IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki-Moon asaba abanyepolitike mu Burundi gushira imbere inyungu (...)

Ban Ki-Moon asaba abanyepolitike mu Burundi gushira imbere inyungu z’igihugu

samedi 2 Nzero 2016

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-Moon asaba abategetsi ba politike mu Burundi gushira amahoro no gusubiza hamwe imbere hejuru y’inyungu z’umurwi uwari wo wose mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo ca politike kiri mu Burundi.

Mw’itangazo ryateweko umukono kuwa kane igenekerezo rya 31 Kigarama 2015, umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU arashimira umuhuza Yoweri Museveni ku twigoro two gufasha impande zose gutora inyishu mu mahoro y’ingorane ziri mu Burundi.

Ban Ki-Moon amenyesha ko ibiganiro bibaye mu muco kandi atwe bikumira bishingiye kw’iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi arivyo bishobora gutorera inyishu ingora ziri mu Burundi.

Umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU arashimira inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu kwerekana ugushaka gushigikira Uburundi mu bihe bigoye burimwo,biciye mu gutanga uburenganzira bwo kurungika abasirikare bo mu rwego rwa MAPROBU.

Ban Ki-Moon arangiza ashimira abafasha Uburundi ku twigoro berekana mu ntumbero yo kugabanya ishavu no gutorera inyishu ya politike irama ku kibazo kiri mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Yo Nibanyaruke Batevye Mutama Tuve Mugikoroni Ca Dd

  • Yo Nibanyaruke Batevye Mutama Tuve Mugikoroni Ca Dd

  • iyomunaniwe bemwinumira abasoboye bivugire kumva ngomuzorungika inteko ntimuzirungike muziko intambara yahagaze urindire inyuma yitariki 6 uzorabe barungike..reta yarabateye ubwoba mucamurabiheba namw ntimurinda

  • None Uwomu nyamabanga Wa Oni Yashatse Kuvugiki?

  • NDATANGAZWA CANE NABAZUNGU MBE KOBAMA BITWAZO NG WAMASEZERANO Y ARUSHA MURI KOREYA IYAVUKA IGIHUGU CIWE GITWARIGWA KUMASEZERA ?CANKE GITWARIGWA KWIBWIRIZWANSHINGIRO?.BITEBE BITEBUKE TUZOTEBA TUMENYE IKINTU BIPFUZA KANDI NDAREMYE IMANIZOBAGARAGAZA

  • Mwavuga nuko mubwira abatumva, abobategetsi bachu ntamahoro bamye bifuza, iyo bifuza amahoro, aya masezerano ya Arusha ya nwanisha abarundi muburyo bwogusabikanya nti bari kuyahonyanga! nukuri abategetsi bacu bashira imbere inyungu zabo ntanyungu zigihugu bashirimbere.namwe murabibona iyikiringo cumutegetsi kanaka kigiye kurangira acarwara marariya yi ntakira,nayo bayita tifoyide tumbo, canke bakayita inda. kuko aho bashirindimbere ntarukundo rubaho hama umuryano. natwe twabuze abategetsi bakunda bagenzi babo nkuko bikundaaaaa! nico gituma twama twabujije amahoro ibindi bihugu kubwingeso zacu zitabereye.arinacogituma twama twafatiwe ibihano bikomeye,kurungika abasirikare mpuzamakungu,nukubera tubatwatakaje akaranga kabuntu. nkaboneraho nugushimira Ibihugu vyokwisi yose bikurikiranira hafi ikibazo Cuburundi, babandanye kubahafi uburundi nabarundi, ntibuzorwe mukaga kihoryabwoko.Imana ihezagire abarara itiro baronderera amahoro Uburundi,Imana ikize uburundi na barundi uyu mwaka 2016 uzobemwo ibiyago vyo gusubiza hamwe nokuvavanura, numutima wubukoko,ubukunzi bwinda, nibidi nibindi. kugiruburundi buronkamahoro, Murakoze.

  • Iyo muritwebwe twandika ukotubibona tuvuge make kuko Onu bamwe bamwe ntituramenya ukuntikor

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.