IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Hari ubusuma mw’ishirahamwe ry’ukwunguruza abantu

Bujumbura: Hari ubusuma mw’ishirahamwe ry’ukwunguruza abantu

mardi 20 Myandagaro 2013

Abagendesha imiduga yunguruza abantu ikorera mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko batangazwa n’amafaranga igihumbi bagiye guhora batanga ku muduga wose, mu gihe n’ayo bahora batanga angana ku majana atanu batazi irengero ryayo, kuva isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igatokombera.

Amajana atanu batanga ubwa mbere yari agenewe gukora isuku aho bahagarika imiduga, kwubaka agatutu kabo ndetse bakabubakira n’akazu ka surwumwe. Ariko ivyo vyose bavuga ko bitakozwe, ndetse zihagarara mw’iyarara, ahantu hateye isoni rwose. Mu nama yabaye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Myandagaro, ihuje bamwe mu bunguruza abantu n’abarongoye ishirahamwe ry’abunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, banyene amafaranga barabajije aho amajana atanu batanze ku muduga wose yoba yararoye, ariko ngo ntanyishu bigeze baronka, mu gihe babwiwe ko Deo Ntakirutimana batazira Gaposho batazi aho yayashize, ariko uwo Gaposho nawe akavuga ko yoba yasize amafaranga angana n’imiriyoni icenda.

Ubu rero abo bunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko muri iyo nama y’ejo hakoreshwa amajambo yiterabwoba gusa. Nk’akarorero, abo bunguruza abantu babariwe ko amafaranga igihumbi uwuzoyatoza azoba aherekejwe n’abapolisi babiri, maze uwanse kuyatanga aheze ajanwe gupfungwa. Ico gihumbi kigiye gutozwa ngo kizofasha mu kubombora ikigega gisanzwe kigeze aho umwansi ashaka, mu gihe amafaranga yose bakagiye baratanga batazi aho yaroye.

Turiko turarondera Deo Ntakirutimana yahoze arongoye iryo shirahamwe ry’abunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura co kimwe n’uwurongoye iryo shirahamwe mushasha, ariko ntitwashoboye kubaronka, turiko turabarondera kugira batange umuco kuri izo nkuru zose ziriko ziravurwa muri iryo shirahamwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.