IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FORSC yizera ko ivyo bayaze na Ivan Simonovic bizogira akamaro

FORSC yizera ko ivyo bayaze na Ivan Simonovic bizogira akamaro

jeudi 26 Ruheshi 2014

Bamwe mu bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi baramaze kubonana n’icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe ivy’agateka ka zina muntu, Ivan Simonovic asanzwe ari mu rugendo mu Burundi.

Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC akavuga ko bayaze vyinshi mu bijanye n’agateka ka zina muntu, ukwishira n’ukwizana, ibijanye n’amatora ariko arategurwa azoba mu mwaka w’2015, umutekano hamwe n’ibikorwa vy’imigambwe mu Burundi. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Vital Nshimirimana avuga ko urugendo rw’uyo ajejwe agateka ka zina muntu ruje hageze mu Burundi, mu gihe igihugu cegereje ibihe bidasanzwe vy’amatora.

JPEG - 33.3 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Vital Nshimirimana rero akaba amenyesha ko ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 25 Ruheshi ariho bakirwa na Ivan Simonovic, kandi ko ivyo bayaze mu bijanye n’icokorwa canke ico ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryofasha mu gutsimbataza agateka ka zina muntu n’ibindi, uwo munyacubahiro azoshobora kubiyaga n’abo basanzwe bafashanya kurangura amabanga ku cicaro gikuru c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.


Aristide Nizigire

Messages

  • VITAL NIBIKI BIZOGIRA AKAMARO????????? IRYA NTUMWA YA ONU MWARAHENDANYE, UBUTUNGANE BURIGENGA!!!!!! MUKABONA AGIYE ATAMUKUYEYO AZOVUNDIRAYO MPAKA INYUMA YAMATORA YA 2015, NDETSE NIHO NA MBONIMPA AZOBA YAHEJEJE AMATOHOZA YA BANYORORO MU MPIMBA. NIYABONA BIKENEWE, AZOCE ASABA BAMWUNGURURIZE KUMUREMBWE NAHO AJE GUKORERAYO AMATOHOZA YABANYORORO!!!!!!!!!!!

  • hahahahahaha jewe nitwa giteruzi vital inyuma yamatora ya 2015 niho tuzobonana amaso muyandi.

  • Haha ariko mwebwe muratwenza!! Uyo Ivan niwe atwara sentare y’Uburundi? Muzohava musanga asavye Leta ko bopfunga mwebwe mu kibanza ca PC kubera mwerekana ukudakomera kwanyu kwo mu mutwe

  • Niho nari ndi, kandi ivyo ayo mashirahamwe yashikirije ni vya bindi nyene ko igihugu kiri mu ngorane, ko ata gateka ka zina muntu kubahirijwe i Burundi, ko uburneganzira bwo gushikiriza akari k’umutima butubahirijwe, ....ica ntangaje nuko harimwo n’abavuze ko wa mugwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira ONU yosaba abatanga uburyo ntibabutange, mpaka ngo na rirya tegeko riwushiraho risubirwemwo, ngo uwo mugzi uje hataragera, ngo tugiye mu bihe vy’amatora. Ariko icanejereje nuko uwo Ivan Simonovic , intumwa idasanzwe ya Ban Ki-Moon ajejwe ivy’agateka ka zina muntu yavuze ko hakiri kare kuvuga ko uwo mugwi ataco uzoshikako, kuko iyo nama nshingamateka nyene izotora abazoja muri uwo mugwi ariyo nyene yashizeho CNIDH, nayo ikaba ikora neza bigashimisha ONU. Nkuko twabisavye uwo Ivan Simonovic , ONU ahubwo irakwiye gushigikira uwo mugwi ugakora udafise ingorane z’uburyo n’abakozi bakwiye, maze bigafasha ko uburundi bukira akaranda k’ingwara y’amacakubiri yatumye abana babwo bicana.
    Ikindi naco nuko uwo Ivan Simonovic yasavye iciyumviro c’uko inyuma yuko BNUB izoba yahejeje ikiringo cayo i Burundi hoca haza ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu, bamwe bakabona ko bikenewe, abandi bakabona ko ari igikorwa ca Leta co kwemera canke guhakana ko ivyo biro vyoza i Burundi.

    Ico twaneguye nuko hakiri abatwara amashirahamwwe yigenga, bagishaka gukumira abandi, bagashaka ko abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu babumviriza bonyene, ivyo bikaba bihushanye n’ico gikorwa nyene co kuvugana ukuri no kurekuriranira, mbere bikaba bitwibutsa akarenganyo n’ugukumirana vyamye biranga inzego zamye zitwara iki gihugu kuva cikukiye, bigatuma abakumiriwe bakoresha inguvu, bikavamwo ubwicanyi.
    Tukibaza ahubwo ko uyu musi abo bagendera uburundi bakwiye kwumviriza bose. Ikindi cibonekeje nuko abatanga amahera yo gukora imigambi iteza imbere abenegihugu, bayaha gusa abari mu mashirahamwe y’inkehwa, banakoresha ayo mahera nyene mu guturira igihugu, ugasanga nayo kugura imiduga myiza no kwubaka amazu meza cane, bakayahanahana gagati yabo gusa, ntashikire wa mwenegiguhu yaje agenewe. Tugasaba ko ayo mashirahamwe atanga uburyo yoreka ico twita DISCRIMINATION FINANCIERE ituma amashirahamwe aguma aronka iùfashanyo ari ya yandi nyene, mbere ugasanga n’amazu yo gusuzuma ingene ayo mahera yakoreshejwe (Maison d’Audit)ni bo neyene bayashizeho, bigatuma abatari bake babona ko ayo mahera ari ayo gufasha abarwanya Leta kugira bakore ibikorwa vyinshi bisubiza inyuma intambwe Leta iba igejeje ko igihugu.

  • Vital n’abandi komera kwibanga yukwama mwerekena amakenga abarundi bafise ku Burundi, twizere ko mubiyago mwagiraniye na Ivan bigiye guhindura ibintu vyishi mu gihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.