IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bubanza: amabi akorerwa abanyeshure yabaye ndanse

Bubanza: amabi akorerwa abanyeshure yabaye ndanse

jeudi 3 Nzero 2013

Haraheze igihe kitari gito mu ntara ya Bubanza havurwa amabi yo gushurashuzwa akorerwa abanyeshuri muri bo mbere hariho n’abatwara imbanyi ariko gushika ubu abagirizwa ivyo vyaha baracidegemvya.

Inyuma y’aho hibonekereje abanyeshuri bakorerwa amabi yo gushurashuzwa mu ntara ya Bubanza umuyobozi w’ishure ry’intango rya Bubanza asaba buramatari w’intara ya Bubanza ko yokora ibishoboka vyose kugira amabi akorerwa abanyeshure mu ntara yiwe ahanwe.

Kubwo uwo muyobozi, ngo abategetsi bamwe bamwe na cane cane abigisha hamwe n’abandi bategetsi mu ntwaro baridegemvya mu gihe bari mu bagirizwa ivyo vyaha mbere nimitahe yo kubahagarika ikaba yarasohotse.

Nkuko uwo muyobozi abandanya abivuga,muri abo ngo harimwo umwigisha wo kw’ishuri ry’intango rya Miziru yatwaje inda umunyeshuri wo mu mwaka wa kane ariko gushika ubu akaba atarahanwa.Uwundi ni umunyeshuri wo mu mwaka w’indwi yatwajwe inda n’umwigisha ariko n’ubu umwigisha akaba yidegemvya,n’umukuru wa zone Muyebe akaba yaratwaje inda umwigeme akaba mbere atabihakana.

Uwo muyobozi rero akaba yibaza igituma ubutungane ataco bukora ngo buhane abo bagirizwa ivyo vyaha ku nyungu y’igihugu niyo urwaruka.

Kubwo umuyobozi w’amashuri muri komine ya Bubanza,asaba buramatari ko yogira ico akoze ku bijanye n’izo ngorane ziri mu ntara yiwe.

Twobamenyeshako intara ya Bubanza iri mu ntara zirimwo abagabo bafise abagore benshi nkuko icegeranyo c’ishirahamwe ADDF co mu mwaka wa 2010.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.