IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Banzubaze asaba umushingamateka Makurata Nahayo kudasubira kumucafuriza (...)

Banzubaze asaba umushingamateka Makurata Nahayo kudasubira kumucafuriza izina

lundi 9 Kigarama 2013

Banzubaze Emmanuel arongoye kaminuza y’i Mwaro asaba umushingamateka Makurata Nahayo, umuhanuzi mukuru mu biro kwa Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi ajejwe imibano n’imico kama kureka gutyoza izina ryiwe hamwe no kureka inzego z’ubutungane zikigenga.

JPEG - 25.5 ko
Banzubaze Emmanuel, umurongozi wa kaminuza y’i Mwaro

Kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 9 Kigarama, Banzubaze Emmanuel arongoye kaminuza y’i Mwaro yahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru. Ico kiganiro kikaba cari gifise intumbero yo gutanga umuco ku vyerekeye amajambo yashikirijwe n’umushingamateka Makurata Nahayo. Muri ico kiganiro, Emmanuel Banzubaze yagiriza umupfasoni Makurata Nahayo kuba avangatiranya ivyerekeye amatati y’amatongo y’umuryango wa Banzubaze Emmanuel, hamwe n’ishure kaminuza y’i Mwaro. Agira ati : "Nta rubanza na rumwe ruri hagati ya kaminuza y’i Mwaro hamwe n’umushingantahe Ngayimpenda Onesphore. Vyerekana rero ko ivyashikirijwe n’uwo mushingamateka bidafise ifatiro."

Mu vyashikirijwe n’uwo mupfasoni Makurata Nahayo ko Banzubaze yoba yaranyaze amatongo mu kurandura uturimbi tw’uwitwa Ndayisaba Appolonie, hamwe n’umunyagihugu Ngayimpenda Onesphore, kw’itongo ryiwe bahana urubibe n’ishure kaminuza y’i Mwaro, Banzubaze arabibeshuza. Ahubwo yagiriza Makurata Nahayo kuba agomba gukoresha igihagararo ciwe kugira asubize itoto urubanza rwamaze gucika kera muri sentare, ivyo navyo bikaba bitarekuwe n’amategeko ya Repuburika y’Uburundi.

Banzubaze arangiza asaba umushingamateka Nahayo Makurata kudasubira gutyoza izina ryiwe, ko kandi yoreka inzego z’ubutungane zigakora akazi kazo kuko ata n’umwe ari hejuru y’amategeko. Amusaba kandi ko yoreka inzego zijejwe amatohoza zigakora akazi zijejwe mu kureka kuja gufunguza abantu hakiri amatohoza, nk’uko yavyerekanye mu minsi iheze. Amusaba kureka kwitiranya izina Banzubaze Emmanuel, akazi akora hamwe na kaminuza y’i Mwaro.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.