IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abasasira indava ibikorwa vy’ubuhumbu bagiye gufatirwa (...)

Bujumbura : Abasasira indava ibikorwa vy’ubuhumbu bagiye gufatirwa ibihano

lundi 5 Rusama 2014

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura burarajwe ishinga n’ingeso mbi zimonogoje, aho urwaruka rutari ruke rwijukiye ubuhumbu, ari naco gituma mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bagiye gufata ingingo ruhasha kugira batuze izo ngeso.

Mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bavuga ko barajwe ishinga n’itituka ry’imico ryimonogoje mu gisagara ca Bujumbura, aho ivyo kudandaza umubiri vyabaye ndanse.
Ubunyamabanga bukuru bw’igisagara ca Bujumbura bumenyesha ko bugiye gufata ingingo ruhasha kugira batuze inzo ngeso, nk’uko vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, Thamar Sinigirira, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu.

Muri ubwo buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, bamenyesha ko hari cane cane urwaruka rwamaze kwijukira akazi ko kudandaza umubiri, ivyo navyo bikaba bibateye umutima uhagaze, kuko muri kino gihe hari n’abana usanga bapfuye mu buryo butangaje, aha bagatanga akarorero k’umwigeme aheruka gupfira muri karitiye y’icenda mu Ngagara.

Muri mairie ya Bujumbura basaba abasitanteri kuraba amazu yose akorerwamwo ubuhumbu, maze batange ibihano hisunzwe amategeko. Basaba ko amasaha yo kwugurura no kwugara ubunywero yokwubahirizwa, bagasaba kandi ba nyene amahoteri kuza barandika abakiriya babo, hamwe no guhimiriza abarongoye amashure gukorana n’abavyeyi mu gufasha mu ndero y’abana.


Floxella Karire

Messages

  • NIMUTENYENYE IZUBA RIGIYE KUGICEMURA.ARIKO NUKO MUSHAKA ABADANDAZA UMUBIRI NTIMUHASHE ABAWUGURA ABO BIGEME MURABARENGANYA KO NGO UMUTEGETSI RUNAKA NGO YAKUBITIWE MURI BOITE DE NUIT CANKE BAFUTANYE INDAYA RUNAKA ICOMBONA MWEBWE MUJEJWE IBISAGARA MUKWIYE GUHANURA ABO BATEGETSI CANKE NAWE URI MURUWO MUGWI WIKUBITE AGASHI WIRINDE KWIPFUZA KURYA UMUSHONJI UMUFATIYE MUKWAHA.MUTAHURE

  • Abandaza n abaguzi nibakurikiranwe bose.ariko nibaza ko hari
    aho mukora mugasha.Kuko uwo mubiri ugugwa n abanyamahera
    na cane cane abategetsI bamwebamwe.
    Umukobwa muzofunga mumufungane n uwo mwamufatanye

  • Ntibabarekekazima badakora Homosexualite iconzi sabanyamahanga babaca ubuhumbu n,abarundi ubworero biragoye ko nababikorana bakuze kandi aricabwenge.Ariko ababiteye nababangaje,batuma bakurira mwishamba bariko biratrapa.

  • Aho mwaravye musanga arivyo nyamukuru mwokora?! Ubusuma,ukunyaga,akarengayo,ubwicanyi n’ayandi mabwa mukora mwitwaje igikenye ko bitavugwa?! Umubiri..ugura uwuyafise kandi barazwi..none bobo ko badatumwako urutoke?!

  • DUFIS INGORANE NYINSHI IYO NI MINEUR BASHA ,,NONE UTAGIRA IVYO KURYA MUSHAKA AGIRE UBUNTU GUTE ,,!!!!! KO HARIHO ABAFISE AMAHERA BAKENEYE SEXE NONE ....

  • Tangure gutuza inyambaro zitabereye. Kuko nizo zerekana abakwegera abandi mubuhumbu. Nibikwize umubiri wose.

  • HOMME EST TITULAIRE DE SON PATRIMOINE.NONE KO TUBONA ABATEGETSI BADUDUGA RUGURU BITEKEREYE.UBU HO HARI NAC MAMAN BITEKERERA UDUSORE MBEGA NKAHO MUZOFATA NDE?ICIZA MBONA MWOCEMURA IKIBAZO CUBUSHOMERI SI NO LA PROSTITUTION VA S’AMELIORER NTAMUNTU AZO AZORARA UBUSA ABONA KO SERVICE CLIENTÈLE AYIFISE ABO BIDANDAZA NIMUBAHE IMITAHE BAKORE.ABABIKORANA AGAHIMBO MUBAREKE KUKO NI LOI DE LA NATURE MISTERE ET TU AS RIEN A CHANGE.UMUNTU ASIGA IKIMWIRUKAKO NTASIGA IKIMWIRUKAMWO.NI MUTAHURE NEZA

  • mbega karashiz’ingani agateka ka zina muntu kagume gahonyangwa kumugaragaro, None umuntu yemere apfe n inzara kandi abona afise agasundi, kandi abagakeneye buzuye, namwe nimurabe abaguzi, baba bafise amahera akwiye, kuko karazimvye. utarashiramwo aho ugafungurira, leta nimenye ko bikorwa Kubera ubukene, hagupfa uyu musi yopf ejo, kandi ikibabaje nuko babanduza SIDA Kubera ubukene barimwo.ikubite agashi leta urabe abanyagihugu bawe bariko baramererwa nabi

  • Kubwanje,nibabanz bavyige barabe ko atangorane zoza inyuma yo kubihagarika.erega bihagaze hakabneka ubuzi b8nshi ni bn!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.