Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Eto’o Fils akurikiranwa ko yashize ahabona amafoto y’uwo bakundana ari (...)
Eto’o Fils akurikiranwa ko yashize ahabona amafoto y’uwo bakundana ari gusa
vendredi 25 Mukakaro 2014
Hélène Nathalie Koah yahoze akundana n’umukinyi Eto’o Fils aherutse kumwitwarira amwagiriza ko yashize ahabona amafoto yiwe yambaye izuba (ari gusa). Eto’o nawe amwagiriza kuba yaramubesheje ( Escroquerie) akarya umutahe wose w’iduka bari basangiye.
- Umukinyi Eto’o Fils na Nathalie
Hélène Nathalie Koah akora mu ndege yo mu gihugu ca Cameroun "Camair-Com" yahoze ari umwe mu bagendanye n’umukinyi Eto’o Fils. Uwo amwagiriza ko yamurengeye akarimbi mu gushira ahabona amafoto yiwe ari uko yaremwe, akazishira aho abantu bose bashobora kuzibona.
Ndam Mama, ababuranira Nathalie Koah, avuga ko ata wundi yamwararaje atari Eto’o kuko nta wundi yari afise ayo mafoto, abandanya avuga ko abahinga bazi kuraba amamuko y’ifoto bazoheza bakerekana neza izo foto iyo zavuye. Eka n’umushingwamanza Jean Moïse Abah Fouda wa Nathalie Noah avuga ko amatohoza ageze kure kandi bafise icizere. Aremeza kandi ko Eto’o yakundanye na Nathalie igihe kitari gito.
- amafoto ya Nathalie yashizwe ahabona
Eto’o nawe avuga ko nawe nyene yarenganijwe n’uwo bahoze ari somambike ko kandi ashaka kumwambika ibara n’ugucafuza izina ryiwe. Eto’o abandanya yishura ko nawe amwishuza amahera angana ibihumbi 300 000 vy’ama "Euros" canke imiriyoni 621.000.000 y’amarundi.
Eto’o ati : " Jewe nawe twumvikanye kwugurura iduka tukayita "Fondation Eto’o", nashaka ko mw’iyo duka twodandaza bimwe mu bintu ndonka abakunzi banje bakunda. Kuva ico gihe naguma ndamurungikira amahera menshi, maze kumenya ko ata na kimwe yigeze ayakoresha, naciye ntangura kuyamwishuza ari nayo ntango yokuvana n’ugushaka kuncafuza".
Uwo mukobwa yarigeze no gupfungwa icamaso kubera ivyo Eto’o yamwagiriza, ariko abashingwamanza biwe bavuga ko Nathalie atigeze asangira iduka n’uwo mukinyi, ahubwo bakavuga ko Eto’o yadukanye ivyo kubera ayo mafoto agiye ahabona. Urubanza rurabandanya.
Mwomenya ko n’umuririmvyi Fally Ipupa yakundanye na Hélène Nathalie Koah ikiringo c’amezi 6 kandi uwo mukobwa yari asanzwe ari kumwe na Eto’o muri ico gihe. Fally Ipupa bavanye na Nathalie yaciye yerekana amafoto yose yiwe ari gusa, ivyatwaye mu bitaro Nathalie.
Cherif Nkeshimana
Messages
25 Mukakaro 2014, 16:20, par Bazobona
Ni akamuna!Abakobwa nk’abo ba mashetani barenze ukwemera.None ko aca avuza amaruru bayerekanye,ninde aba amubwira ngo abe yemera ko bamufotora ari gusa!!Ukwo ni ukwigirisha burya nivyo aba ashaka.
2 Ruhuhuma 2016, 22:17, par Habon imana abraham
uwomubwa nigisambo nasubize Eto amafaranga yiwe arek e kwitwaza invyama photo niki catumye yiphotoza yambaye ubusa suko yashaka kobazibona!!
12 Mukakaro 2016, 09:07, par niyokwizera pedro
nigitesoni kandintamitweyara fise
12 Mukakaro 2016, 09:08, par niyokwizera pedro
nigitesoni kandintamitweyara fise
3 Nzero 2017, 05:22, par Ntahomvukiye Bernard
None Yemerera Ikikwifotoza Arigusa? Namusubize Amafaranga Yiwe!!
10 Mukakaro 2017, 18:41, par RASMUS