IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu mpunzi z’abarundi ziri mu Rwanda basaba kujanwa i Buraya

Bamwe mu mpunzi z’abarundi ziri mu Rwanda basaba kujanwa i Buraya

jeudi 6 Myandagaro 2015

Zimwe mu mpunzi z’Abarundi ziri mu makambi y’impunzi mu Rwanda zisaba gufashwa kuronka ivya ngombwa vy’inzira bibinjiza mu bindi bihugu aho zoshobora gutangura ubuzima bushasha.

Reta y’Urwanda n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR, bamenyesha ko kugeza ubu mu Rwanda hari impunzi zishika ku bihumbi 71, zahunze ibibazo vya politiki biri mu Burundi kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane 2015.

Umwe mu barundi baganiriye n’itororokanirizo ry’amakuru, Xinhua, Josee Niyitanga, wo mw’ikambi ya Mahama mu Karere ka Kirehe mu Ntara y’Uburasirazuba, avuga ko umuryango wiwe uba hanze mu bindi bihugu , ariko ko bigoye kubashikira.

Amakuru avuga ko benshi muri izo mpunzi basaba gufashwa bagashika Iburaya no mu bindi bice nka Amerika ya Ruguru na Australia. Niyitanga yavuze ko ata cizere bafite co gusubira mu Burundi kuko umutekano ubandanya uba mubi.

Umuyobozi ajejwe imigenderanire n’izindi nzego mw’ishirahamwe ryitaho impunzi mu Rwanda (UNHCR), Martina Pomeroy yabwiye ikinyamakuru Igihe ko imigambi bafise gushika ubu atari kwimurira izo mpunzi mu bindi bihugu.

Yavuze ko UNHCR idategekanya kwimurira mu kindi gihugu impunzi z’Abarundi kuko ubu bakiri mu gikorwa co kuzakira ariko bafasha impunzi guhura n’imiryango yabo iri mu bindi bihugu.

Gushika ubu nta gitigiri c’impunzi z’Abarundi zikeneye guhuzwa n’imiryango yabo mu mahanga kiramenyekana.

HCR ivuga ko impunzi z’Abarundi ibihumbi 144 zimaze gusaba ubuhungiro mu Rwanda n’ibihugu bihana imbibe n’Uburundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • nibahunguke kuko ntabwoko bwateye ubundi ntamuryango wateye uwundi bishinze abanyeporitike baharanira indazabogusa

  • Bwiriz Nyenz Titaha Iwany Mukanyosh Iburay Kirazir Kuk Ntacomuzogerak Ivyomwashak Vyarase Emma Kutavuga Ndagukumbuye Irambire Nanj Nitwa Mandayabo Ntiragera

  • ahubwo bagiye vyobavyiza babajanye abatutsi boba bagabanutse aribikunda nabari iburundi bobajanananabo hagasigara abahutu gusa amahoro yoboneka inyenzi ahoziri haramgwa intambara nugutangura gusenga bakabajana umuntu yokwiruhutsa kuko abahungiye irwanda ninyenzi gusa.canke ntibari iwabo ahobarya amakoto gusa numuceri ninyama ntibabayeho neza ahubwo nibabajane mwijuru niho bipfuza.gusa ivyaha bagakoze arinavyo bahunze imana ntiyobakira

  • Bagumye aho bari ntivyokunda

  • IZOMPUNZANI NIBAZITUNGANIRIZE ZIRONKE IVYANGOBWA HANYUMABIJABUKIRE KUKOMUBURUNDI VYANANIRANYE OK

  • Ntakindi bashaka uretse kuja iburaya.muzorebe interview bakora.bazovugako ababo babishe boseeeeee ngo nawe Leta iri kumushakisha.nakumiro ndabasetse hahhhhahaha

  • AHUBWO?BOHUNGUKA,KUKO,ARIBUJUMBURA,NAHONYENE,YAMAKOMINE,YABO,AHANDIHOSE,NUMUTEKANO,NAHO,NIBO,BAWIHUNGABANIRIZA,

  • Nibagende Abo Bicanyi Nashebuja Kagame

  • Wewe wiyise Mandayabo ntiragera, ukumbuye Emma? Yahitanywe na cagitero cahitana Adolphe ntavyo wari wamenyenye? Ndagufashije umubabaro. Nawe uzogenda mu gitero kizoba kumunsi w’imana ujane na NYAMITWE, NDAKUGARIKA na KAZUNGU. Ba uratunganya ubugingo.

  • irwanda ntibahizeye?nagira niwabo kobahunze imbonerakure irwanda akabatazihari hoho bahagaye iki?barateye amakenga

  • Ewe bahati kutiga biragatsindwa so ahuba murafise iradiyo kuko ivyo vyiyumviro mvyiyumvira abantu bo muri 72 kuko ntamaradiyo yari bwabe menshi ndakubaz aho aba dd bashika kubutegetse ndakubwire ndazi ko utabizi batanguje umugambi bise SAFISHA aho naho kwari ugusafisha aba FNL none naw uracari muvy’abahutu na batutsi humura amaso ubone apana kwama uri nyuma y’ubwoko

  • Wwe wiyita bongo,nashaka nkubwir kukwiy gukizwa ukava mumacakubir.je nd umuhutu ark ndaz ko abatutsi ataribo babujij amahoro muburundi.REKA INZIGO NTAHIZOGUSHKANA.

  • Murabateka mitwe kabisa! ati mujanwe i burayi, ahubwo nimube muradya ibirayi vya Kagame aho mu rwanda, kuko abo banyaburayi nabonyene barabahinyuye.

  • Ahbwo Nibatunganirize Bigre,Bareke Kuvuga Ko Mu Burundi Hariho Amahro Kku Ivyiburundi Nagahomera Bouche!!Imihmbiri Yab DD Ntakuri Bizigra Bavuga!!Mugbo Bamenye Ko Atamvura Idahta,kndi Igihe Intahe Yafashe Ijmbo Hari Abazojugumira!!

  • EMWE GA YEEEE! BARATEYE ISONI BASI AHO KU4RA BIYEGERANYE BA FORMER UMUHARI WAGISODA UZOZA GUHABUZA UBURUNDI UBWO BUBE4TO NIBWO BWABAHUNGISHIJE BURZA BARIHENZE NUKO BATABIZI HEMWE BURYA NGO THERE IS NO PLACE LIKE HOME KANDI ÖNEHO KUVYIYIMWAKA MBONA ASHA NDAREMYE NTA BURAYA MUZOJANWA MVAJE NGO MUHABUZE UBURUNDI BWABIBARUTSE MUZOSAZIRA MWAYO MAKAMBI MAMA YANGU EGA UBU UYE AMERIKA NABURAYA HARUZUYE SHA NTAMWIRABURE BAKENEYEYO NABARIYO BARI MUKWIRUKANWA SHA! MBE BURYA MWARIZE? MURAKURIKIRANA AMAKURU NGO MUBONE IBIBERA MURI ZA GRECE? CRISE ÉCONOMIQUE MONDIAL? NABARIYO BIPFUZA KUGARUKA MURI AFURIKA SHA! MWEBWE VS N’ETEZ PAS DE PATRIOTES BASI! JE MURABA CAGUMA BIPFUZA KUJA MUZABURAYA AMCI BAHURA NAYO MUMAZI BAJA ZA ITALI HAMA MUZOHEZA MUMENYE YUKO ZA BURAYA BADAKENEYE ABIRABURE! A BON ENTENDEUR SALUT! VIVE "LA COALITIÖ DES FORCES POUR LA DEMOCRATIE."

  • Ahbwo Nibahungke Boy Gutera Baj Mubndi Bihugu Kuko Natwe Turahabay Naho Atamvekano Ukwiye!

  • je nibazako gusaba ubuhungiro, aruburenganzira bwabo.bikunze boba rungika, bakabaho batekanye.

  • EWE SHA BONGO URI IKIJUJU BASI UTI RERO MWE ABAHUTU MWIPFUZA GUSIGARANA UBURUNDI MWENYDNE SOWAWE YARAGUHENZESHA! NTAHO MUZODUSHIRA HARYA NGO MUSIGAYE MWENYENE ABAHUTU NGO MWOTUNGANIRWA ? URIHENDA MUGA NDAGVAHURA KUKO NIKO RUDOLUFE YAGUHENZE KUBERA UTAHONYOYE KUNTEBE Y’ISHURE MBE HAMWE RUDOLUFE YATERA MURI TZT, GRENAD DOCTEUR CTUNGWANAYO NTIYARI UMUHUTU MWENEWABO?BAPFA IKI NTIYARI INDAMBI? HAMWE PETER NA RUDOLUFE BAGUMA BAGANDAGURA AC FNL BAPFIKI KWATAMAHORO MWARONSE NTIMWIMARANIYE? HAMWE PETER YAGANDAGURA SIMONI NYANDWI KUGIRA NTAMUTWARE IKIBANZA CA PEREZIDA! HAMA UBU NAHO PETER KO AGANDAGUYE RUDOLUÈ! SUMUHUTU NKAWE! NTIBAPFUYE IKIBANZA CUKURONGORA ASSEMBLÊE PETER YARI YAREMEREYE UMUGORE WA RUDOLUÈ WEWE WIYUMVIRA NKAGAHUNGAREMA MUGA NTAWOGUSHAÙRIRA NAGUTAHUYE KUKO WIYUMVIRA NKUKO UREHA! NAYO UWOGUHENDA NGO UMUTUTSI MUZOMUHONYA YOBA AGUHENZE SHA DUFISE INTWARAMIHETO KANDI ZIKWIJE ZIZODUKINGIRA MPAKA JESUS AGARUTSE! EX FAB YACU NTIWIHENDE YUKO HARAHO YAGIYE WAKIJUJUWE CUMUHUTU!

  • YEMW,NAKAMUNA,NIMUZE,TUBANE,KK,TWESETURIBENE,ADAMU,KANDI,SUMUTUTS,SUMUHUT,SUMUTW,TWES,TUVA,AMARASO,ASA,NIMUHUNGUKE,KUK,IBURAY,SIMWIJURU.

  • Abirabura rwose duteye agahinda,iyo mumenya uburyo umuzungu yanga umwirabura ntimwasabye kujya iwabo,musenge mugire amahoro mutahe,munagezeyo ntimwatinda kubonz’a ko iwanyu hari heza!!babakunda iyo babareba mumarana!!!

  • @bongo
    Reka sha kubasotora niwaba warabonye ivyabaye muri ivyo birere vy’’ibiyaga bigari vyuzuye imivyimba gusa! Raba aho haruguru yacu ingene uwuvuze bamuvuguruza agafuni agatahira muri Rweru! Intwaro nkiyo niyo wipfuza?

  • Nsomye ibivyavuzwe nababarundi bahunGiye Rwanda basavye vyukobotwarwa Buraya, Amerika hanze ya Afrika, ncinibuka umuntu yanditse commenter ayicishije kurubuga rwiyahoze ari radio Isabganiro harinyumagato yamatora yomuri 2010 Uwomuntuyaravuzengo: Jewe nibera mubihugu vyohanze atariko harumuntu tubanahino umusi umwe hariho umuntu yarimuburundi barikobaravuganira kuriza telefone, uwomuntu wi Burundi aravugango: Mugeziwanje ngwerega urafasha kugirananje nzoze niyo. Ngwariko wamuntu yaciyamwishurako bitokworoha ngokiretse urihanze yu Burundi ngonahinyene mwikambiyimpunzi ngonukuvuga ngonkubu ababagabo kobatanguyeguhunga ngoharihigihe WOCUGIRAMAHIRWE UGASANGA BARATANGUJE INTAMBARA NGOMAZE MUGACANUHUNGA NGOVYOCAVYOROHA KO NOGUFASHA UKIYIZIRAHINO!!!!!!!!!!!! Kubwivyorero abarundi muziko mubamuburundi mutariko murarobdera kuzokwimukira mukindigihugu haragezeko muhagarararugabo ijoronumutanga kuko hariho abazozurura ingorane bisunziki nakiriya kumbe bironderera kukamisha kwigira mubindibihugu.

  • Nibaje muri nyungwe kurwana tubamene amaso bapfe akabo karashobotse canke HCR ibahe isumu bahone hakiri kare

  • Kumbe Mwahungiye Mu Rwanda Ari Imitw Kugira Mury Umunyenga Womundeg Ngo Mugiye I Buraya?Kumbur Muz Mwubak Igihugu Canyu Ndumva Ari Urubanza Rumw Rumara Zibiri

  • Erega abarundi ntidukunda uburundi bagomba baje gutezimbere ibihugu biteyimbere!!!nibagende iherezo ry inzira nimunzu bazogaruka badusangaha

  • IDIOT!! Nibo biyica? Naw rudorufe wanyu yarawihungabanirije!! ba muzezetera hirya! Yamara amaraso niyo mfungugwa yanyu.

  • Abubwo Bahati ww ntabwenge ufuse ngo iyowumva ngo abahutu mwararwiriy wibazako muzoba muburrundi mwenye ivyiyumviro vyaw bisa nikijuju kitigeze gica kwishure

  • Kubita abo basumirinda batahe kuko abo bamenyereye kurera amaboko bibaza ko i Bulaya canke Amerika ariho bazorya badakoze.

  • Umuntu yitwa BONGO arenga amategeko agenga iyandikwa ry’iciyumviro.Yandika ibitutsi,amacakubiri kenshi.Niyaba ari umurundi ari munyankaburundi,kuko amajambo yiwe si ayo kwubaka canke kuremesha.Murakoze.

  • Nibabajane None!
    UNHCR yogira ico ikoze

  • ABAHUNZE UHORAHO ABACURIYE BASOME YEREMIYA 42:1-22 ABAZOGUMA KWISEZERANO OBADIYA 1:17-21

  • King James ntiwihende iyo ntahe niyaba ar’iyukuri ntizofata aba DD gusa izohera kuri Simbananiye, Bikomagu , Buyoya n’abandi kuko bamwe murabo izobabaza iyo bajanye Ndadaye siniriwe nvuga vyinshi reka ngez’aho.

  • Wewe wiyita Lieutenant général de Buja ndunva abicana bose ubazi ukamenya nivyo bapfa mbega ni wewe batuma kubica ko uzi amabanga yose.
    Hanyuma rero nokwibutsa ko na nyina wuwundi avyar’umuhungu, mbega urazi abantu bagiye bapfa kuva twikukira bicwa niyo exFab yawe nayo ntiyabamaze.
    Hanyuma kuvuga ko umuntu atekereza nkuko areha nukwihenda cane kuba muremure canke mugufi ntaho bihuriye no gutekereza nawe aho werekanye ubwenge buke kandi ntaco umurushije.
    Abarundi twese tugomba kumenya ko ntaho tuzoshirana, Hutu,Tutsi,Twa tuzobana mpaka Yezu agarutse.

  • Jew Ndababazwa Caaane No Kuva Kuri Goma,Urwanda N’uburundi Mbe Ninde Yabaroz Mukwiy Igihano Cuko Mwohona Mwese Hagasigara Inzoya Zitazubwoko Kuko Mwese Mumez Nka Samusur Mwibaza Ko Mwugamy Mugabo Iminwa Yanyu Irikunyagigw Mubahutu Harabuz Imvugakuri Mubatutsi Nuko Mana Garukira Ivyobihugu Umuntu Akivuga Hutu Na Tutsi Mbere Bikamuterinzigo Kandi Akamba Ari Mwishengero Ni Nka Samusure(IMANA IBAHINDURE)

  • liliane jwe ico ndabivuzeko nuko twese twokundana tukunvikana kuko ntaco turiko turapfa hama tugasenga imana kukuo imana ntakiyinanira vyose irabishoboye kandi kuza muravuga ivyubwoko sivyiza kuko imana yaturemye niyo ituzi twese ko turabahutu cnke abatutsi reka dukundane nkakumwe imana yadukuze

  • @lieutenant general de bujumbura
    Mbega burya abahutu basigaye bafise indambi?C’est un bon debut,bwa bundi bazovayo.Mbega ko utinya ko tubamesa tukabagorora,reka kumoka genda kuri terrain wikingire wongere ukingire abandi ayo ma analyses n’ama explications uduha nayo umuntu ari kwiremesha ,rero reke gukumbura kahise,ntaco biguha pauvre déprimé.
    Izo mpunzi nazo,hihihiiiiiiii,zataye igihugu nka ba banyeshuri bo kuri campus ngo babajane i bulaya,abatutsi iyo muva murakunda kwangara,n’uburundi muzobuvamwo tubusigarane ntimwibaze ngo mwatwiciye general ngo ducike inkokora au contraire bande de sanguinaires ça ne fait que nous renforcer,i bulaya nibabajane batuvire hafi y’igihugu nibaje gukoropera abazungu bashobore kubaho,nawe dolofu wacu niyiryamire yaraduhaye igihugu na independance yo nyayo twebwe abahutu dutegerezwa kubandanya tuyigwanira atari ya independance y’amafuti ,muratwiciye umu general wacu akiri muto bande de couillons,ariko ba dolofu basigaye si bake ntimwihende ,wewe wabira cane ntaco ushoboye atari ukumoka gusa.

  • wewe wiyita #liutenant general#wewe urihenda mbe komvuga ukavuga ayamuhe,ko bahunze atawubahungishije ikindi ngo mufise aba exfab bazobarwanira?twebwe ntabodufise?ikindi ngo mvuga ukwondeha iconzi nahontakubona ntitureha wewe uzozuravuga make ubu twaraciye ubwenge turazi kwitarasira hose izompunzi mbe kwarije mfise amacakubiri ko murwanda hahungiye abatutsi gusa?ivyuvuga vyose urihenda ahubwo ntibazobatware iburaya bazobajane mwijuru

  • ntasoni generale wanyu.urumuhu tuwigito .iyo nzigo yawe ntaho izogushika.mbega iburaya nta bahutu bariko barakubura.imana ikubabarire.ntuzi icuvuga.

  • Nibazako Ico Aricocatumye Bahunga Ngobaronke Uburenganzira Bwokuja Hanze Nibazeturime Imimbati Ntawuheba Ahoyabaye Ntamana Yicompa Nibaze Mugihugucabo.

  • NUKURI VYOBA ARI BYIZA BATUJANYE MUBIHUGU VYOHANZE.KUKO TURABONA MU BURUNDI NTA MUTEKANO DUTEZ KUHABONA VUBA!!!

  • Bene Dat Rek Gusinzir Tur Murugend Kand Besh Barananiw.Kuk Mwibaz Vyinsh Kumunt?Mb Nind Yaremy ?Kwibivyos Uhor Abiz Guma Kumasezeran Yima Hama Abezw Bezw Abandur Mushishikar.Mbe Nkub Wewe Wopf Wojah Wibuk Kur Umunt Upfa Utar Imana Ahiri Ir Kubishir Kumurong Kuk Igihug Kirashobor Kub Nka Paradiz Kir Mwahor Vyagiy Kwank Mutsimbatar Kubwok Ja Kumav Wisengr Ubaz Imana Ico Ur Bukor kukanyum Kuk Ntamahor Azobah Mukigamits Amazosi Rek Iciman Yavuz Gishik.

  • Mwe mwiyita impunzi mutari impunzi umusi mwahunze mzobona ikibi co guhunga.Icari ciza n’uko niba muri abarundi nimutahe kuko mu burundi n’amahoro.Ati Gen Adolphe Ntaho urupfu rutari kandi umuntu abaho kubw’Imana.Ikibazo si Mandat ikibzo n’uko mwese mushaka kuba abakuru b’igihugu.Saba ubuhungiro ku Mana.

  • kutabona kandi ukanura birababaje mwabanyamacakubirimwe ko muyaroka Kurizo mpuzi ziri rwanda ngo nabatutsi izirimuri kongo tanzania kenya nubugande nabo nabo nabaki

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.