IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Abantu batatu bo mu muryango umwe baragandaguwe

Bubanza : Abantu batatu bo mu muryango umwe baragandaguwe

samedi 23 Munyonyo 2013

Abantu batatu bo mu muryango umwe baragandaguwe mw’ijoro ryo kuwa kane rishira iryo kuwa gatanu ku musozi Rugeyo, zone Ntamba, komine Musigati, mu ntara ya Bubanza.

Nk’uko bishikirizwa na musitanteri wa komine Musigati, hari nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro aho umurwi w’abantu batanu bitwaje ibirwanisho batera urugo rwa Misigaro Léonce. Inyuma y’ukubomora urugi, baciye barasa nyenurugo aca yitaba Imana muri uwo mwanya nyene. Umupfasoni w’uwo yari ahejeje kugandagurwa n’abana biwe barakomeretse baca bajanwa kuvurirwa ku bitaro i Bubanza. Ntibashoboye gushikanwa kwa muganga kuko uwo mukenyezi n’umwana umwe baciye bitaba Imana.

Isaïe Niragira, musitanteri wa komine Musigati abandanya amenyesha ko abakoze iryo bara bataramenyekana, akikeka ko amatati y’amatongo ariyo yoba ari inyuma y’ubwo bwicanyi. Ivyo abishikiriza yisunze ko uwo yagandaguwe Misigaro Léonce yaheruka gutsinda urubanza rw’itongo yari afitaniye n’ababanyi biwe. Musitanteri wa komine Musigati asaba ko umutekano wokwongerezwa, kuko ritabaye irya mbere abantu bitwaje ibirwanisho bateye imiryango bakagandagura abo bahasanze. Mu kiringo c’iminsi idashika cumi n’itanu, abantu batanu nibo bamaze kugandagurwa muri iyo komine, bakaba bakeka ko bazize amatati y’amatongo muri iyo komine nyene.

Mu giporisi mu ntara ya Bubanza bamenyesha ko bamaze gufata umuntu umwe ku mvo z’amatohoza. Remegiyo Nzeyimana arongoye igiporisi mu ntara ya Bubanza ahamagarira abanyagihugu kudoma urutoke ku bantu bazi boba batunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha.


Egide Nduwimana

Messages

  • pole sana kandi Imana Izigame abasigaye muruwo muryango,Igiporisi gikoreshinguvu zose kugirabo bicanyi bazafatwe nabo bicwe kuko bakozikibi gikomeye,duhagurukire guhana inkozizibibi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.