IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Brésil : Uburundi bwaserukiwe mw’ihiganwa ry’abana bahoze mw’ibarabara

Brésil : Uburundi bwaserukiwe mw’ihiganwa ry’abana bahoze mw’ibarabara

jeudi 27 Ntwarante 2014

Abana bahoze mw’ibarabara bahurikiye mw’ishirahamwe New Generation bafashe urugendo rubashikana mu gihugu ca Brésil aho bagiye guserukira Uburundi mu nkino mpuzamakungu zihuza imirwi y’umupira w’amaguru y’abana bo mw’ibarabara.

Isaha zibiri z’igitondo c’uwu wa kane w’igenekerezo rya 27 Ntwarante, indege y’ikompanyi Kenya Airways yazindutse irerura umurwi w’umupira w’amaguru w’abana bahoze mw’ibarabara. Uwo murwi uriko ugenda ugana igihugu ca Brésil neza na neza mu gisagara ca Rio de Janeiro ahatanguye inkino zihuza ibihugu vyo hirya no hino kw’isi bifise imirwi nk’iyo.

Umurwi wagiye uyobowe na Dieudonné Nahimana asanzwe arongoye ishirahamwe New Generation ryakuirikiranye abo bana, uzohura n’imirwi 15 y’abahungu, yose ivuye hirya no hino kw’isi. Muri iyo, harimwo ibihugu 3 vyo ku mugabane wa Afrika, arivyo Burundi, Kenya na Afrika y’epfo.

Izo nkino zatanguye uno munsi kuwa kane, zizorangira kw’igenekerezo rya 06 Ruheshi 2014, hasigaye iminsi mikeyi kugira hugururwe amahiganwa y’igikombe c’isi yose kizobera muri ico gihugu nyene.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Kuba dufise abana baba mw’Ibarabara ni agateka canke ni Ivumwe?Mbega USA,Canada,France,... vyoba vyaserukiwe canke vyabuze ayo «mahirwe» Uburundi bwaronse?

  • Wewe kabizi ba ubanza gusoma neza imbere y’ugushikiriza iciyumviro. Ni ihiganwa ry’abana bahoze mw’ibarabara, apana abana bo mw’ibarabara. Hama kuba Uburundi bufise abana bahoze mw’ibarabara si ivumwe, kandi si ivyago. Ni kahise k’igihugu c’Uburundi, kandi wibuke ko kahise k’igihugu kadategerezwa gusa n’ikibindi bihugu vyose. Kuba USA, Canada, etc bitaserukiwe ntaco bivuze. Uburundi bwaserukiwe kubera bufise abo bana. Reka bahure bakine, batwenge, banezerwe, nabo berekane ko baryoherewe kubaho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.