IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Basaba ko Reta ibafashisha ibiduga vya SETEMU’’

’’Basaba ko Reta ibafashisha ibiduga vya SETEMU’’

mardi 11 Ruhuhuma 2014

Mw’isoko ya Kamenge iri mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, iminsi ibiri iraheze ata bikorwa biriko biraranguka kuko abadandariza muri iryo soko bariko baragerageza gukuraho ibibomoka, hamwe n’urwondo rwuzuye rwatumwe n’imvura y’isegenya yatwaye abantu n’ibintu.

Imvura y’isegenya yaguye ku munsi w’Imana igenekerezo rya 9 Ruhuhuma yabiciye biracika aho yatwaye abantu n’ibintu bitari bike. Abanyagihugu bakorera mw’isoko ya Kamenge bari mu kangaratete kuko iyo mvura yaguye yahitanye ibintu vyabo. Ushitse kw’isoko ya Kamenge rero amababaraba amwe amwe arugaye kuko hari urwondo rutagira ukwo rungana. Hagati muri iryo soko, uyoberwa ahari hari utuzu two kudandarizamwo kuko hamwe hacitse amabarabara, mu gihe imvura yaguye ku munsi w’Imana yagenda ibomora utuzu two kudandarizwamwo ahandi hari ibirundo vy’urwondo.

Umukuru w’iryo soko Marcel Irankunda amenyesha ko agahombo ari kenshi kuri abo badandaza bo muri iryo soko. Ku bwiwe ni nkukubura kabiri kuko abenshi muri abo badandaza ari abahora bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura. Ibidandazwa vyabo, ivyinshi vyaguye mu ruzi Nyabagere ibindi vyatwawe mu buterere.

Marcel Irankunda umukuru w’iryo soko

Muri yo komine ya Kamenge kandi ituyo zibiri zitwara amazi zaramenywe n’amazi y’iyo mvura. Muri iyo komine bakaba bamaze iminsi ibiri batagira amazi n’amatara. Ariko rero mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, ishirahamwe Regideso ryari ryarungitse abakozi baje gusubiza ibintu mu buryo.

Abanyagihugu rero basaba Reta ko yobafasha ikazana abakozi bo muri setemu n’amamashini kugira bashobore gukura urwo rwondo ruri muri iyo soko, kuko mu gihe batariko barakora ahgahombo kaba kenshi cane, basaba kandi ko abagiraneza bobagarukirako. Mwomenya rero ko abitanzi b’umuryango utabara imbabare Croix Rouge bariko baragerageza gufasha abanyagihugu gusubiza ibintu mu buryo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.