IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Barack Obama yamenyesheje ko Uburundi bukuwe muri AGOA

Barack Obama yamenyesheje ko Uburundi bukuwe muri AGOA

mardi 22 Kigarama 2015

Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama yamenyesheje icese ko igihugu c’Uburundi gikuwe mu masezerano ya AGOA.

Mw’itangazo yashikirije kuwa mbere igenekerezo rya 21 Kigarama 2015,Barack Obama yavuze ko Uburundi buri mu bihugu vyo ku mugabane wa Afrika iri munsi ya Sahara kitubahirije amasezerano yagiha uturusho twa AGOA.

Barack Obama yashikirije iyo ngingo yisumze ingingo iri mu masezerano ya AGOA mu kigabane ca 7000/970,ivuga ko mu gihe igihugu kidashoboye kwubahiriza amasezerano kidashobora kuguma kironka uturusho ku rudandazwa hagati yaco na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Amasezerano ya AGOA atanga uturusho two gushora no kugurira ibintu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika igihugu kidatanze ikori.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.