IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagiye kurongora umurwi CNIDH barahiye icese

Abagiye kurongora umurwi CNIDH barahiye icese

mercredi 29 Ndamukiza 2015

Abagize umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zinamuntu bararhiye imbere y’umukuru w’igihugu n’inama nshingamateka.

Bafashe ibendera ry’igihugu n’iryo ubumwe bw’abarundi n’ukuboko kw’iburyo bavuga ko bemeye gukora mu bwigenge, kandi ataho bahengamiye, kandi ko bagiye gukingira no guteza imbere agateka ka zina muntu, bubashe ibwirizwa nshingiro ry’igihugu n’amasezerano y’ubumwe bw’abarundi.

Abarahiye ni umukuru mushasha w’umurwi CNIDH jean Baptiste Baribonekeza, n’abandi bane bagize uwo murwi harimwo, icegera ciwe, umunyamabanga w ‘umurwi n’abandi babiri bagize uwo murwi.

Inama nshingamateka yemeje abagize umurwi CNIDH kuwa 23 ndamukiza,batanu batowe mu bandi 15 bari bashikanye ibibaranga mu nama nshingamateka.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.