Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Umunyororo yafashwe yari yatorotse
Bubanza : Umunyororo yafashwe yari yatorotse
mardi 2 Nyakanga 2014
Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, amasasu yarumvikanye mw’ibohero ry’i Bubanza, nk’igihe c’isaha zitatu z’agatondo. Yari umunyororo atorotse, akaba ariko yaciye agarukanwa n’abajejwe umutekano bamufatiye ku musozi kidahwe, uri muri iyo ntara ya Bubanza.
Mu gihe yari agiye kuvoma amazi ari kumwe n’abandi basanzwe bapfunganwe, umwe banyororo bo mw’ibohero ry’i Bubanza yari yaciriwe gupfungwa imyaka indwi, yaratorotse. Abajejwe umutekano bamaze kubibona, bararashe amasasu yumvikanye muri iryo bohero, ariko uwo munyororo arabahungana. Abajewe umutekano bamufatiye ku musozi Kidahwe, uri muri komine Bubanza, intara ya Bubanza, aca agarukanwa mw’ibhero.
Uwo munyororo yagira atoroke yari amaze amezi atandatu apfungiwe mw’ibohero ry’i Bubanza, ku myaka indwi yari yaciriwe yagiriwe n’icaha c’ugusogota imbugita umuntu.
IGIHE