IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu banyagihugu batanguye gutahura akamaro ko kuvyara bake

Bamwe mu banyagihugu batanguye gutahura akamaro ko kuvyara bake

mercredi 5 Munyonyo 2014

Abarundi batandukanye bariko baratahura akamaro ko kuvyara abana bashoboye kurera ndetse n’ugutandukanya imvyaro.

Médiatrice Manindabire, avuga ko we n’umugabo wiwe bamaze kwumvikana ko bazovyara abana batatu gusa, kandi bakabakurikiranya inyuma y’imyaka ine. Uwo mupfasoni avuga ko atarushinge canke akanyuzi akoresha ariko we n’umugabo wiwe bavyiyumvikanira, bagakoresha kwihangana. Umwana wiwe wa mbere afise imyaka ibiri, bakaba bategekanya ko bazomukurikiza afise imyaka ine.

Uwo mukenyezi wo ku musozi wa Masama muri komine ya Mbuye intara ya Muramvya, akaba amenyesha ko icabatumye bifatira iyo ngingo babitumwe n’iyaga ry’isi, ndetse n’indyane ziri mu matongo, aho abantu bicana bapfa amatongo, canke bakicana kubera kwagirwa n’ukudashima utwo bafise.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.