IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bakundukize: "Hari abambara impuzu z’igipolisi kandi ataho banditswe mu (...)

Bakundukize: "Hari abambara impuzu z’igipolisi kandi ataho banditswe mu gipolisi"

vendredi 10 Mukakaro 2015

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi,ariko ubu atacumvikana cane Bakundukize Liboire yavuze ko adashobora kwihanganira ko igipolisi cica abanyagihugu gikwiye gukingira,akavuga ko bibandanije ashobora kuva mu rwego rw’igipolisi.

Mu kiganiro Bakundukize Liboire yagiranye na Radiyo Contact FM kuwa gatatu igenekerezo rya 8 Mukakaro 2015, yavuze ko mu gipolisi c’Uburundi harimwo abantu bambara impuzu z’igipolisi,bafise n’inkoho ariko ata hantu na hamwe banditswe vy’igipolisi.

Liboire Bakundukize amenyesha ko uri umuvugizi w’igipolisi mu mpapuro,aremera ko hari aho igipolisi cakoze nabi cane mu gihe hari imyiyerekano,aho igipolisi carasa gikoresheje amasasu yica abari mu myiyerekano.

Yavuze ko yemera ko igipolisi categerezwa gukingira abanyagihugu,ariko nko kurasa amasasu yica ku bari mu myiyerekano ata tegeko na rimwe rivyemerera igipolisi c’igihugu.

Liboire Bakundukize amenyesha ko igipolisi c’Uburundi cabayemwo imirwi ibiri,aho hari uruhande rumwe rwateguwe neza kirahabwa inyigisho zo gukingira abanyagihugu n’ikindi cambara impuzu z’igipolisi kandi gifise n’inkoho ariko ataho canditse mu gipolisi c’igihugu.

Uwo avugira igipolisi amenyesha ko atazokwigera ashigikira igipolisi gihungabanya umutekano w’abo categerezwa gukingira,mbere bibaye ngombwa ashobora no kukivamwo burundu.


Van Naris

Messages

  • Aho na bado n’ibindi bizovugwa rindira uhoraho abavugishe mwirabire wongere mwiyumvire bibanze bibatekurukane.

  • None ga mutama wewe ko mbona umengo warikuba umutama wijambo ariko ivyo uriko uravuga bijanye namategeko yigi POLICE wize canke bagukuye mwibarabara baca bapfa kugutereramwo gusa ,ubwambere womenya yuko akazikumu POLICE kwisi yose arako gucungera umutekano wigihugu nabanyagihugu bisigura yuko uwoweseashobora guhungabanya umutekano wigihugu akarorero imigumuko itegwa naba nyagihugu batabifitiye ikibari,Umu POLLICE ni reta ntamunyagihugu yemerewe gufata inkoho yumu POLICE ngo iyimwake yongere amufate nkuko bamwe bamwe vyagiye vyibonekeza kumbonesha kure nahandi Ikindi naco mwomenyako muri bamwe twita abansi bigihu canke biterambere bamaze kuja kuma TV bavuga ko bari behind yivyo vyose mubona bibandanya mugihugu,aho kugirango mumenye aho mukorera amatohoza muciye kubo muzi k aribo nkwezi zamabi yose yagiye aribonekeza ,mugabo uriko uravugako uzokivamwo burundu mbega wibaza ko uzoba uteye akagere bande? nyakubahwa ndagusabe ube wiyumvira nkumuntu yaciye kuntebe yishure kandi wongere ukoreshe ubwenge ndemanwa wahawe n’Imana mushobora vyose
    icara ahantuwiyumvire ntuzusubire kuja kuma Radio na Television uvuga amajambo nkayumwana yiga kuvuga
    Murako mugire umusi mwiza.

  • Ko biteye ubwoc? Uwo ni umupolisi canke aza yarirukanywe? Je sinatahuye neza!

  • Mwiyumviye neza ariko nuko ari mwebwe muzambika izo mbonerakure zanyu ngo bashigikire peter kunguvu, kwayo majambo uvuze ndavye ibiri ngaha wicungere aho baraguhiga hasi hejuru kuko utakora ivyo bakeneye,gusa uwufise ubwenge yova inyuma ya peter nayahandi sinzi, Umwana w’imbeba yazize urwanko rwa nyina uwumva niyumve,uwubirengako nawe nashishikare unomusi s’ejo.

  • emma
    uwo ngonumuvugizi wigi POLICE nasarire kumusozi, kuberiki yababonye ntabadomeko urutoke kandi asanzwe nawe arumutegetsi? mwabagabo gezaho amarementanya yanyu ubu sinkakera twaraciyubwenge, pita siwe yisizeho nimumureke muhangane natwebwe abenegihugu

  • Niho Bavuze Ko Urwanda Rubitse Abagomvye Guhirika Ubutegetsi Kuber,iki Amaradiyo Y,i Rwanda Ariyo Atangarizwamwo Abatang,imihoho Nabivugire Ku Radiyo Y,igihugu Vyabananiye Abo Bambikwa Impuzu Z,igiporisi Nibo Batangaje Ko Bater,amagerenade Nibo Baturiye Imiduga N,abantu Pfa Mwipfane Mwarahinyutse

  • NONE WEWE KO NAMA IMISI YOSE NDAKUBONANA PISITORE KANDI N’ABAKUGENDANIRA BAFISE INKOHO NI KUKI ZITAKUVA INYUMA KANDI ZITAREKURIWE KURASA MBEGAHOHO NI RYARI UMUVUGIZI AVUGA IVYO URWEGO ASERUKIRA RUTAMUTUMYE AHO WEWE NTAMATEGEKO Y’IGIPOLISI WARENZE? CANKE KO UTAGENDA N’AMAGURU MU BARIKO BIYEREKANA NGO WEREKANE UBWO BUHINGA BWAWE AHO NTIWOKWOMOKA NEZA

  • MBEGA AHO UDUKANGISHA KUVA MU GIPORISI URAZI INTORE ZAVYIPFUZA ZAPFUYE ZITAKIGIYEMWO ?VAMWO HAMA ISI ITOBOKE SI INYUNGU ZAWE NA FAMILLE YAWE AHO NI UKO UBONA IVYO WEGERANIJE INGENE BINGANA

  • Nababwiye Nti rindira akari inyuma, nibindi muravyunva.mbe ERIC ww uhaye uhanura umuvugizi w’igipolice. reka guta umwanya.mbe aho umwita umwana ubona mungana? be mugira discipline.ahubwo nimba udafise amahera ng’ubahembe nabandi barayasesa.

  • @Igihe.bi
    Nimwikebuke muze muratanga inkuru zuzuye mureke guhenda abasomyi kuko mutinya gutanga inkuru uko iri!!!!!!

    @Abasomyi
    Niwisomere abatanze inkuru yukuri uko ivuga:

    Burundi: Umuvugizi wa Polisi yarahiye kuyivamo kuko ihohotera abaturage 9-07-2015 - Saa 18:36 na Tukamwibonera Leonard

    Umuvugizi wa Polisi

    Bakundukize Liboire

    atazakomeza kwihanganira ko Polisi yica abaturage ikwiye kurinda, ndetse ngo mu

    muri uru rwego

    azava

    byakomeza

    gihe

    rushinzwe umutekano.

    http://mobile.igihe.com/

    Mu kiganiro Bakundukize Liboire

    buhungiro imbere mu Burundi

    hatazwi yagiranye na Contact FM kuri uyu

    Nyakanga

    8

    ya

    tariki

    Gatatu

    wa

    yavuze ko muri Polisi y’u Burundi harimo abantu bambara imyenda

    bafite n’intwaro nyamara

    hamwe bagaragara mu bitabo by’aba Polisi b’iki gihugu.

    Uyu usanzwe ari Umuvugizi wa Polisi y’u Burundi yemera ko hari aho Polisi yitwaye nabi cyane mu gihe havugwaga uguhirika

    Perezida

    bwa

    ubutegetsi

    ikarasa amasasu nyayo

    myigaragambyo.

    Yagize ati “Ndemera ko

    yagakwiye kurinda abaturage.

    kurasa amasasu nyayo ku bigaragambya,

    ribyemerera

    rimwe

    na

    tegeko

    nta

    y’igihugu.â€

    Yongeraho ko muri iki

    yacitsemo ibice bibiri, kimwe

    imyitozo

    kigahabwa

    neza

    n’ikindi kirimo abantu bambara imyenda ya Polisi kandi batunze n’intwaro

    n’ahantu na hamwe bagaragara mu bitabo bya polisi y’igihugu.

    Yagize ati “Ndemera ko mu Burundi hari abambara imyenda ya Polisi

    by’ukuri nta hantu bagaragara mu bitabo bya Polisi.â€

    Uyu mugabo ukitwa umuvugizi wa Polisi ariko usigaye aba ahantu hatazwi, yabajijwe niba azakomeza kubaho muri ubu buzima yitwa ko akorana na Polisi y’igihugu, avuga ko ibyo kwamagana azajya

    gusa ngo ashobora guhitamo no kuva mu gipolisi burundu.

    Yagize ati “Inshingano za Polisi zirazwi. Nta na rimwe nzigera nshyigikira

    ihungabanya umutekano

    kurinda. Sinshobora no kwemera ko habaho abantu bambara imyenda ya Polisi ataribo kandi sinanemera ko Polisi

    amasasu nyakuri irasa ku baturage. Aho kwemera ibi nzemera mve mu gipolisi.â€

    Imyigaragambyo n’imvururu zishingiye kuri kandidatire ya Perezida Pierre Nkurunziza mu Burundi imaze guhitana abantu bagera ku 100 mu gihe abandi barenga ibihumbi 100 bahungiye mu bihugu by’ibituranyi by’u Burundi.

    Twitter: @Tukamwibonerale

  • Eric watanz iciyumvir ciza uwo mupolisi usanga bamuhay inoti arko ntibitangaj harico basana na pacifique na vital

  • Ivyo bintu nimba arivyo birateye ubwoba emwe ntamahoro ari mu Burundi.

  • UBAYE UMUGABO,URETSE KO BASHOBORA KUGUSAFISHA.KUKO KU NTWARO YA PIERRE NKURUNZIZA KIZIRA KUVUGA UKURI.NDAGUTAHURA,UMUNTA AKUNDA IGIHUGU HARAGERA IGIHE AKIHEBA,AKAVUGA UKURI NUBWO YOBAZI KO KUMUHITANA.HANURA URABE,;TWE TWARAHEVYE NAHIMANA GUSA

  • @eric urakengera cane, wewe ugomba usuzugure igihugu camuhaye ico kibanza? mugihugu cose babuze uyundi? mugabo urya nyene niwe wari ukwije ivyasabwa. Erega kutaba inyuma y’ubutegetsi sukubura ubwenge kandi harya ivyo ariko aravuga vyarabaye, kuri ivyo abo biyitirira opposition bakemera gutera za grenades twamaze guhinyura ko ari aba DD bariko baragomba guhenda amakungu nabenegihugu batobato.

  • @eric urakengera cane, wewe ugomba usuzugure igihugu camuhaye ico kibanza? mugihugu cose babuze uyundi? mugabo urya nyene niwe wari ukwije ivyasabwa. Erega kutaba inyuma y’ubutegetsi sukubura ubwenge kandi harya ivyo ariko aravuga vyarabaye, kuri ivyo abo biyitirira opposition bakemera gutera za grenades twamaze guhinyura ko ari aba DD bariko baragomba guhenda amakungu nabenegihugu batobato.

  • Umuntu icazokora nic kizomwubahisha numuryang wiw wos kand muwunzokar nab uwariw wese yitege numuryango wiwe.

  • REKA KUBA MU BESHA..MWEBWE IVYO MWUMVA VYOSHOBOKA?????

  • IVYO KO ABIVUZE INGANDA ZIMAZE GUTIKIRA NIHO AKIBIBONA?

  • MUKURIKIRANE IKICIYUMVIRO CANJE KUGIRA MUSHOBORE GUSHIGIKIRA UWO MU POLISI CANKE MUSHOBORE KUMUNEGURA MUTABOGAMWE. UMVA KW’ISI NZIMA IYOBARIKO BARIGISHA CANKE BA TRANINGA ABANTU BOGUTWARA AMAMODOKA ATWARA ABANTUBESHI (BUSES) EKAMBERE KUMODOKA ZOSE, NTANAHAMWE BAZOKUBWIRAKO VYEMEREWE KUGONGA UMUNTU. ARIKORERO REKANDABABAZE WARAHEJEJE KWIGISHWA IVYOVYOSE NDETSE UKARONKA AKAZI KOGUTWAZA IKIMODOKA KININI CIKI BUS MAZE UKAGENDA UKUZUMWO ABANTU CAGENEEE GUTWARA ,NONEHO UGAFATA IBARABARA UGASHOFA MAZE UKAJAMWIBARABARA RYIZA RIKWEMERERA KWIRUKA GUSHIKA KURI 120 MWISAHA ARIKO HARIHIBIHUGU BIKORESHA IVYOBITA MILEAGE VYOVYO NINKA MILEAGE 60 MWISAHA AHO IMODOKA IBAYAMAZE GUTANGURA KWIRUKACANE, NONEHO UKAZAKUBONA UMUNTU AJENKUMURAVYO AGAHAGARARA NKOKUMETERO 20 IMBEREYAWE MUKABAMUZIKO IMODOKA YARIKO IRUKA MWISAHA IBIROMETERO 120 ( MILEAGE 60) KUGIRA UYIHAGARIKE NUBWOWOGIRAGUTE VYASEBIKUNZE NTIVYOZAMUSI YA METRO 100 NONEHO TWAVUZE KURYAMUNTU YAHAGAZE KUMETERO 20 IZONAZOTWISUNZE UKWIMODOKA YARIKO IRIRUKA IZIGENDAMWO NKAHAGATI YUMUSACONDA UMWE NIBIRI, MWIBUKE KOHARIHO IBINTUBITATU UMUNTU AKORA KUGIRA AFATE FIRE IVYONAVYO BIFATUMWANYA UTARIMUSI YIMISACONDA 3 MUCAMWUMVAKO WOBAWAMAZE KURENGANA WAMUNTU YITAMBITSE IMBEREYAWE. KUGIRARERO WUBAHIRIZE IVYOWIZE KOKIZIRA KUGONGA UMUNTU NUKO WOHITAMWO GUHEBA BABANTUBESHI UTWAYE MWI BUS UGAKATISHA IYOBASI NINGOGA NKOMWI SACONDA IMWE NIGICE NONEHO IYO BUS IKIBINANGURIRA MUMISOZI CANKE UKAYISUKAKUNZU, KUGITI, CANKE UKISUKA KUZINDI MODOKA ABARIMWOBAGAPFA NAWE URIMEO? CANKE WOKWEMERA UGAKORA IVYOBAKUBUJIJE VYOKUTAGOGA UMUNTU UKEMERA UKAMUGONGA UGAKIZA BABANTUBESHI BARIMURI BUS?

    INYUMA YIBIBAZO MBAJIJE REKA NIBARIZE UYUMUPORISI?: MBEGA KUBERIKI UTIGEZE UBAZA NIMPAMVUKI IGI POLISI CIGIHUGU BAGIHA IMBUNDA KANDIKUTEMEREWE KURASA? NONGERE NDAKUBAZE NKABA POLISI BAGIYE GUHAGARIKA IMIGUMUKO BARIBIBAZA KWARABANYAGIHUGU BASANZWE NONEHO ABOBANYAGIHUGU BAKAHUKA MUBA POLISI BAKABAVUZAMWO AMAGRENADE BONGERA BABATURIRA ABOBANYAGIHUGU BONGERA BAFATA ABA POLISI BAKABAKWEGA HASIMPAKABAPFUYE WEWE WOMBARIRA UKIWIVYIFATAMWO?

  • Jewe Iconiyumvira.Nuko Imana Yogira Ico,ikoze Kuri Abobantu.Kukobahezaguteranya Inganda Bagacabidohora.Nkubu.Abavyeyibenshi Abagorebenshi Bapfakaye Kubwabo.Imana Ibagirenkakayini Bapfebangara.Amarasoyabo Arakabahumira.

  • Ewe libuary kukuruka neza hari hageze kutaha ntakamarokanini warukimarira igihugu

  • aho iconokubwira nikimwe ww wiyita ngurumuvugizi wa police yaba ww nabateguye imigumuko bita ngo nimyiyerekano nabayigiyemwo mwese murabansi bigihugu guturira mutongora mbe nkwibarize abo uvuga ko bambaye imyambaro yigi police batanditswe kandi naw warimwo mubabitanga nyabirwanisho niyomyambaro mugabo ntuvuge numwe kuramanya ayowivye azoteba ahere sha muzopfamwangara nka gahini.

  • nuko hahirwa ababona ko bakoze ivyaha kandi bakigarura kandi bagasaba ikigongwe.ndagushimiye mutama.ubundi bwo ntagikirerwa musi y,izuba kitamenyekana nivyagizwe ibanga bizamenyekana kandi iyo wifatanije ninkozi y,ikibi nawe uba uriyo.bitebe bitebuke iryavuzwe rizataha

  • Iyaba bose babibona gutyo igihugu cacu cokize kandi bitebe bitebuke kizokira kubera biriko biraza ko abapolice bo nyene bakuru bakuru batanguye kubibona nkabasirikare

  • Abantu munegura uyu mupolisi kandi azi ibijanye n’amategeko namwe bwarakehanye kabisa,namba mumugaye, nuwamuhaye akazi mwamugaye,nuwarongoye igihugu nawene mwamugaye kuko ariweyamusizeho gusa ndabashima ko mugayira mumigani.

  • Reka uwiteka abiguhember kd ntugir ubwoba kk uhoraho agendana nabanyakuri ukuri kuzokubera inkinzo kd kuzokuzigama,kd kuzokiza n’umuryango waw!

  • Ukuri Kuzokubera Inkinzo Kd Kuzokuzigama Kd Ntugir Ubwoba Kk Uhoraho Aba Hafi Yabanyakuri Kd Akabazigama Azokuzigama Yongere Azigame Umuryango Waw

  • hahaha!ari uko ni hatari!

  • NONEKUBERIKI?BAGUMYABASHAKAKWEGEZA,AMATORINYUMA,NTIMUZEMUDUSHIRE,MUNTAMBARA,YARI,PASKAR

  • Yooo,?’? Birabaje Cane Kumva Ko Igiporisi Cicamwo Imirwi Ibiri Mbega Hoho Abajejwe Gukingira Ko Ribo Babirimwo Tuzojahe? Imana Nigarukire Uburundi Pe Turarushe.

  • MWEBASHA MWITAMUVYO MUTAZI MWOBIVAMWO KUKO MUMAZE KUBA ABARABURUGO GWABANDI MURABANYARUSAKU BAKWIYE IGIPLISI BANGANA 30MILE ISODA BANGANA 25 MILE NONE BOKORESHA ABANYAGIHUGU?BATANANIWE MARAMARE NEZA

  • MBEGA UWOMUPORISI YOBA AKIBARIZWA MUGIPORISI CUBURUNDI KOMBONA MUBURUNDI UVUZE UKURI UCA UKUZIRA HAA!! WAWUNDI NGUWUZORA AZOBONA

  • Hama ngwabahoze mwishamba ngo ntagipolisi bize,emwe uyu mugabo ntakarangamutima kigipolisi afise nagato nurugwarudubi,nahandi umuntu atavamwijipo nugwagwa ,sindamugaye ngaye abari bahamusize kweli,emwe nkukukuruke agende gucungimbwa nubusiti ntabukwiye aramaramaze aba Unpol bakoranye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.