IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Bruno Simbavimbere :" Ndavye "sms" Cedric yanyandikiye vyerekanako ashaka (...)

Bruno Simbavimbere :" Ndavye "sms" Cedric yanyandikiye vyerekanako ashaka kuncapfuza"

mardi 4 Munyonyo 2014

Bruno Simbavimbere arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi(Amical des Musiciens du Burundi) aranegura inyifato ya Cedric Bangy kuko ariko ashaka kumucapfuriza izina. Memba arerekana ko ivyo Cedric avuga bitagira ifatiro ahubwo ko ari ishari ataco rifatiyeko, abikura muri "sms" (ubutumwa bugufi) Cedric Bangy yamwandikiye.

Memba arongoye Amical des Musiciens du Burundi

Inyuma yaho Cedric Bangy yagirije Memba arongoye Amical des Musiciens ko yanse amatora, uwo yagirizwa avuga ko atigeze yanka amatora kuko icari kimuraje ishinga vyari bimwe mu bibazo vyari bihanze ishirahamwe. Muri ivyo avuga nk’ikibazo c’itegeko rikingira ibikorwa vy’abanyamyuga (Droit d’Auteurs) ryabonetse bitoroshe, ikindi n’uko yariko agerageza guhuza abaririmvyi n’ubushikiranganji b’urwaruka inkino n’imicokama. Aravuga ibiteramo vyateguwe muri iyo ntumbero. Memba arerekana ko kuva mu mwaka w’2010, abaririmvyi b’Abarundi batanguye kwitaba isabukuru rya SICA. Abaririmvyi nka : Steven Sogo, Albert Kulu, Shazi Cool, Emelance Emy, umurwi Nkunda abantu. Abantu hamwe n’abamenyeshamakuru Christian Nsavye na Excellent Nimubona baramaze kwitaba isabukuru kandi benshi baramaze kuronka ubushimwe.

Memba avuga ko atigeze arera amaboko kuko ishirahamwe rimaze kwagura imbibe, rigeze mu ntara 10 z’igihugu, ari naco gituma ihimbazwa ry’umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umuziki washoboye kubera hirya no hino mu gihugu. Memba ati : " Uburongozi bwa Amical ntaco ndabukuramwo atari kwitanga". Amical iritaho abaririmvyi kuko irahuza n’abatase, Memba ati : " Ivyo na Cedric arabizi kuko narigeze kumufunguza igihe Kidum yamupfungisha canke igihe yarwana na Fariouz".

Memba avuga ko abaririmvyi bariko bamenyekana muri kino gihe benshi baronswa impanuro z’ishirahamwe, ribafasha kandi gutegura ibiteramo vyabo mu kubaha urusha bitagoranye. Ikindi uwo murongozi avuga n’uko hariko hatuganywa inama rukokoma mu ntango z’umwaka w’2015, aho ibibazo vyose bizovugirwa.

Memba arerekana ko Cedric ivyo avuga vyose abitegwa n’umugambi mubi afise wo kumucafuza, abivuga afatiye ku butumwa bugufi "sms" Cedric yamwandikiye kw’igenekerezo rya 24 Gitugutu amubaza igituma atamushira ku rutonde rw’abaririmvyi b’igiteramo co kuri iryo genekerezo nyene categuwe n’ubushikiranganji bw’urwaruka. Nk’uko tubisoma muri ubwo butumwa Cedric Bangy yarungikiye Memba, Cedric yemereye Memba ko nawe agiye kumurwanya. Memba akavuga ko bitokunda ko abaririmvyi bose boherera mu giteramo kimwe.

Memba asaba Cedric Bangy ko yoreka kumwararaza, ko namba afise ikibazo yomushikira canke agaca mu rwego nyobozi rw’ishirahamwe akareka gutukana aciye kuri "Facebook".


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Mwese ukomuribabiri mukaba mutituye ubutingane mwese ntaciza muriko muragiriranira ndavye ivyo Cedrec yandikiye Buruno binyerekako yishakirako baterana amakambo asanogutukana icoyarigukora yarikwitura inzego zikabatunganiriza.Hanyuma nawe Bruno ndagusavye witure abashobora kubahanura kuko ahakukinyamakuru ivyotubahanura nibinyenevyokubarungika kubobahanura murikumwe mwebwe babirimumasomuyandi, kukondikondabona abarundi twagize umugenzo ivyogushaka gukenyurira ibibazo mwitangazamakuru

  • Twee Turazi Memba, Ariwe Bruno Simbavmbere, ntiyera ngo de, kandi turazi neza Cedric,nawe ntiyerae ngo de. Nivyo nibiture Inaraeribonye zibuzurize. Mem,ba yavuzeko ataco akura muri AMR ,amaze imyara mirongo ayo bora iyo Amicale, ivyuma bivuye i Buraya amira nka ya mfyisi, akavuye hehe aterera mwijigo, instriments zavuye en suise amira mugab yubahutse kuvuga ko ataco ahatora. Amahera Ministere igenera amicale ntawumenya uko acungwa, compte ya Amicale muri Interbank sinzi ko hari Ikiriko,bref si umweranda, na competences zo kuyoborq organisatio nkiyo, igakora neza ata nduru zirangwamwo ntzo yigirira,ilm est partie aux conflits. None ka bumuhanuzi wa amicale wa kera nosaba ko namwebwe mwashizeko iyinkuru mwokumbviriza Cedric, aserukira aba curaranzi benshi batagira/baniganwa ijambo. democratie siyabanyaolitike gsa n;abanyamyuga irabaraba..

  • umenga uwo mugabo Memba naramubonye mu Ruziba ku musi wa 21 Gitugutu 2014 arikumwe n’abandi bagabo bane biseguye inkumi zitanu bariko birenza za Heinken.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.