Accueil > Amakuru > u Burundi > Bafashwe bariko bagurisha amatara ya magendu
Bafashwe bariko bagurisha amatara ya magendu
vendredi 5 Mukakaro 2013
Mu ntara ya Kirundo, igipolisi carerekanye ubukerebutsi gifise mu gufata abanyonyezi bagire basahure abanyagihugu amafaranga yabo. Ivyo bikaba vyabaye ejo ku munsi wa kane igenekerezo rya 4 Mukakaro 2013.
Abo bafashwe bariko baragurisha amatara akoreshwa n’imishwarara y’izuba akozwe kuri magendu, ku banyagihugu bo mu Kirundo, akaba bari abanyarwanda batanu, abarundi batatu n’umuganda umwe.
Ntivyatevye baciye bahagarikwa n’igipolisi co muri ntara ya Kirundo, ariko haciye akanya gato baca barekurwa bamaze gusubiza abanyagihugu amafaranga yari yaguzwe ayo matara akoreshwa imishwarara y’izuba, yatse gusa iminota mike agaca apfa.
Mariella Bukuru
Messages
6 Mukakaro 2013, 02:09, par jerome
Bakoze neza reka tubashimire ko bafashije abo banyagihugu bagira basahurwe.Ariko inkozi z’ibibi nkizo ntizikwiye gufatwa hama zikarekurwa kuko nubwo zosubiza ivyo zasahuye.Kuko bavuye ngaho baca baja guhindura ikibanza n’ubuhinga bwubugizi bwanabi.