IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Barababajwe n’ivyashikiye abakenyezi badandariza "Kwa Siyoni"

Barababajwe n’ivyashikiye abakenyezi badandariza "Kwa Siyoni"

jeudi 24 Gitugutu 2013

Urunani rw’abakenyezi bo mu mugambwe UPD Zigamibanga ruranegura uburyo bwakoreshejwe ku kibazo c’abakenyezi badandariza kw’isoko kwa Siyoni bagirizwa ko binjiza ibitenge kuri magendu. Muri urwo runani bamenyesha ko hari kuja imbere inama n’ingingo ntibarinde gufata ivyo bitenge vy’abo bakenyezi.

Abakenyezi badandariza kw’isoko benshi bita "Kwa Siyoni" bagirizwa n’ikigo OBR (Office Burundaise des Recettes) ko binjiza ibitenge bitarishe ikori. Ku ruhande rw’abo bakenyezi, bamenyesha ko batanse kuriha ayo makori, ahubwo ko bosigurirwa neza. Inyuma y’aho ikigo OBR kiri kumwe n’igipolisi bugariye ibibanza abo bakenyezi bakorera, ubu n’ivyo bitenge vyabo vyarafashwe.

Mw’itangazo basohoye, urwo runani rw’abakenyezi bo mu mugambwe UPD Zigamibanga bamenyesha ko bababajwe n’ibiriko bishikira abo bakenyezi baheruka gutakariza ibidandazwa vyabo mu soko nkuru ya Bujumbura yahiye, bagasaba ko abegwa bose n’ico kibazo bocicarira bakaja inama kugira ingingo ziriko zirafatwa ntihagire uwo zikandamiza.

Espérance Ndizeye, umukuru w’ihuriro ry’abakenyezi bo mu mugambwe UPD Zigamibanga amenyesha ibiheruka gushikira abo bakenyezi atawe bitobabaza kubw’ingorane baheruka guhura nazo, n’ingene n’utwo bariko baragerageza kwifashisha twafashwe n’ikigo OBR. Muri iryo tangazo, mw’ihuriro ry’abakenyezi bo mu mugambwe UPD Zigamibanga ntibahakana ko amategeko yokurikizwa, ariko basaba ko abo bakenyezi bosigurirwa neza. Basaba kandi ko ico kibazo cotorerwa inyishu bidatevye kuko abo bakenyezi bamaze iminsi badakora ingaruka ziba nyinshi, haba ku miryango batunze, canke ku bapfakazi bibeshaho bikoze kuri urwo rudandazwa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.