IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bafashwe bariko bagurisha amatara ya magendu

Bafashwe bariko bagurisha amatara ya magendu

vendredi 5 Mukakaro 2013

Mu ntara ya Kirundo, igipolisi carerekanye ubukerebutsi gifise mu gufata abanyonyezi bagire basahure abanyagihugu amafaranga yabo. Ivyo bikaba vyabaye ejo ku munsi wa kane igenekerezo rya 4 Mukakaro 2013.

Abo bafashwe bariko baragurisha amatara akoreshwa n’imishwarara y’izuba akozwe kuri magendu, ku banyagihugu bo mu Kirundo, akaba bari abanyarwanda batanu, abarundi batatu n’umuganda umwe.

Ntivyatevye baciye bahagarikwa n’igipolisi co muri ntara ya Kirundo, ariko haciye akanya gato baca barekurwa bamaze gusubiza abanyagihugu amafaranga yari yaguzwe ayo matara akoreshwa imishwarara y’izuba, yatse gusa iminota mike agaca apfa.


Mariella Bukuru

Messages

  • Bakoze neza reka tubashimire ko bafashije abo banyagihugu bagira basahurwe.Ariko inkozi z’ibibi nkizo ntizikwiye gufatwa hama zikarekurwa kuko nubwo zosubiza ivyo zasahuye.Kuko bavuye ngaho baca baja guhindura ikibanza n’ubuhinga bwubugizi bwanabi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.