IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Benjamin Mkapa arondera kumenya ingene ibiganiro bihuza Abarundi (...)

Benjamin Mkapa arondera kumenya ingene ibiganiro bihuza Abarundi vyogenda

vendredi 18 Ntwarante 2016, par egide

Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Tanzaniya, akaba n’umuhuza mu biganiro vy’Abarundi, Benjamin Mkapa avuga ko ariko arondera kumenya ingene ibiganiro bihuza Abarundi vyogenda, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA nawe akamenyesha ko uwo muhuza azi neza poritike y’Uburundi.

Mu rugendo yagize kuri uwu wa gatanu mu Burundi, Benjamin Mkapa, umuhuza mu biganiro vy’Abarundi yakiriwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA i Bujumbura. Inyuma y’uwo mubonano wamaze isaha irenga ari bonyene babiri, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko Benjamin Mkapa azi cane poritike y’Uburundi kuko ari mu bafashije mw’ishirwaho ry’amasezerano y’i Arusha, akavuga ko yizeye ko igikorwa yahawe azogikora neza.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye abamenyeshamakuru ko yafashe kandi akanya ko kubwira Benjamin Mkapa izindi ngorane Uburundi bufise n’igihugu c’Urwanda.

« Igihugu c’Urwanda kitubaniye nabi nk’uko twabibwiye abandi ntitwabihishije twabivuze kugira ngo inyishu yonafasha kugira bigende neza n’aho hantu yohakorera kugira ibintu bishobore kugenda neza. »

Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Tanzaniya, Benjamin Mkapa yavuze ko yahora kubonana n’umukuru w’igihugu wa Uganda Yoweri Museveni hamwe n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame, akaba yaje kubonana n’umukuru w’igihugu w’Uburundi Petero NKURUNZIZA kugira amenye ingene ibintu vyagiye birahinduka muri iyi myaka cumi iheze amasezerano y’i Arusha abayeho, akavuga ko kuva mu mwaka w’2005 atariko arakurikirana neza ivya poritike mu karere, kuva avuye ku butegetsi.

Benjamin Mkapa yabwiye abamenyeshamakuru ko iyo mibonano yose n’abo bakuru b’ibihugu yayitunganije mu ntumbero y’ukurondera gutahura neza ingene ivyo biganiro vyogenda, hamwe n’uruhara afise.

Umuhuza mu biganiro vy’Abarundi, Benjamin Mkapa akaba atamenyesheje igenekerezo ivyo biganiro bizotangurirako.


IGIHE

Messages

  • Ariko muratangaje comment mkapa n’a pas suivi
    Reka guhendana

  • KALIBU SANA KWETU BURUNDI,INCHI YA AMANI KWA SASA YAANI NA TUMUJERI DUSIGAYE IWAKAGAME NDEWE!

  • Aho namata avyaye amavuta ko uwahoze arongoye uburundi nkurunziza yemeyeko mkapa azineza ivya politike y’uburundi arabizi nacanecane k’umasezerano yarusha ahubwo igisigaye nuko mkapa amuzanira igitabo cayo akamusomera ngirango we ntagifise niyaba anagifise ngirango ntazi gusoma

  • TWIMUJERI MURAGOWE KUKO MUZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA

  • mukamawanje har’impanga nimbeba !!! < 2 > ?

  • nagomba nkebure abantu bakunda gutuka abaturuta ko aricaha gikomeye cane ku mana jewe nta migambwe ndimwo ariko uwariwewese agizwe umukuru ni mana iba yamugomwe ahubwo tubonye hari bitagenda neza tuja ku mavi tukamusengera kugira ivyo bintu abibone neza nayo gutukana sivyiza erega imana irakunda uburundi na barundi ibi vyose bigiye kurangira ijambo ry ’imana rivuga ngo uwuzokwicisha intambi ...... twavutse abantu bicwa isi yose iyiva ikagera si muburundi gusa aho gutukana rero tumenye ko imana ishoboye vyose murakoze.

  • NABINYARUTSE ABARUNDI TWESE TWIPFUZA AMAHORO NDUNVA UWOWE BIZONYARUKA PRESIDENT NATAMUBERA IKIGABA NABANYA PORTIQUE BAKAVYOROSHA BIZONYARUKA ARIKO NTIYIBAGIRE NABO BAMAZE GUFATA IBIRWANISHO ABARUNDI TWESE TWOGORORE MURAKOZE

  • Gerageza Ushigikire Nkurunziza,abanka bangare mumpere ivoka zi Gitega Azirye Azumve Cane-cane Zimwe Wateza.

  • vyos j mbna umuntu yobihba Imanakabariy ikora,ivy vyokugwanir intwar tugahba,kk yonamutembagaza mugih adakra ivyigomb nk saul.siko

  • nugerageze mutama turabe ko wodufasha gutorera inyishu indyane za politique ziri mu Burundi.

  • Komera Nyakubahwa Benjami Mkapa, uzurabahanura ubereke agaciro kumuryagihu uko gakwiye kubahirizwa, kuko bazi kubutware bwiza kwarukwica uwo warujejwe.

  • Tureke kwama twiyumvira ivya moko.Ataruko tuzopfatwangara.Abayobozi baherahereza ubuzima mugasho iRAHE Mu bworeza «Indongozi za Africa;Bisigura Ubwicanyi? ».Politike yokumarana nk’ifu y’iminjira tuhebe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.