWE.MBEGA KO MUTIGERA MUVUGA KUBIJANYE NA PALESTINE KU MABI BAGUMA BAKORERWA KANDI ABO BAGESERA BARIKO BARACURA BUFUNI NA BUHORO BASHIGIKIWE NABO BABATA MU RUDUBI NGO BARIKO BARABIGISHA IVY’AGATEKA KA ZINA MUNTU.MUTAMA MUVYO MUVUGA CANKE MUVYO MUGIRA MUZOZE MWIKEBUKA MUMENYE KUZA MUTANDUKANYA IBINTU NTIMUZOZE MURASHIRA IMBERE INDA ZANYU HANYUMA NGO MUHEMUKIRE IGIHUGU

  • Jewe Uwo Mutama Arantwengeje Mbega Nama Mvuga Uwababajwe Nuko Abo Bagwanyi Bishwe Nuko Afise Uruhara Murivyo Iconzi Mugihe Umwansi Umuronse Akaryo Ukoresha Imbugita Zimwe Zagisirikare Canke Amasase Canke Amabombe None Uwo Mugabo Avuga Iki? Ngo Bishe Abagwanyi Yampayisuka ,Nuko! Reka Bice Ivyobihere Uwabirungitse Avengwe Ashatse Yiyahure,ntanuguhoza Umuryango Wurya Munyagihugu Vyahitanye Ababajwe Nabirya Bihere.Yemwe Ndajorewe Yahitanye Ndajegenyutse Bafatanya Urugendo.

  • Ari nkahamwe abo ba DD boguma batwara ho,ibi hugu vyose vyotuvako tugasigara twirebanga nk’agati katewe mumazi.Ahubwo nibagire bakinjure ntniterambere narimwe badushikanye ko.

  • Muzoza murahinyuka oko. Ariko umenye ko atantamwe mushobora gutera mugihe abarundi bazoba bacitwa abarundi.

  • Muzoza murahinyuka oko. Ariko umenye ko atantamwe mushobora gutera mugihe abarundi bazoba bacitwa abarundi.

  • Izonkoramaraso zitoreje murwanda reka
    Bazereke ko urwanda atari Cibitoke!! Ubwo se wabo kagame wavukanye imbuto zo kunywa amaraso yari azi ko agiye kuvugerq uburundi nkuko yabikoze muri Congo. Uwo mugesesera yabeshye abanyamurengwe-abanyamurenge none birwa bangara basamye nkisazi kandi we yiyubakira imitamenwa i Kigali! ! Kagame ndizera ko ari gusuragurika kuko intwazangabo zuburundi zamweretse ko abo yatoje mubugesera ari nka M23/RDF yataye toni 300 muri congo umwaka ushize

  • ARIKO ABARUNDI, N’UBUJUJU BWINSHI? CANKE N’UKUDATAHURA POLOTIKE. Jewe nshaka ko umuntu umwe yonyishura. Mbega umwansi w’Uburundi n’umuntu ashaka kumenya inkozi z’ikibi? canke n’uwushaka kuzinyegeza acishije mukuzica. Nimba abantu basemerera ko izo nkozi z’ikibi zafashwe zobazwa kugira amatohoza akorwe, n’ukugira ngo ukuri kuje ahabona. Uwabatumye amenyekane, hanyuma abarundi bamenye umwansi uwariwe. Ariko namwe mumfashe kwishura kano kabazo. Iyo Mbonimpa aba akorana nabo, wumva yosaba ko bagumizwaho ari bazima kandi bohavana bavuga ko ariwe yabatumwe? Uwo wese ashigikiye iyicwa ry’abo bafashwe kugira abarundi ntibamenye ukuri, niwe mwansi w’Uburundi. Jewe ndizera ko Leta y’uburundi hari ico ibaziko, nico gituma biri kubagora kuza kwishura ibibazo. Hanyuma ba Niryo namwe mubandanye kujana n’umuyaga.

  • ARIKO ABARUNDI, N’UBUJUJU BWINSHI? CANKE N’UKUDATAHURA POLOTIKE. Jewe nshaka ko umuntu umwe yonyishura. Mbega umwansi w’Uburundi n’umuntu ashaka kumenya inkozi z’ikibi? canke n’uwushaka kuzinyegeza acishije mukuzica. Nimba abantu basemerera ko izo nkozi z’ikibi zafashwe zobazwa kugira amatohoza akorwe, n’ukugira ngo ukuri kuje ahabona. Uwabatumye amenyekane, hanyuma abarundi bamenye umwansi uwariwe. Ariko namwe mumfashe kwishura kano kabazo. Iyo Mbonimpa aba akorana nabo, wumva yosaba ko bagumizwaho ari bazima kandi bohavana bavuga ko ariwe yabatumwe? Uwo wese ashigikiye iyicwa ry’abo bafashwe kugira abarundi ntibamenye ukuri, niwe mwansi w’Uburundi. Jewe ndizera ko Leta y’uburundi hari ico ibaziko, nico gituma biri kubagora kuza kwishura ibibazo. Hanyuma ba Niryo namwe mubandanye kujana n’umuyaga.

  • UKO BIRI KOSE NAHO BATOKWIRIGWA BARIVUGA KAZIMA ABAVUGIZI BABO TWABUMVISE.MBONIMPA,VITAL NA PACIPHYQUE BA MURITEGURA,KUKO NITWAHEZA GUCA IMITWE ABA MWATUMWE,TUZOCA TUZA GUCA IYO GWANYU.GUSA MURINDIRE KUKO TURACASIGAJE NKA 20 TUTARACA IMITWE DUHEJEJE TUZOCA TUZA.

  • Wowe Pancykos uravuze neza cane,ko batavuga Ku rupfu rwa Kadafi ntiyishwe murubwo nyene, abo bagabo ico bashira imbere ni inda, nivyo baronka mu mfanshanyo ziyo miryango, ni mugabanye inda zanyu, nibwo hari amakosa akorwa hari uburyo yokosarwa ariko Atari ugusimbira hanze mutera ubwoba, ntimugakangishe abo bazungu, muje mwubaha ibihugu vyanyu.

  • Bashe, jewe nibaza ko mbonompa mwomureka, ahubwo ni za mbonerakure zari muri congo babuze aho bazishira none bazirukanye noneho zishitse abazirungitse baciye bazihindurira. Nico gituma baca bazikerera nk’impene kugira ntihagire ico zivuga. Nayo ahandi ho reka turindire..............ikinyoma kiza giseruka...... abarundi baraciye akenge, ............

  • Ewe APRODEH urarogotwa.
    Mbe kuberiki ukunda ko igihugu caw gifatirwa ibihano.
    Uriko urondra imfashanyo.
    Ico gusubiza mugasho nico coguhana.

  • uwo mutama ashaje nabi. nibamuhereze umuti wo gusinzirira rimwe kuko ateye isesemi.

  • uwo mutama arabababaje mumureke yikorere akazi .kuko namwe akanyu mbona mukarembeje.

  • Birababaje kubona reta igwanya Ibiragi bitavuga,abantu barenga ijana bose bagahona atawumenye abaribo ngo nibiragi, tinya Imana yakuremye ! ! !

  • Birababaje kubona reta igwanya Ibiragi bitavuga,abantu barenga ijana bose bagahona atawumenye abaribo ngo nibiragi, tinya Imana yakuremye ! ! !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.