Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Banza witosore ubone gutosora abandi
 Banza witosore ubone gutosora abandi
 Banza witosore ubone gutosora abandi
				
				jeudi 14 Ruhuhuma 2013
Kenshi na kenshi usanga hari abantu bakunda kunegura ivyabandi ariko bakibagira kwiraba kugirango imbere yuko batosora abandi nabo babanze bitosore. Ivyo bikaba ari nko gutosora akabango gatoyi mujisho rya mugenzawe utabanje kwitosora ikigiga kiri ryawe.
Burya mu buzima bwa misi yose, mu bintu vya nkenerwa bishobora gufasha umuntu guhinduka mu ngeso; kwimenya biri mu vyambere, kuko iyo wiyizi bituma bishobora kugufasha kugira ingendo ibereye. Naho bene abo batosora abandi bo batitosoye kenshi na kenshi birabagora guhinduka, kuko hari aho usanga n’amakosa yabo bayashira ku bandi.
Vyiza, aho kumara igihe kinini ugaya canke unegura abandi wofata nyabuna n’umwanya uriko wiyumvirako wewe ubwawe. Maze mugenzi wawe yabibona ko wahindutse, nawe bikamuhindura utiriwe uravuga menshi kuko, bavuga ko aho kuvuga menshi wokora bikeyi, mbere ngo kora ndabe iraruta cane vuga numve.
Ikindi, ni uko hari abantu usanga barenza urugero mu vyo bavuga. Nka mugenzi wawe yakoze ikosa iri canke ririya, si vyiza kurivuga urigira rinini cane. Kuribwira abantu si vyo bituma yikosora, ariko kumwegera ukabimubwiza umutima w’ubugwaneza bivamwo inyungu nini cane.
Aha rero imbere yuko uraba ivyabandi, ba ubanza wirabe wewe nyene ubwawe, maze umaze guhinduka ubone guhindura abandi. Vyongeye niwaja kubahanura, ntubereke ko ari wewe mweranda kurusha abandi, ivyo bizotuma uwo uhanura ahinduka bivanye n’ingene wavyifashemwo.
Joel Sengurebe
