Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Australie: Indege yunguruje inzoka
 Australie: Indege  yunguruje inzoka
 Australie: Indege  yunguruje inzoka
				
				vendredi 11 Nzero 2013
Ingenzi ziyunguruza zikoresheje i ndege yo mw ‘ikompanyi Qantas yo mu gihugu ca Australiya zimenyesha ko zasanze inzoka y’isato ipima imetero zitatu mu ndege barimwo.Ivyo bikaba vyabaye kuri uno wa kane igenekerezo rya 10 Nzero umwaka w’2013 .
Nk’uko umuvugizi w’ikompanyi y’indege ikorera mu gihugu ca Austaliya yabibwiye itororokanirizo ry’abafaransa AFP ngo iyo nzoka yoba yavuye mu gisagara ca Cairns kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Australiya aho iyo ndege yari ivuye gushika ku kivuko ca Moresby ku mugwa mukuru wa Nouvelle Guinée ariko ikaba yashitse ku kivuko ca Moresby yapfuye.Iyo nzoka ikaba ari inzoka yambere ndende muri ico gihugu ca Australiya .
Iyo nzoka ikaba yari yinyegeje mu murizo w’indege aho umwotsi usohokera ariko umurizo wayo ukaba waboneka kuko yari ndende cane, akaba ari naco catumye bashobora kuyibona.
Muri iyo kompanyi y’indege Qantas bakaba bamenyesha ko kuva batangura gukora ari iryambere babona igitangaza nk’ico .
Marie Claire Ingabire

Messages
31 Myandagaro 2015, 16:53, par Rukundo fabrice
Yari gwabo