IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > BNUB irashima amasezerano abanyeporitike bateyeko umukono

BNUB irashima amasezerano abanyeporitike bateyeko umukono

mardi 10 Ruheshi 2014

Abo amatora yega bose bateye umukono kuri uwu wa mbere ku ngingo ngenderwako zizotuma amatora yo mu mwa w’2015 agenda neza. Muri BNUB ari nabo bafashe mu mugongo ico gikorwa barashima iyo ntambwe, impande zose nazo zigahamagarirwa kwubahiriza ivyo ziyemeje.

Abaserukira Reta y’Uburundi, abari mu murwi CENI ujejwe gutegura amatora, abakuru b’imigambwe, hamwe n’abandi bose bakurikiranira hafi poritike y’Uburundi barateye umukono kuri uwu wa mbere, ku masezerano ngenderwako azoshobra gushikana Uburundi mu matora yizewe mu mwaka w’2015.
Naho bemeje ayo masezerano, abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi bagumanye amakenga ku kibazo c’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD zibabuza guhura n’abanywanyi babo. Baragarutse kandi no ku kibazo c’imigambwe itariyunga, baca basaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu gufasha abanywanyi b’imigambwe gutwarwa n’abo bitoreye bonyene, kandi biyumvamwo.

Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa kabiri, mu buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB) barashima iyo ntambwe abanyeporitike b’abarundi bashitseko, bagahamagarira abo bateye umukono kuri izo ngingo ngenderwako ko bokwama bashira imbere ingendo y’ibiganiro n’ukwubahiriza ivyo biyemeje, kugira amatora yo mu mwaka w’2015 azobe meza, kandi yizerwe na bose.

Muri iryo tangazo rya BNUB, abakuru b’imigambwe basabwe gusigurira abanywanyi babo, cane cane urwaruka, ko bovavanura n’ingendo y’ugukoresha inguvu n’uguhohotera abo batavuga rumwe. Bibukije uburenganzira bwo gukorera poritike aho bikenewe hose ku gataka k’Uburundi, ari naco gituma abajejwe intwaro boreka imigambwe igakora mu bwisanzure, ariko yubahiriza amategeko.


Egide Nduwimana

Messages

  • Erega bumwe mubwobushirahamwe buvugango ntibuharanira ivyicaro muri reta nibwo buhengera bavuyengaho gusinya, bukacabuja muribamwe murabo bakuru bimigabwe bukababwirango’ igihecose muzoshaka gukorana ntimuzorinde kwigora ngomurinivyo mwubahiriza muranzopfagukorana ukomwishakiye ngokuko udushirahamwe twishi twigenga turabashigikiye nibababuza tuzocatubafasha kubavuganira.

  • mbega bamwe birirwa barisiba kumaradiyo, boba baributse kuvuga ko nkurunziza batamushaka koyitoza????????? ejo ntituze tubumve muri kabizi no mubaduserukira ngo nkurunziza ntaze yitoze, atarwandiko basinye imbere ya honyangahonyanga!!!!!!!!

  • Wewe wiyita Mama uravuga nabi nk,Ingoma yanyagiwe.iyo mubuhungiro uri wewe ujejwe iki?umuntu aravye ivyiyumviro vyawe urumushonji uriko urondera uko usega abategetsi mukwiyandikisha utujambo tutagira mvura.udushirahamwe?icombwira amashure wagarukiyemwo ariko mwese mwiyumvira co kimwe kuko 0 0=0.

  • MBEGA SHA GERARD KUSHIRA AMASHURE IMBERE, WOBA UZI AYO RUFYIRI AFISE????????????? KOMPONRA MBONA PACIFIC AMWIKORAKO NGO NAMUSERUKIRE!!!!!!!!!!! JEWE NAHERUTSE AFISE IMPAMYA BUSHOBOZI MUVYO GUSHONA IBIRATO!!!!!!!!!!!!! HAKABA HARIZINDI MPAMYA BUSHOBOZI AFISE URAZIMBWIRA!!!!!!!!!!!! MUGABO UHORA WUMVA INGENE AHORA AVUGANABI UMUKURU WIGIHUGU AMWIFATIRA MUGAHANGA, UMUSHIKIRANGANJI WIKIGEGA CALETA, NABANDI NABANDI NONE ABOBOSE NABO ARUSHA AMASHURE????????? MWANKA MWEMERA AMATORA AZOBA.

  • Ntawutobishyima kabiza, mugabo muzokwame mugerageza ibyo muvuga byame bija no mungir’ aho kwama biborera mumpapuro. www.impanda.fr niko bama babivuga nuko mutabumva.

  • Gerard mwana wa mama .rekana nuwo mama ntabuhugiro arimwo ajejwe kwerekana ko DD ariho gusa niba kakaburungo ubugugu bwabo bazi ko abasomyi bose ari bigugu nkabo komera ncuti ntugashavuzwe nibinywamaraso .turabababona ntaho bariko baraja

  • AMATORAZOGENDANEZA HAMWE ABANYEPORITIKE BOSENYERA KUMUGOZUMWE BAKAGIRAKARIMI KEZA MUBANYAGIHUGU.

  • @Gerard, mazimisi ndakwumviraza mengo mbayimpunzi vyokunezera? Ariko iconokubwira nubundi nuko nabahunze batari bamenje, kandi jewe unyise ko ndimpunzi ntanakimwe bintwara kuko hariho nabonumva barimwubwobuhunzi uvuga bitwimpunzi birirwa bafasha abataribake ngaha iwacu mu Burundi Imana rero irashoboye ntakiyinanira umuntu irashobora kumutezerezimbere aharihose mugihe agihema impemu zabazima. Kubijanyenavyo nivyowavuze kontize jewe sinzi icowashatse kuvuga! Wobawashatse kuvugako ntize amashure ameze nkinzo njavyi zinyegeje mwutwo dushirahamwe kugira ziturire igihugu bitacabo? Jewe dashimira Imana ko ntagiye mwishure ryokunyigisha kugambarira igihugu canje. Mperutse kunezerezwa nukuntu udukuru tumwe twutwodushirahamwe duherutse gutwara ikirego cokugambanira igihugu bita cabo muri Lahey ngocokurega reta yu Burundi kubijanye numushingwamaza Rupyfikiri bakakibatera. Akarinyuma karahinda kandi akataretse kabagasema, Ariko abasenga ndizeye kobakomeza kubasengera kugira ibinyoma bibavemwo nubugambanyi, nivyo vyokwihaya ko mwize kubesha gusumvyabandi bibavemwo mwizina rya data watwese niryumwana, niryamutima mweranda. Amina.

  • OYA MAMA NIMBA NYENE URI MAMA NAWE NTIWOKWANKA COMPETITION ???ABA DD NTA COMPETITION BASHAKA EN TEMOIGNE INGENE BAKORA KURI TERRAIN ..ERGA MWESE NIMWANKE DESORDRE NIHO TUZOCA MES CHERS!!!!

  • BAREKE TWESE ABABIKWIYE TUJE MU MWIDEGEMYO MU MATORA ....EREGA DD YO YARAHEJEJE KWIYAMAMAZA !!!NONE KA EDOUARD NTIKABIGIRA KABIZI..ARAHENDA ABANDI NTAWE BAZI KUKO NTACO AKUNDA ....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.