Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Aridogera bamwe mu bamenyeshamakuru
 Aridogera bamwe mu bamenyeshamakuru
 Aridogera bamwe mu bamenyeshamakuru
				
				vendredi 25 Gitugutu 2013
Bamwe mu baririmvyi basaba abamenyeshamakuru bakora ivy’umuziki ko batoza baritwararika cane indirimbo z’abamaze gushika ku rwego rwo hejuru, ariko nyabuna nabo bagafashwa mu kumenyekanisha indirimbo zabo.
Ku bwa Thomasa Ndayishimiye bataziraLil Thomas, avuga ko bamwe mu bamenyeshamakuru barenganya abaririmvyi bamwe, aho womenga harimwo aka mwana wa mama. Ati:” hari abamenyeshamakuru bakengera abaririmvyi bato, canke bashasha mu mwuga”. Abisigura uku:” benshi muri bo ntibihutira kurondera amakuru y’abaririmvyi bato, niyo baje tukabaha ayo makuru kenshi turabahana n’imiziki yacu, ariko ntibayavuga canke izo ndirimbo ngo zivuzwe hama natwe tumenyekane”.
 
- T- Max
Amenyesha ko mu myaka 3 amaze aririmba, afise indirimbo zitari nke kandi ko amaze no kuririmbana n ‘abaririmvyi bazwi cane nka T-Max, Erica n’abandi. Nta masanamu arakora, ariko yemeza ko mu minsi mike azoyasohora. Yaririmvye Tafakari, Nakwitaji, Abaganwa, n’izindi... arongerako kandi ko hamwe abamenyeshamakuru bo mutera intege yokwerekana ibintu bikomeye mu misi iza. Akorera indirimbo ziwe mu nzu y’imiziki Mayibobo Records iri mu Bwiza ibarabara rya 4.
Kur’ivyo, asaba abamenyeshamakuru bakora ivy’umuziki boba bafise ingeso nkizo, ko bokwikosora bakaza baravuza indirimbo zose , kuko izo zibika zari amagi.
Chérif Nkeshimana

Messages
25 Gitugutu 2013, 10:25, par KAKA BONEY
Ivyo uwo muririmvyi avuga harigihe usanga koko ari mukuri . Jewe ico no musaba nuko yokora cane ntacike intege kuko akeza karigura, indirimbo nziza naho umumenyesha amakuru atoyiha ikibanza,iyo ndirimbo yoyo irimenyekanisha. Ariko rero naho ariko arabatakambira,impinga yoyo iracari ndende kuko ico kinyamakuru nyene IGIHE ariko avugirako, kitamuhaye umwanya ariko cishimiye kwishiriraho ifoto ya T-MAX
25 Gitugutu 2013, 10:26, par KAKA BONEY