IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abagabo basigaye bahohoterwa mu ngo

Bujumbura : Abagabo basigaye bahohoterwa mu ngo

jeudi 27 Ruheshi 2013

N’aho bivurwa cane ko abagore aribo bahohoterwa mu Burundi, ku rugero rwo hejuru n’abagabo babo, ubu ho uburorero butari buke buratanguye kwibonekeza mu ngo zimwe zimwe zo mu gisagara ca Bujumbura ko abagabo nabo basigaye bahohoterwa.

Kuvuga ko abagabo bahohoterwa mu ngo umenga ni agakengerwe kuwovyumva, ariko abatari bake bamenyesha ko Atari ukwo vyari bikwiye kugenda, ko nyabuna umwe wese yari akwiriye kuvuga ibitagenda neza, uguhohoterwa akorerwa maze abari mw’ishirahamwe ry’abagabo rirwanya uguhoterwa kugirirwa abashingantahe mu ngo bagaheza bakamufasha. Kuva aho iryo shirahamwe rigiriyeho, bimwe bimwe vyagiye biramenyekana, aha twovuga nk’ibijanye n’abagabo birukanwa mu ngo n’abapfasoni babo, abagabo barazwa hanze iyo ho bavuye kuyaga n’abagenzi babo abagabo baturubikwa n’abakenyezi babo, hari abakubitwa, abimwa ijambo ry’urugo, abimwa ivyo gufungura n’ibindi.

Muri iyi myaka rero, abagabo atari bake bavuga ko abakenyezi babo babata mu mazu maze bakaja kurondera abandi bagabo. Hari abavyara abana atari ababo, bagahora kuko atako baba bari bugire, ikindi naco bavuga ko yaba ubuhinga bw’ugupima bumwe bita ADN buriho mu Burundi, benshi baba bamaze gufatwa.
Ku va aho hadukiye intambara zitandukanye mu gihugu c’Uburundi, amahohoterwa atandukanye atandukanye, ay’abagore canke abagabo yagiye aribonekeza mu buryo butandukanye. Hari abicana, abacacurana ibihimba bitandukanye vy’umubiri n’ibindi. Abahinga mu vy’inyifato bavuga ko biva ahanini ku ntambara igihugu caciyemwo, kuko bitumvikana ingene umugabo canke umugore yokwica uwo bubakanye. Abakozi b’Imana n’abo bavuga ko ari igihe c’iherezo kuko batumva nabo nyene izo ngorane zaduka mu ngo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.