IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Umunyororo yafashwe yari yatorotse

Bubanza : Umunyororo yafashwe yari yatorotse

mardi 2 Nyakanga 2014

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, amasasu yarumvikanye mw’ibohero ry’i Bubanza, nk’igihe c’isaha zitatu z’agatondo. Yari umunyororo atorotse, akaba ariko yaciye agarukanwa n’abajejwe umutekano bamufatiye ku musozi kidahwe, uri muri iyo ntara ya Bubanza.

Mu gihe yari agiye kuvoma amazi ari kumwe n’abandi basanzwe bapfunganwe, umwe banyororo bo mw’ibohero ry’i Bubanza yari yaciriwe gupfungwa imyaka indwi, yaratorotse. Abajejwe umutekano bamaze kubibona, bararashe amasasu yumvikanye muri iryo bohero, ariko uwo munyororo arabahungana. Abajewe umutekano bamufatiye ku musozi Kidahwe, uri muri komine Bubanza, intara ya Bubanza, aca agarukanwa mw’ibhero.

Uwo munyororo yagira atoroke yari amaze amezi atandatu apfungiwe mw’ibohero ry’i Bubanza, ku myaka indwi yari yaciriwe yagiriwe n’icaha c’ugusogota imbugita umuntu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.