IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu asabwa kuva mu gacerere

Umukuru w’igihugu asabwa kuva mu gacerere

vendredi 11 Gitugutu 2013

Abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yishinze kurwanya ubuzima buzimvye, yahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru, aho bagasaba umukuru w’igihugu kuva mu gacerere arimwo agire icashikirije ku bimaze imisi bivugwa aho abantu babura uwufata ingingo uwari we muri iki gihugu.

Mu kiganiro abishinze kurwanya ubuzima buzimvye bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 11 gitugutu 2013, ikibazo cagumye kigaruka bati :"mbega ninde afata ingingo muri kino gihugu uravye ingorane zimaze imisi zibonekeza nk’ ivyerekeye b’abagore b’abadandaza b’ibitenge kwa siyoni, INSS na SOCABU,Villa du maire hamwe na REGIDESO’’.

Bati muri kino gihugu biragoye kumenya uwufata ingingo ndetse hari n’ ibindi bintu bimaze imisi vyibonekeza aho abategetsi bamwe bamwe bavuguruzanya, ivyo nivyagiye birashikirizwa n’abagiye bafata amajambo. Kubadandaza b’ ibitenge, ikibazo cabo kubona bagikuye mu maboko ya OBR (office burundaise des recettes) bakaja kucigira mu nama nkuru y’umutekano n’ibintu biteye isoni hitwa ko hari inama nkuru ijejwe imibano n’ubutunzi (conseil social et economique) bivugwa na Gabriel Rufyiri.

Ku bwa Pacifique Nininahazwe ati: umukuru w’igihugu asanzwe ari sebarundi arafise ubushobozi bwo gufata ingingo atarinze guca muri urwo rwego. Ku bwa bo bishinze kurwanya ubuzima buzimvye, bavuga ko idosiye nk’iyo ntiyari ikwiye kuja mu nama nkuru y’umutekano. Icerekeye Villa du maire, pacifique Nininahazwe avuga ko umukuru w’igisagara ca Bujumbura ashobora kuba agomba kugorora ivyakozwe bitisunzwe n’amategeko, ariko rero naho ari vyiza, ukuntu biriko birakorwa bishobora gutuma abanyagihugu bamwe bamwe barwa mu karenganyo katagira izina. Arasubiramwo ati amashirahamwe yarasemereye mbere umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yoba yarasavye ko umukuru w’igisagara ca Bujumbura yoreka abo badandaza bagakora kuko bobo bari abadandaza gusa ko ivya masezerano bitabaraba, ariko rero ntivyakurikijwe.

Mu gihe harabavuga ko ibiriko bishaka gukorwa murayo mashirahamwe mu gushira imitahe muri Amanda Drinks vyoba ari mu ntumbero yo kurwiza ubutunzi bw’ayo mashirahamwe INSS na SOCABU, abo muri ayo mashirahamwe bavyamirira kure ,bakavuga ko Leta yoza iritondera gukoresha amahera y’abanyagihugu uko yishakiye, abanyagihugu batagishijwe inama. Pacifique Ninihazwe avuga ati :"naho nyene ninde yoba ari ko arafata ingingo muri ayo mashirahamwe ko ndetse hari n’umurwi wari wize neza, urabona ko mu gihe boshira amahera muri Amanda Drinks koba ari agahombo gakomeye’’. Ica nyuma naho nicerekeye ishirahamwe REGIDESO naho nyene ntivyumvikana ingene umushikiranganji afata ingingo umuyobozi nawe akamuvuguruza. Aha rero Pacifique Nininahazwe akabandanya abaza ca kibazo nyene ninde afata ingingo muri kino gihugu ?

Abahurikiye muri ayo mashirahamwe barangije basaba umukuru w’ igihugu C’Uburundi kuva mu gacerere arimwo akagira icashikiriza ku bunyonyezi buriko buribonekeza. Mwomenya ko ayo mashirahamwe yateguye ikiganiro ku banyagihugu ku musi wa kabiri igenekerezo rya 15 Gitugutu kugira barabire hamwe icokorwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.