IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abigisha batewe amakenga n’urwandiko rubasaba kuvuga ubwoko (...)

Bujumbura : Abigisha batewe amakenga n’urwandiko rubasaba kuvuga ubwoko bwabo

lundi 30 Munyonyo 2015, par egide

Sendika y’abigisha CONAPES iriyamiriza urwandiko rwakwiragijwe mu mashure yo mu gisagara ca Bujumbura, rusaba imyidondoro y’abigisha. Muri CONAPES batewe amakenga y’ingene urwo rwandiko rusaba abigisha kumenyesha ubwoko bwabo.

Urwo rwandiko rwakwiragijwe n’umuyobozi w’indero mu gisagara ca Bujumbura, ariko rukaba ruraba abigisha b’abakenyezi (canke abigeme) gusa. Kuri urwo rwandiko, umwigisha wese asabwa kwuzuza izina ryiwe, nomero imuranga mu kazi (numéro matricule), amashure yize, ico ajejwe mu kazi hamwe n’ishure akorerako, aho aba, ubwoko bwiwe hamwe na nomero ya terefone yiwe.

JPEG - 102.2 ko
Emmanuel MASHANDARI, umukuru wa sendika CONAPES

Umukuru wa sendika CONAPES, Emmanuel MASHANDARI, amenyesha ko urwo rwandiko rusaba ubwoko bw’umuntu ruteye amakenga. Mu gihe uwo arongoye CONAPES yituye ubushikiranganji bw’indero kugira ahabwe umuco w’urwo rwandiko, muri ubwo bushikiranganji bamumenyesheje ko atarwo bazi.

Emmanuel Mashandari hamwe n’abigisha bahawe urwo rwandiko basaba ko rwokurwaho, n’uwarurungitse agatanga insiguro z’ico iyo myidondoro irondererwa.


IGIHE

Messages

  • IVYO MUKORA MWABANTU BIMBERE BITEBA BIHINDUKE MWIBUKE HAMANI NA MORDICAÃŽ.NONE NO MUMASHURE NAHO.NIMWIBAGIRE KAHISE MUTEGURE KAZOZA

  • turashize! uko Niko byatanguye kuri leta ya habyarimana murabe maso barundi

  • Hageze ibibazo none bashaka kubasamaza. Aho abarundi babaniye ngo imyaka tutazi ko uburundi kuva bubaho tutari bwumve ubwobugesera vyoba bije ubu?
    Murarabe neza ntabe arabagomba guteranya mubabwire muti twebwe dusanzwe tuzinanye twese ubwoko buri mu Burundi ni 3 None hari ikigerekako gikenewe?
    Muraraba ntihabe ari umuvamahanga abirondera kuko twebwe turazinanye ntakindi dushaka atari umwimbu wubwo bwoko 3 dufise mugihugu.

  • ariko noneho Leta ya nkurunziza irarembye pe kuki bashaka kubarurra amoko yabo barimu ???? cg ni umutego abarwanya nkurunziza bari gukoresha ngo banduze isura yu butegetsi bwa nkurunziza kuko byose birashoboka kandi ikibabaje nuko abanditse ino nkuru batatwereka urwo rwandiko ngo turebe niba rwaravuye muri ministeri yu burezi kuko muri ministeri yu burezi barahakana ko batazi urwo rwandiko aho rwavuye ????

  • Abarundi namwe iby’ubwubwoko mwagombye kubivana mubutegetsi bwanyu. Hanyuma ubwo ba Sindumuja batabishaka umuntu akajya ahabwa akazi aribuko ashoboye. Kuko ba Sindumuja iyo bahembwe bajya kugura ibigwanisho . Igihe kirageze bakavanwa muri ako kazi

  • Abarundi namwe iby’ubwubwoko mwagombye kubivana mubutegetsi bwanyu. Hanyuma ubwo ba Sindumuja batabishaka umuntu akajya ahabwa akazi aribuko ashoboye. Kuko ba Sindumuja iyo bahembwe bajya kugura ibigwanisho . Igihe kirageze bakavanwa muri ako kazi

  • ariko ministeri yu Burezi mu burundi yavuze ko itazi urwo rwandiko ngo kuko iyo bandikiye abarimu bakoresha ubuhinga bwa none ngo si bakoresha urwandiko ngio kuberako imyirondoro yose ya barimu basanzwe bayifite ngo bakora ibarura ryiki kandi abarimu basanzwe babafite ngo ese bahemba gute abarimu batazi uko bangana ngo imyirondoro ya barimu yose barayifite ngo aho urwo rwandiko rwaturutse nabo naho bazi

  • Nkurumbi agomba adupfir nabi,ayo moko ayaronderamwo iki?natang ubutegetsi ayo macakubiri yiw azoyarya be na deniza

  • Nukwihangana Kobigeziyo

  • Nukwihangana Kobigeziyo

  • haha murarabe neza nomurwanda vyatanguye uko operation kamwekamwe igiye kuhinduka tubiritubiri

  • Ivy’amoko ni ngombwa,umuntu wese ubwiwe bukamenyekana, kuko nakare biyamirije manda ya 3 ya Nkurunziza bifuza gutwagwa na Arusha naho ariho ikibazo c’amoko kibarizwa.Ikibazo c’ubwoko nticokwirengagizwa kuko niyo ntandaro yamabi yugarije abarundi.Ubwoko ntawobuhunga kuko turi nabwo.

  • eeeeeeh muramenye ntimuzabikore eeeh uziko no muRwanda gonoside ariko yatanguye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.