IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakoresha impusha za magendu zo kugendesha imiduga bagabishijwe

Abakoresha impusha za magendu zo kugendesha imiduga bagabishijwe

mardi 4 Munyonyo 2014

Mu rugendo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza yagize giturumbuka ahakorera igiporisi co mu mabarabara, yasanze hari amamodoka ahamaze imyaka hafi 34.

Muri urwo rugendo rw’akazi, Prosper Bazombanza akaba yasanze hakiri imwe mu miduga yafashwe mu myaka y’1980. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu akaba yashikirije ko hagiye gutorwa vyihuta itegeko rishiraho iminsi igifashwe n’ico giporisi comara. Ahakorera ico giporisi PSR, Bazombaza akaba yahasanze imiduga igera kw’125, amapikipiki 115 hamwe n’amakinga agera 117, yose akaba yafashwe ariko agenda adakurikije amategeko.

N’ayo abafise impusha zo kugendesha imiduga canke amapikipiki bakoreshereza muri komine ya Buyenzi, Bazombanza akaba yabagabishije mu gushikiriza ko impera n’imperuka bazofatwa co kimwe n’abo bazikora, na cane cane ko abo bahabwa izo mpusha batagira ifishe muri ico giporisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara.


Aristide Nizigire

Messages

  • Cambu cawawundi uyumutwe wiyinkuru barikwandika ngo: Icegera cambere cumukuru wigihugu Bazombanza Prosper

  • namba usara, genda aguhe akazii, muri ca kiraka arimwo

  • nichogituma,uburundimukirabanyumamwiterambere,mushoborakumenya,ahobakoreraimpusha,zamagendo.mukananigwanokubafata,hanyumanguzofatauwukoresha,ichochangobwa,mwembwe,ntakintunakimwemushoboye,mugatishavu,kurinyaruchari,arikoyironderera,utwoyitamirira.wibazanibazikogwa,amanyanga,akogwanabande,simwebwemutwara,nimurekamanyanga,mutangimushazokugendeshivyuma,kuwubikeneye,bitagoranye,hamaubwanyumurekegukoraamanyangaurabekoibintubitazojamungiro,mwebwenyenemutwaraamakosamufise,asumbaayingurube,ahubwoabomutwaranintungane,baribakwiye,kubateshumutwegose,nukobidashobokagusa,ahomurivyuvuze,ntanakimwuvuze,washakukihorera,rekabantubihangayikire,mubashe,kubakandamiza,muburundi,ntakwishiranokwizanabihari,mubintunkavyose,ahandi,mubindibihugu,bateguraamategeko,yoroherezumuntumutoya,kugiraretaironkeamerameshiitozaavuye,mubanyagihugu,namwenukubicharakumutwe,retaamaheraizoyakurahe,itoroherezumuntumutoya,,nichogitumamuzokwaminyumankiloti,.kwarukubakebura,mwebwemuvugako.mutwaruburundi.bukenye,gusubibindibihugu,uburundibuzubwambere,mutikebutse,uburundimuzokwaminyumayabandi,bitewenamwebwe,mwigirangomuzigutwara,abantubarimuguheninzara,twumvangwizurinzara

  • Muzopfamurushe nindasara? Sara,Sara,Sara,Sara,sasasasararara nenenezazaza kandimuzopfamurushe mayo imyavyimumaso iranarembeje! Nayojewe umunezero niwose 😊

  • Rekajewe ndababwire inkuru yisugi jewe ndazi ahobazikorera kandi bakora vyishi,hari permis,diplome,yewe na diplome ya dogutora barayiguha,nimwaba mutazi ingorane zihari nizimwe.Ngirandamubaze ejobundi muriyidwi iheze karangamuntu bazitangiye kwikomine kandi ariza magendo ntavyoyamenye nagirandamuhanure akabibandanya arasubira ahoyarari arahazi.Barya bamukikije bamuhaye akazi muribo bakoresha diplome zomubuyenzi.gwashakakuzituza hooo.Baramubeshe bamubwiye kobatazi abazikora?Ingorane ihari nigiturire casavye indaro.Jewe ndi Toma nemerambonye.

  • Rekajewe ndababwire inkuru yisugi jewe ndazi ahobazikorera kandi bakora vyishi,hari permis,diplome,yewe na diplome ya dogutora barayiguha,nimwaba mutazi ingorane zihari nizimwe.Ngirandamubaze ejobundi muriyidwi iheze karangamuntu bazitangiye kwikomine kandi ariza magendo ntavyoyamenye nagirandamuhanure akabibandanya arasubira ahoyarari arahazi.Barya bamukikije bamuhaye akazi muribo bakoresha diplome zomubuyenzi.gwashakakuzituza hooo.Baramubeshe bamubwiye kobatazi abazikora?Ingorane ihari nigiturire casavye indaro.Jewe ndi Toma nemerambonye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.