IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bubanza: Gucukura ubutare birabangamiye ikibira

Bubanza: Gucukura ubutare birabangamiye ikibira

mardi 8 Nzero 2013

Inyuma y’intara za Muyinga,Kirundo na Cibitoki,inama mpuzamakungu mu karere k’ibiyaga binini CIRGL yaratunganije inama yo guhanahana ivyiyumviro ku bacukura ubutare,ku batware no ku nzego z’umutekano mu ntara ya Bubanza mu ntumbero yo gutunganya neza icukurwa ry’ubutare.

Mw’ijambo ry’ikaze,buramatari w’intara ya Bubanza Anselme Butoyi yaramenyesheje ko intara ya Bubanza ifise ubutare butari buke ariko ko icukurwa ryabwo n’ingene budandazwa bidakurikije amategeko ari naco gituma bari batunganije iyo nama.Kuri ivyo rero akaba yarashimiye abari batunganije iyo nama aca atumirira abasanzwe bacukura ubutare bataribaserukiwe ku rugero rushimishije ko bokwubahiriza itegeko rigenga gucukura ubutare kuko ari ngira kamaro ku miryango yabo,aho babaye no ku gihugu cose muri rusangi.

Inzego z’umutekano hamwe n’abajejwe intwaro basabwe kuba maso kugirango isi y’U Burundi ntitwarwe n’akarwi kamwe gusa k’abacukura ubutare.Akarorero kamwe kababaje ni ako muri komine ya Musigati aho icukurwa ry’ubutare rikorwa mw’ishamba cimeza rya Kibira mu gihe itegeko rishasha rigenga ubutare n’ibitoro m’U Burundi rivuga ko kizira kikaziririzwa gucukura ubutare mw’ishamba cimeza.

Damien Mbonicuye,umuyobozi w’amakariyeri n’ubutare akaba yaboneyeho akaryo ko gusaba inzego z’umutekano gucungera no guhagarika abo bose bacukura ubutare mu Kibira kuko bari mu bahonya ibidukikije.

Twobamenyesha ko abari bitavye urwo ruganda bashimiye abatunganije kuko yatumye bamenya amategeko agenga gucukura ubutare kandi bakaba bemeye gukora ibishoboka kugira iryo tegeko rifashe igihugu cose.


Grâce Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.