Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Benin : Umukuru w’igihugu yagabanije ibiringo azotwara
 Benin : Umukuru w’igihugu yagabanije ibiringo azotwara
 Benin : Umukuru w’igihugu yagabanije ibiringo azotwara
				
				jeudi 7 Ndamukiza 2016, par
Umukuru w’igihugu mushasha wa Benin, Patrice Talon yarahiye icese kuri uwu wa gatatu, atangura amabanga yo kurongora igihugu ca Benin. Uguhanahana ubutegetsi aho muri Benin kwabaye mu mahoro.
Umukuru w’igihugu Patrice Talon yabwiye isinzi ry’abantu bari bahari igihe yarahira ko agiye kurwanya ibiturire, iterabwoba hamwe no guteza imbere igihugu mu bijanye n’ubutunzi.
Patrice Talon yemereye abanyagihugu ko agiye gutwara ikiringo kimwe gusa, mu gihe ibwirizwa shingiro rya Benin ryamwemerera gutwara ibiringo bibiri.
 
- Patrice Talon : Umukuru w’igihugu mushasha wa Benin
Uwo mukuru w’igihugu mushasha yamenyesheje ko kumara imyaka cumi ku butegetsi bishobora gutuma abakuru b’ibihugu bishima, bakavuga ko bakoze ibihambaye, aca avuga ko agiye kuzokora ibishoboka vyose kugira habe ikiringo kimwe gusa muri ico gihugu.
Benin ni igihugu gitekanye muri poritike hamwe n’intwaro rusangi, mu gihe mu bindi bihugu vyinshi vya Afrika hacibonekeza ugutembagaza ubutegetsi, hamwe n’uruhigi rw’abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi.
IGIHE

Messages
7 Ndamukiza 2016, 10:39, par tari
Nabere akarore keza abandi bakuru bibihugu vyafirika bamwe nubwo manda zabo zohera batemera kuva kubutegetsi ahubwo bapfuma bahitamwo gusesa amaraso yabobatwara ikibagiweco nugutoteza ababatavuga rumwe iyo ningingo nziza izotuma benin itera imbere ahubwo wewe niwe warukwiye kuba umuhuza hamwe na mkapa mubibazo vyabarundi museven bakamwihoza kuko nawe iyongeso yokwigumiza kubutegetsi yamwiziziye
7 Ndamukiza 2016, 20:25, par Jpoaul
Hobaye Hariho Abandi Nkabo,ntankeka Twoteye Imbere
7 Ndamukiza 2016, 21:30, par MAHORO NA RUKUNDO
UWO NUMUGABO IMANA IMUHEZAGIRE IMUJE IMBERE AKIRONGORE NEZA TURAKENEYE INTWARI NKIZO MURI AFRIQUE.
7 Ndamukiza 2016, 22:29, par Jonathan
Urintwari mutama PATRICE Imana ibigufashemo kwerekana akarirero Miri African uzagendere Nkurumbi Wica abenegihugu kugira yuzirikire kuri mandat Yivye
9 Ndamukiza 2016, 06:30, par OKAY
Gipara nawe ngo azopfirako hahahahahaha nawe nagumeko bazobimufasha. Burya abahutu yaratubayemwo ariko ntatuzi. Ataneza ufitiye igihugu, ntutwikoreko kuko twe twagwaniye ineza y’Uburundi n’abarundi. Abandi bitaho ineza y’igihugu nawe ukaza kutubiza icuya kitagira insiguro? Ntuturi kure sha