IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Eto’o Fils akurikiranwa ko yashize ahabona amafoto y’uwo bakundana ari (...)

Eto’o Fils akurikiranwa ko yashize ahabona amafoto y’uwo bakundana ari gusa

vendredi 25 Mukakaro 2014

Hélène Nathalie Koah yahoze akundana n’umukinyi Eto’o Fils aherutse kumwitwarira amwagiriza ko yashize ahabona amafoto yiwe yambaye izuba (ari gusa). Eto’o nawe amwagiriza kuba yaramubesheje ( Escroquerie) akarya umutahe wose w’iduka bari basangiye.

JPEG - 49.2 ko
Umukinyi Eto’o Fils na Nathalie

Hélène Nathalie Koah akora mu ndege yo mu gihugu ca Cameroun "Camair-Com" yahoze ari umwe mu bagendanye n’umukinyi Eto’o Fils. Uwo amwagiriza ko yamurengeye akarimbi mu gushira ahabona amafoto yiwe ari uko yaremwe, akazishira aho abantu bose bashobora kuzibona.

Ndam Mama, ababuranira Nathalie Koah, avuga ko ata wundi yamwararaje atari Eto’o kuko nta wundi yari afise ayo mafoto, abandanya avuga ko abahinga bazi kuraba amamuko y’ifoto bazoheza bakerekana neza izo foto iyo zavuye. Eka n’umushingwamanza Jean Moïse Abah Fouda wa Nathalie Noah avuga ko amatohoza ageze kure kandi bafise icizere. Aremeza kandi ko Eto’o yakundanye na Nathalie igihe kitari gito.

JPEG - 47.7 ko
amafoto ya Nathalie yashizwe ahabona

Eto’o nawe avuga ko nawe nyene yarenganijwe n’uwo bahoze ari somambike ko kandi ashaka kumwambika ibara n’ugucafuza izina ryiwe. Eto’o abandanya yishura ko nawe amwishuza amahera angana ibihumbi 300 000 vy’ama "Euros" canke imiriyoni 621.000.000 y’amarundi.

Eto’o ati : " Jewe nawe twumvikanye kwugurura iduka tukayita "Fondation Eto’o", nashaka ko mw’iyo duka twodandaza bimwe mu bintu ndonka abakunzi banje bakunda. Kuva ico gihe naguma ndamurungikira amahera menshi, maze kumenya ko ata na kimwe yigeze ayakoresha, naciye ntangura kuyamwishuza ari nayo ntango yokuvana n’ugushaka kuncafuza".

Uwo mukobwa yarigeze no gupfungwa icamaso kubera ivyo Eto’o yamwagiriza, ariko abashingwamanza biwe bavuga ko Nathalie atigeze asangira iduka n’uwo mukinyi, ahubwo bakavuga ko Eto’o yadukanye ivyo kubera ayo mafoto agiye ahabona. Urubanza rurabandanya.

Mwomenya ko n’umuririmvyi Fally Ipupa yakundanye na Hélène Nathalie Koah ikiringo c’amezi 6 kandi uwo mukobwa yari asanzwe ari kumwe na Eto’o muri ico gihe. Fally Ipupa bavanye na Nathalie yaciye yerekana amafoto yose yiwe ari gusa, ivyatwaye mu bitaro Nathalie.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.