Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bisaba umwanya ungana gute kugirango umukenyezi asame imbanyi
 Bisaba umwanya ungana gute kugirango umukenyezi asame imbanyi
 Bisaba umwanya ungana gute kugirango umukenyezi asame imbanyi 
				
				vendredi 28 Kigarama 2012
Ushobora kuba wipfuza kandi warafashe ingingo yo kuronka umwana ariko ukarindira gusama imbanyi ugahebura.Ico si ikibazo wisangije kuko kiri mu bibazo bikuru bikuru abantu bagiye barabaza muri uyu mwaka w’2012 ku muhora ngurukana bumenyi Google.Inyishu zatanzwe n’abaganga n’izihe ?
Nimba wahora ufata imiti ituma udasama ,mu ntumbero yo gutandukanya invyaro canke kubera izindi nvo hanyuma ugafata ingingo zo kubihagarika kugirango ushobore gusubira gusama ariko ukabona biratevye , ntute umutwe kuko nimba wahora ufata ibinini bita ama Pilule,urashobora kumara amezi ari hagati y’atatu n’atandatu (3-6) udasubiye gusama imbanyi.
Ivyo binini bifise ububasha bwo guhagarika kuja mu butinyanka igihe kitari gito,birasaba rero ko uha umwanya ukwiye umubiri wawe kugirango usubire gukora neza uko wahora imbere yo gufata ivyo binini.Ku bakoresha utunyuzi canke agakingirizo bobo ntibigoye kuko kugira umukenyezi asubire gusama imbanyi bifata umwanya uri hagati y’ukwezi kumwe n’amezi atatu (1-3) .
Ariko ivyo ni ibiharuro vyafatiwe ko muri rusangi,kuko hari abashobora gusama ariho bagihagarika gukoresha ubwo buryo bwo kwikingira gusama,hakaba n’abateba bakarenza n’ico gihe twavuze.Vvose bivana n’uko umubiri w’umukenyezi umeze .
Mu gihe umukenyezi akwije canke akarenza umwaka ahagaritse gukoresha ivyo binini canke ubwo buryo bundi , ariko ntashobore gusama imbanyi vyiza yokwegera umuganga kugira amurabire ko ata zindi ngorane afise. Mu gihe umuganga asanze ufise izindi ngorane canke agasanga zifise uwo mwubakanye ,araheza aka babwira uko mwigenza.
Ikindi nuko umukenyezi amaze gushikana imyaka 35 mu mubiri wiwe ububasha bwo gusama imbanyi bugenda bugabanuka , birashoboka yuko arenza ayo mezi atandatu ,ariko vyiza yoca yegera abaganga.
Marie Claire Ingabire
