IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abahinga bakoranye mu nama y’umutekano wa Afrika yo (...)

Bujumbura : Abahinga bakoranye mu nama y’umutekano wa Afrika yo hagati

mardi 2 Kigarama 2014

Mu gisagara ca Bujumbura hatanguye kuva kuri uwu wa mbere inama igira 39 y’urwego rwamaho rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe umutekano muri Afrika yo hagati.

Iyo nama y’abahinga izomara iminsi itatu izokurikirwa n’iy’abashikiranganji b’imigenderanire y’ibihugu vyabo n’ayandi makungu izotangura kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika kurya 5 Kigarama. Aho hose, abo bahinga hamwe n’abashikiranganji bazorabira hamwe ikibazo c’umutekano muri Afrika yo hagati, bongere bisuzume aho bagejeje ishirwa mu ngiro ry’ivyari vyumvikanwe mu nama iheruka yagira iya 38 yabereye i Malabo muri Guinée Equatoriale, bijanye n’umugambi w’ugukura ibirwanisho mu banyagihugu, hamwe n’ukugabanya ibitigiri vy’ibirwanisho vyinjira muri Afrika y’ubuseruko.

Muri iyo nama bazorabira hamwe kandi n’ingene imirwi y’iterabwoba mu karere ka Afrika yo hagati.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.