Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bimwe mu bituma abasore bikundira abagore bakuze
 Bimwe mu bituma abasore bikundira abagore bakuze
 Bimwe mu bituma abasore bikundira abagore bakuze
				
				vendredi 20 Kigarama 2013
Muri iyi minsi, hasigaye hari ivyahindutse mu mibano bivanye n’ubukene buri mu gihugu. Ivyo ugasanga kubera abasore bitwaza ubukene, bigatuma batagishaka cane urukundo n’abigeme, ahubwo bamwe bipfuza kugendana na bamwe mu bapfasoni bakuze, kandi bifitiye amafaranga.
Hari zimwe mu ngingo ikinyamakuru IGIHE cashatse kugarukako, zoba ziri mu bituma abasore bakunda gusangira n’abakenyezi gusumba abigeme.
1. Umwigeme yamana kenshi ingorane z’amagara ko amukitse
Umwigeme ari kumwe n’umusore, hakagira akamubabaza, we ashaka ko uyo musore aca amufata nk’uruyoya, amuhendagize n’ibindi. Arwaye ho nagato, oya uca umenga ni umuhero w’isi, umwame iruhande, uhagariko ivyo wariko urakora. Iyo yamaze kubimenyera bigashika aho birambira umusore, bituma umwigeme yamana umubabaro, ndetse bikaba n’inyendamuvano yo guhebana.
2.Umwigeme yama yibona ko ari nk’umwamikazi, abahungu n’abagabo bamwirukira.
Ukwo kwibona ukwo, gutuma yumva yokwishura iryo agomba ryose, mu gihe we aba yibona ko bamwirukira nk’inzuki zinjira mu gitiba. Ivyo rero bigaca bituma abo basore bo, bikurikirira abatirirwa barabagora, ngo bazana ivy’ubwibone, ahubwo bazana urukundo.
3. Ubwiza bw’inyuma bukoreshwa nk’ikidandazwa canke agaciro gakomeye ku bigeme.
Ubwo bwiza rero, bukaba butuma abigeme babukoresha mu kwibaza ko baca baronka ivyo bashaka vyose mu buzima bwabo. Nayo abapfasoni bamaze kwubaka, bazi ko agaciro bafitiye umuryango ariko gakuru ku bwiza bafise, bitandukanye no ku bigeme.
4.Abigeme bashaka kwama bagendera ku mufuko w’abakunzi babo.
Ubukene bwugarije abasore, buri mu bibatuma badakunda ababereka amarushwa yandi. Ivyo rero bigaca bituma ivyo bahora bavuga ko abakobwa bakunda abantu bifise, ubu biriko birasatira imisore, kuko nayo ibanza kuraba akunguko izokura muri urwo rukundo ruba rugira ruvuke.
5. Ikindi gitandukanya abigeme kandi kikabatuma abahungu bagabanya urukundo babafise ko gusumba, bashaka ko bose bobagumizako akajisho, mu gihe abagore bo atari ivyo bashaka, ahubwo bipfuza ubwigenge, kwubahwa.
Aristide Nizigire

Messages
21 Kigarama 2013, 09:59, par NIYONKURU munezero kevine
Aha!!!!!!! ndumva bitangaje pe!!!!!!!ndumiwe cyokora .
21 Kigarama 2013, 21:16, par Mama
Ntivyoroshe! None bisigurako abasore bagiye kuzabariyegereza abagore bifitiye abagabobabo?
15 Ndamukiza 2017, 22:29, par Antoine Arakaza
Ahoho Rirabavy! Non Kabahungu Baguma Baba Bake Bizogenda Gt? Non Mweho Mudufashijiki? Mwumva Abakobwo Bokora Iki? Kugir Bakundw Vya Bon!
16 Ruheshi 2018, 15:19, par Bizimana Jerome
Nagomba guhanura abigeme ko boreka kuja barashira ingorane imbere,mugihe bar ikumwe n’abasore.