IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Basaba nabo ko imfashanyo zobasanga ku bitaro bariko bavurirwamwo

Basaba nabo ko imfashanyo zobasanga ku bitaro bariko bavurirwamwo

jeudi 20 Ruhuhuma 2014

Imfashanyo ziriko zitangwa ku banyagatunguru bari mu basinzikajwe n’ikiza c’imvura y’isegenya iherutse kurwa mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaho, zari zikwiye gutangwa no ku bacitse kw’icumu nk’uko bavyisabira aho twabasanze bariko baravurirwa ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled.

Nzeyimana Odeta, ni umukenyezi yubatse akaba na nyina w’abana batanu. Ari mubarokotse yongera abura n’umwana mu kiza c’imvura y’isegenya iherutse kugwa mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2014. Uwo mukenyezi avuga ko abariko bavurirwa ku bitaro Roi Khaled batashizwe ku rutonde rw’abaronka imfashanyo mu Gatunguru, mpaka bishikiyeyo. Ivyo navyo bikaba bitoroshe kuko bigoye kuhashika mu gihe hariho n’abadashobora gutambuka bakiri ku ngoyi.

Odeta Nzeyimana ati : "Kimwe mu bidushavuza cane, n’uko hariko hiyandikisha abakomeye bo mu yandi ma komine, nka Kinama na Kamenge, kandi batigeze bahura n’ayo makuba. Twebwe twahuye n’ivyago, tugize ngo turinanase tugiye kwiyandikisha, abakuru b’amakaratiye badusaba kubanza gutanga igiturire c’amafaranga ibihumbi 80."

Hakizimana Richard nawe, ni umugabo yaburiye umukenyezi wiwe muri irya mvura, nawe nyene imyidondombo ni yose. Avuga ko gushika n’ubu atarigera aronka n’ihema yo kwubamwo, mu gihe inzu yiwe yasenyutse yose, mbere n’aho yahora iri hasigaye hameze nk’ikibuga c’umupira. Abiwabo bariko baramuvuza, bavuga ko ibiriko birakorwa mu kwiyandikisha ari akarenganyo kadasanzwe, kuko hakoreshwa ka mwana wa mama kugira umuntu yandikwe.

Naho abakirwariye ku bitaro Roi Kheled bariko bavurwa neza, basaba ko abariko barandika abategerezwa kuronka imfashanyo, bobasanga ku bitaro kuko batari bushobore gushika mu Gatunguru kubw’amagara akibakitse. Abagira neza nabo bobandanya kubagarukira mu kubaronsa utwo batamirira ku bitaro.
Muvyo basaba kandi, n’uko abajejwe ivy’amagara y’abantu bobandanya bapompa imiti myinshi mu Gatunguru ahapfiriye abantu benshi kugira abasigaye ntibaze bandure indwara zivuye ku munuko uharangwa.

Ico kiza c’imvura yaguye mw’ijoro ryo ku genekerezo rya 9 Ruhuhuma 2014 cahitanye abantu barenga ijana na mirongo itanu, hamwe n’amazu arenga ibihumbi bitanu yasenyutse.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.