IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Boston: Patiri atoye ubwenge yari yapfuye yemeje ko Imana ari (...)

Boston: Patiri atoye ubwenge yari yapfuye yemeje ko Imana ari Umugore

lundi 23 Ruhuhuma 2015

I Boston umurwa mukuru w’intara ya Massachussetts hari umupatiri yagiye kwa muganga afashwe bukumbi n’indwara y’umutima amaze umwanya ashitse mu minwe y’abaganga, niho batangaza ko yapfuye. Uwo mupatiri asubiye gutora ubwenge yavuze ko yagiye mw’ijuru maze ahura n’Imana, aca yemeza ko Imana ari ingore (femelle).

Inkuru iriko ica ku binyamakuru bitari bike vyo kw’isi ni iy’umupatiri azwi kw’izina rya John Micheal O’neal. Uwo wanyuma afise imyaka 71, yatwawe kwa muganga kw’igenekerezo rya 29 Nzero 2015 afashwe bukumbi n’indwara y’umutima. Ashitseyo nta mwanya munini yamaze, abaganga bavugako yapfuye ariko bagumye bagerageza n’ivyuma vyabo. Bakoresheje icuma LUCAS2, abaganga barashoboye kugabanya ivumbuka ry’imirindi y’amaraso yava mu bwonko bw’uwo mu patiri maze arasubira gutora ubwenge.

Nk’uko amakuru dukura mu kinyamakuru Daily Monitor, Patiri John Micheal O’neal yatoye ubwenge inyuma y’iminota 48. Yaciye yemeza ko yagiye mw’ijuru akabonana n’Imana, yongera avugako yasanze Imana ari Umugore ariko afise ubugwaneza kandi aruhura.

Patiri John Micheal O’neal agira ati:" Ndayibonye narakangutse ariko ncansubira ngira ihumure. Ijwi ryayo ni nk’iry’umugore kandi riroroshe kwumviriza kandi Imana ifise ibishobisho nk’ivy’umuvyeyi. Kuba nabonye Imana ari Umugore Mweranda atari Data Mweranda (Sainte Mère au lieu d’un Saint-Père) ntaco vyambwiye gikuru n’uko yombera ico ndamwipfuzako".

Iyo nkuru imaze kuvugwa kw’isi, yarateye ingorane mw’ishengero rya Catholika yatumako inama kugira ihumuriza imitima yongere ibeshuze ivyo Patiri John Micheal O’neal. Ariko wewe ntiyemera ivyo bavuga kandi yemanga ko azoguma akwiragiza ubutumwa yakuye mw’ijuru.

Agira ati:"Nzobandanya nkwiragiza ubutumwa, nshaka gusangira ubumenyi bushasha bw’Umuvyeyi, bw’Umwana na Mutima Mweranda hamwe n’aba Catholika eka n’aba Kristu bose. Imana ni nkuru kandi irakomeye naho ari Umugore"Je souhaite continuer à prêcher », a dit le vieux prêtre. « Je veux partager mes nouvelles connaissances de la Mère, du Fils et du Saint-Esprit avec tous les catholiques et même tous les chrétiens. Dieu est grande et toute puissante en dépit d’être une femme… »"

Inama nkuru ya Catholika y’i Boston ntiyemera ivyo Patiri John Micheal O’neal avuga, ashobora n’ukudasubizwa mu mabanga yiwe. Umwungere mukuru wa Catholika i Boston, Sean P. O’Malley yasohoye urwandiko ruvugako Patiri John Micheal O’neal yagize ihahamuka rivuye ku bwoba bwo gupfa, ariko ko Imana atari Umugore.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.