IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Umukuru w’igiporisi yagirizwa gutoteza umuryango w’Abanyarwanda

Bubanza : Umukuru w’igiporisi yagirizwa gutoteza umuryango w’Abanyarwanda

mercredi 9 Mukakaro 2014

Mu ntara ya Bubanza, hari umuryango w’abanyagihugu bafise ubwenegihugu bwo mu Rwanda uvuga ko uriko urahohoterwa n’umukuru w’igiporisi muri iyo ntara, Remejiyo Nzeyimana. Uwo muryango uvuga ko hoba ari mu ntumbero yo kubanyaga utwo babiriye akuya. Mu giporisi barabihakana, ariko batanu mu bagize uwo muryango barasubijwe mu Rwanda.

Amakuru dukura muri uwo muryango avuga ko vyose vyatanguye igihe HASABUMUTIMA François, umuyobozi (Gérant) wa INTERBANK ishami ryo mu ntara ya Bubanza, yahanura Aline NAKURE, imfura yo muri uwo muryango w’abanyarwanda, ko yoreka urudandazwa rw’umuceri yari amazemwo imyaka, bagaheza bagatangurira hamwe urundandazwa rw’ukurangurisha imikate (Boulangerie). HASABUMUTIMA François yemereye Aline NAKURE ko yomufasha kumuronsa ideni muri banki arongoye i Bubanza, ariko amusaba gutanga ingwati. Inyuma y’ukugwatiriza inzu y’umuvyeyi wiwe Agnès MUKANDAHIRO, umutamakazi aba mu Burundi kuva mu mwaka w’1959, Aline NAKURE yararonkejwe ideni ry’imiriyoni 20, ari nazo zamufashije gutanguza urwo rudandazwa ari kumwe n’umupfasoni wa HASABUMUTIMA François, umuyobozi (Gérant) wa INTERBANK ishami ryo mu ntara ya Bubanza, aho mukamenya ko ubwiwe atashobora kuboneka mu rudandazwa kuko amategeko atabimurekurira, nk’umukozi wa banki.

Uwo mugambi ntiwabandanije neza ku mvo z’uko batariko barunguka

Aline NAKURE yarahagaritse urudandazwa rw’umuceri yari amazemwo imyaka itari mike, atangura urw’imikate (Boulangerie), ari kumwe n’umupfasoni wa HASABUMUTIMA François. Amakuru duhabwa n’abo mu muryango wiwe, avuga ko bompi ata mahirwe bagize, kuko basanze batariko barunguka nk’uko bari bavyiyumvira bagitangura umugambi. HASABUMUTIMA François, umuyobozi (Gérant) wa INTERBANK ishami ryo mu ntara ya Bubanza yaciye afata ingingo yo guhagarika ukwo gukorana, ukutumvikana kuba kuratanguye kuko Aline NIKURE atumva ingene umugambi wogarukirizwa hagati, bakawumutana, kandi banki itararihwa umwenda, n’inzu yagwatirijwe atari na rwiwe. Aline NAKURE yaciye afata ingingo yo kwitura sendika y’abadandaza SYGECO kugira ikurikiranire hafi ikibazo ciwe.

Ikibazo ciwe avuga ko caciye gihundura intumbero

Kuva aho yituriye sendika y’abadandaza SYGECO, abavukanyi ba Aline NAKURE bamenyesha ko yaciye atangura guterwa ubwoba na HASABUMUTIMA François, uwo muyobozi (Gérant) wa INTERBANK, amumenyesha ko azomwereka, mbere aca atangura guhabwa n’imitahe y’ukwitaba imyamiramabi. Umutahe wa mbere yawurungikiwe na Remejiyo NZEYIMANA, umukuru w’igiporisi mu ntara ya Bubanza. Yitavye kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2014, yagirizwa ko aba mu Burundi atabifitiye uburenganzira. Umuryango wa Aline NAKURE uremera ko impapuro yari afise zari zaheranye n’ukwezi kwa Ruhuhuma, ariko ukamenyesha ko ubuserukizi bw’Urwanda mu Burundi bwari bwamuhaye urundi rupapuro yerekana mu kurindira ko aja kurondera izindi mu Rwanda. Kw’igenekerezo rya 2 Mukakaro, niho Aline NAKURE yashikanwa ku mupaka Uburundi buhana n’Urwanda, aherekejwe na Remejiyo NZEYIMANA, umukuru w’igiporisi mu ntara ya Bubanza. Uwo muryango w’abanyarwanda ukabona ko ari iterabwoba bariko barawukorako, kuko na Jeanine UWERA, mutoyi wa Aline NAKURE nawe yaciye atabwa muri yompi, yagirizwa ko nawe adafise ivyangombwa bimurekurira kuba mu Burundi. Mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, umuryango w’umutamakazi Agnès MUKANDAHIRO, nyina wa Aline NAKURE, wazindutse usanga igiporisi cakikuje urugo rwabo, gica kigenda gitwaye batatu muri basaza ba Aline NAKURE, aribo RUTAYISIRE Thierry, RUTAYISIRE Olivier na RUTAYISIRE Michel. Kuva bagifatwa, baciye bajanwa kwumvirizwa mu giporisi, amakuru duhabwa n’umuryango wabo akamenyesha ko kuri uwo munsi nyene baciye barara basubijwe mu Rwanda, ubu akaba ariyo babarizwa. Tubamenyeshe ko muri abo basubijwe mu Rwanda harimwo n’abana ba Aline NIKURE, muri abo basaza biwe nabo hakaba harimwo babiri bari bakiri mu bibazo kw’ishure, umwe yariko asubiramwo ivyamunaniye (repechage), uwundi nawe akaba yariko yitegurira ca kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu mashure ya Kaminuza (Examen d’Etat).

Mu giporisi barahakana ko atawe bariko barahohotera

Uruganda rw’itangazamakuru mu kinyamakuru IGIHE rwararondeye umukuru w’igiporisi mu ntara ya Bubanza, Remejiyo NZEYIMANA, amenyesha ko igikorwa ariko arakora ari akazi kiwe ka minsi yose, akavuga ko ariko arondera abadakwije vyangombwa bitanga uburenganzira bw’ukuba mu Burundi.

Mu gihe Aline NAKURE ariko ararondera ivyo vyangombwa kugira agaruke mu Burundi, mu muryango wiwe basaba ko umutekano wiwe wokwubahirizwa, itotezwa bavuga ko bariko barakorerwa rigahagarara, abadafise ivyangombwa nabo babareke baje kubirondera. Muri uwo muryango baremera ko bazoriha iryo deni rya INTERBANK, ariko bagasaba basi ko boririha badasabwe inyungu (intérêts) kuko uwabo (Aline NAKURE) yatawe mu rudubi n’uwari ajejwe kumutunganiriza, ariwe HASABUMUTIMA François, umuyobozi (Gérant) wa INTERBANK ishami ryo mu ntara ya Bubanza, nk’uko tubikura mw’ikete uruganda rw’itangazamakuru mu kinyamakuru IGIHE rufise, ryarungikiwe umuyobozi mukuru wa INTERBANK ku rwego rw’igihugu, kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi 2014.

Mu buserukizi bw’Urwanda mu Burundi bavuga ko batangazwa n’ingene umuryango umwe gusa mu ntara yose ariyo woronderwako ivyangombwa, hagakurikira ukubirukana ubutarariye. Dieudonné NKURUNZIZA, umunyamabanga mukuru muri ubwo buserukizi amenyesha ko ico kibazo bamaze gutangura kugikurikirana, bikaba bitegekanijwe ko bazoganira n’abajejwe intwaro mu ntara ya Bubanza, kugira bashobore kugitorera inyishu.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Je voulais remercier enormement ceux et celles qui nous aides et qui continuent de nous aider. Abadutoteje n abishimiye ko dutotezwa Imana ibabarire cane cane ko aribo bake cane en comparaison n abadufashije canke bababajwe n ivyo twakorewe.

  • Iyo nkuru irahengamye! Uyo Françcois HASABUMUTIMA muramuvuga cane ariko ntimwamurondeye kugira ngo nawe agire ico bavugako!

  • ibi bintu birasekeje cyaneee! ubu se uyu mu polisi hamwe nuyu wa bank babonye ko nibirukana uyu mukobwa bizishyura amafaranga yahawe?biragaragara ko uyu mu polisi akoreshwa nuyu wa banque, ariko birababaje kuko ibuye ryagaragaye ntiriba rikishe isuka.uwo mukobwa naze murwanda ubundi twebwe murwanda duhabwa laisser passer mumunsi umwe nawo utuzuye, maze ajye kuri embassy i bujumbura, maze arebe ko ibyo byuwo mu polisi bidata agaciro kuko ntakuri kurimo usibye inyungu.

  • Pour avoir une information équilibrée, nous demandons au journaliste Egide NDUWIMANA du journal IGIHE d’aller approcher le Policier et le banquier pour avoir leurs commentaires. Ururimi rw’umwe rukamwa ayera!

  • Juste or Justice, wowe udahengamye ko utabajije igituma birukana abavukanyi bose ba Aline kandi ntaho bahurira n iyi conflict? I Bubanza namba uhazi haba abanyarwanda benshi, iyi famille ni yonyene idafise ibiyiranga? Ihora ihoze sha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.