IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Agahinda niko kaboneka ku baburiye utwabo mu muriro (...)

Bujumbura : Agahinda niko kaboneka ku baburiye utwabo mu muriro wadutse

lundi 4 Myandagaro 2014

Inyubakwa idandarizwamwo imiti y’ibitungwa, inzu y’ukwivuniramwo akanyota hamwe n’iyindi isanzwe irimwo ibikoresho vy’ubuhinga bwa none, nizo zahiye ziratokombera, inyuma y’umuriro wazadutsewo mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana.

Kuri uyu wa 3 Myandagaro, abariko bivuna akanyota bagiye babona umuriro waduka iruhande yabo, baca babona kuyanyaga. Ababibonye, bakavuga ko uwo muriro watanguye igihe c’isaha imwe y’ijoro ryo kuri uwu w’Imana. Mu mwanya muto, inyubakwa idandarizwamwo imiti y’ibitungwa, inzu y’ukwivuniramwo akanyota hamwe n’iyindi isanzwe irimwo ibikoresho vy’ubuhinga bwa none, zikaba zaciye zifatwa, zirasha ziratokombera. N’aho imiduga isanzwe izimya imiriro hamwe n’abaporisi banyarutse kuzimya, muri izo nyubakwa akaba ataco abahadandariza bashoboye kuharokora.

Amarira n’umwiheburo, akaba arivyo vyaranga ababuriye utwabo aho hafi y’ikigo c’ababikira ba bene Tereza w’i Calcuta, kw’ibarabara ryitwa avenue du Marche. Agaciro k’ibintu vyahatikiriye kakaba ari kanini cane, nk’uko twabibwiwe n’umwe mu bakozi bo muri ubwo bunywero. Yabariye ikinyamakuru IGIHE ko, amakarato y’ibiyeri agera ku majana atatu, hamwe n’ayandi arimwo ubundi bwoko bw’inzoga butandukanye, eka n’amafaranga yose yari yadandaje kuva ku munsi wa gatandatu, ata na kimwe cashoboye kurokoka.


Aristide Nizigire

Messages

  • Jewe nibaza ko ari impanuka zatewe n’umucanwa wa regideso. Atariwo naho, nibaza ko haturiwe na bougie amatara yacitse.

  • Jewe nibaza ko ari impanuka zatewe n’umucanwa wa regideso. Atariwo naho, nibaza ko haturiwe na bougie amatara yacitse.

  • Abo bari bahari nibo boduha umuco. Kuko umuriro wadutse ariho bari. Botubwira namba watutse hanze canke mu nzu. Canke batubwire neza ukwo watanguye tumenye imv o n’imvano murakoze.

  • yaaaa uko umukuru wanyu atahari,imiriro aca yaduka??kuva uburundi bubaho ntabintu vyari vyashe nko 9ans ya DD

  • Nan je nibaza KO aridayimoni yasaze

  • Nan je nibaza KO aridayimoni yasaze

  • Ariko ga Nwari, aba DD nibo vyose babigira? Erega ntivyoroshe. Mbe ko no mu Rwanda ibintu nk’ivyo bimaze iminsi bibaho, imiriro ikaduka, aba DD naho bariyo? Wogiye ubanza gushishoza ukitonda imbere yo kuvuga. Aba DD nibo batunze ibibiriti bonyene? Erega n’abatari aba DD guturira ntivyobananira!

  • Abarundi turateyi iso kabisa. Igiye mundwaro yabatutsi ibintu nkivyo ntivyabone abahutu murateyi isoni

  • Mbe weshs @Sagamba utambira umukuza urigusa .ufise imyaka ingahe??micombero,bagaza,buyobe,ndadaye,ntibbantunganya,ndayizeye, mbwira aho wumvise inzu zirega zitatu zahiye kumwaka???aba DD kuva mugiye mwishamba kwari guturira abanyagihugu,aMa amashuri,ibitaro etc kuva mutaguye gutwara nubu mugumA muturira? Uti nabandi bafise ibibiriti ego ariko ntamutima woguturira bafise.utari igi koko nkuko kwanyu gututira ibintu vyumuntu sivyoroshe kiretse waravumwe nimana nkuko kwanyu DD

  • Ewe CDD aho ntimwokwihanura ga mwa biphu mwe!! Mbe mwaravumwe?? Kuva mwishamba muturira imiduga nabantu igihugu twarakibahaye mugabo ingeso ntihwera eka murimihimbiri ese icompa IMANA igahitana iyo mihimbiri yoooose yaba DD

  • nwari kwabo ba president bose udondaguye,ntihahiye inzu3 gusa,ahubwo vyabaye akumiro.hahiye inzu zabahutu zose,havuyemwo iziwanyu abatutsi,none raba ukuntu uri kudukora munkovu wa mburamaboko we!.wewe uransesema.uratwanka aba CNDD-FDD ariko mugabo tuzobana wanka canke wiyahura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.