Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > “Azzam” : ubwato bwa mbere mu mato 100 manini yo kw’isi mu 2013
 “Azzam” : ubwato bwa mbere mu mato 100 manini yo kw’isi mu 2013
 “Azzam” : ubwato bwa mbere mu mato 100 manini yo kw’isi mu 2013
				
				mercredi 14 Myandagaro 2013
“Azzam” nibwo bwato buza kw’isonga ry’urutonde rw’amato bwite bw’abantu. Bukaba ari ubwato bufise imetero 180. Akaba ari ubwato bwa cheikh Khalifa ben Zayed Al Nahyane , umwe mubagize umuryango w’umwami bwa Emirats Arabe Unis.
 
- Azzam, ubwato bwa cheikh Khalifa ben Zayed Al Nahyane
Ku rutonde rw’amato 100 maremare kw’isi, uyu munsi ubwato buri kw’isonga ni “Azzam” bufise imetero 180 z’uburebure (ukitse). Ni ubwato bwegukira cheikh Khalifa ben Zayed Al Nahyane , umwe mubagize umuryango w’ubwami bw’igihugu ca Emirats Arabe Unis. Ubwo bwato bukaba bwafashe imyaka 3 yose yo kubakwa. Imyaka igabuwe uku: umwaka umwe wo kubucapa n’imyaka ibiri yo kwubaka nyezina ubwo bwato. Bwatwaye amahera agera ku miriyoni 605 y’amadorare. Bufise uburinganire bungana metero kwadarato 550.
 
- Eclipse, ubwato bwa Roman Abramovitch
Azzam bukaba bukuye mu kibanza ca mbere ubundi bwitwa “Eclipse” bwari bumaze muri ico kibanza imyaka 3. “Eclipse” (bureha n’imetero 163,5) bufashe ikibanza ca kabiri mu rutonde rw’amato manini uyu mwaka w’2013 bukaba ari ubwa Roman Abramovich, umurwizatunga w’umurusiya. Umurwiza tunga azwi cane kuko ari nawe nyene umurwi w’umupira w’amaguru rurangiranwa wo mu Bwongereza witwa Chelsea FC.
Ku rutonde rw’amato 100 rwasohowe n’ikinyamakuru Yachts France, imihingo y’isi iseruka cane iseruka uku gukurikira:
Amato 31 muri urwo rutonde afiswe n’abakomoka muri Aziya y’Uburengero.
Amato 19 muri urwo rutonde afiswe n’abakomoka mu gicugu c’Uburusiya.
Amato 17 muri urwo rutonde afiswe n’abakomoka muri Amerika.
Kuri urwo rutonde ubwato bukurikira “Azzam” na “Eclipse” ni ubu bukurikira:  Dubaï  (mu kibanza ca 3) na  Al Said  (mu kibanza ca 4).
 
- Ubwato "Dubaï"
 
- Ubwato "Al Said"
INGABIRE Luc-Noël
